IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kajaga : Umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi yishwe

Kajaga : Umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi yishwe

jeudi 14 Ndamukiza 2016, par egide

Phocas BAKAZA yahora ari umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi yagandaguwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu. Abamugandaguye bamusanze mu Kajaga aho yari, bamurasa amasasu aca yitaba Imana aho nyene.

Mu gihe yagira atahe, ava aho yari hatari kure y’umuhana wiwe uri mu Kajaga, Phocas BAKAZA yatewe n’abantu bitwaje ibirwanisho bamugandaguye.

Uwo yagandaguwe niwe yahora aramutswa inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi, akaba kandi ariwe yari nyene ubunywero buri mu Kajaga ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, aho benshi bazi kw’izina rya Black and White.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.