Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jacob Zuma: Amagara ya Mandela yifashe neza
 Jacob Zuma: Amagara ya Mandela yifashe neza
 Jacob Zuma: Amagara ya Mandela yifashe neza
				
				mercredi 12 Ruheshi 2013
Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo aremeza ko amagara ya Nelson Mandela yifashe neza, abaganga bariko baramukurikirana, kandi ko abakunzi biwe baguma bambaza Imana kugira ikize ubuzima bw’iyo ntwari ya Afrika imaze imisi itanu ku ngoyi.
Jocob Zuma yabimenyesheje ku mboneshakure y’igihugu ca Afrika y’epfo ku musi w’ejo igenekerezo rya 11 Ruheshi 2013, mu kiganiro yatanze ari mu gisagara ca Cap Town, mu bumanuko bwa Afrika y’epfo ahasanzwe hari ibitaro Nelson Mandela arwariyemwo.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyamenyesheje ko bafise icizere ku baganga bariko baramukurikirana. Jacob Zuma yashikirije ati : « Nelson Mandela ni intwari, abamukurikirana nabo bakora ico bazi kandi akazi kabo turagakenguruka. »
Iyo ikaba ibaye incuro ya mbere abategetsi ba Afrika y’epfo bagize ico bashikiriza ku magara ya Nelson Mandela kuva yinjiye ibitaro.
Umuryango wa Nelson Mandela ukaba ubandanya kuja kumusuhuza. Ku muhingamo w’ejo, umukobwa wiwe n’uwahoze ari umutambukanyi wiwe nibo bari ku bitaro aho arwariye.
Egide Nduwimana
