IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kamenge : Intwazangabo y’igisirikare c’Uburundi yagandaguwe itewe (...)

Kamenge : Intwazangabo y’igisirikare c’Uburundi yagandaguwe itewe gerenade

vendredi 8 Ndamukiza 2016, par egide

Intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi yo kw’ipete rya Capitaine, Docteur Elie MUGABONUWUNDI, yahora akorera ku bitaro vy’abasirikare mu Kamenge, yagandaguwe n’abantu batamenyekanye bamusanze ku rugo iwe mu Kamenge muri Karitiye ya Mirango, bamutera gerenade zibiri.

Ayo magerenade abiri yatewe ku muhana w’intwzangabo Docteur Elie MUGABONUWUNDI uri muri Karitiye ya Mirango ya 2 Mirango, kw’ibarabara rya 15, muri zone ya Kamenge, hakaba hari nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro ryo kuri uwu wa kane.

JPEG - 24.3 ko
Capitaine, Docteur Elie MUGABONUWUNDI, yiciwe ku rugo iwe

Capitaine, Docteur Elie MUGABONUWUNDI avuka muri komine Gisuru intara ya Ruyigi, yari yinjiye igisirikare c’Uburundi (FDN : Force de Défense Nationale) avuye mu murwi urwana wa FNL (Force Nationale de Libération).

Ababanyi biwe baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bavuga ko Capitaine Docteur Elie MUGABONUWUNDI yabana neza n’abandi, akaba kandi yakunda n’akazi, akitaho cane abarwayi bamwitura ku bitaro vy’abasirikare mu Kamenge.


IGIHE

Messages

  • RIP Dr. Elie. Umuryango wiwe ukomeze wihangane.

  • birababaje nibabaronde nyabona amazi atararenga inkombe kuko abo n’abashaka gucanishamwo igisirikare cacu.iyo mihirimbiri nyagupfana .

  • abapfa atacobazirabazobazwandenihagerahukurikujahabonakokonababicabatamenyekana????

  • Karaciyingani Abantumubrundi Bagumebicwa?Mana Tabaruburundi

  • Uruhigi rurabandanya. Aba dd bari bamaze iminsi bica ex-fab. None ubu batanguye kwica aba fnl. Igisoda casambutse kera. Naho Prime adasiba kubesha ko ciyunze afadikanije na Baratuza. Abatwara u Burundi nibisuma, abandi n’abicanyi,abandi Imperekeza n’inkandagirabitabo. Ariko kwica vyovyo nikintu bumva gusumba gukura abanyagihugu mubukene. Abadutwara ntibamaramara kk ikibaraje ishinga n’ukwiba amafranga y’abasoda ba Amissom, gukomeza iki rebeller.Ubu birirwa baja gukora muri Tanganyika ibirwanisho bivuye muri Congo-Brazza kugira barangize ibinyabwoko biyemeje. Nutudumbidumbi! !!!!

  • muragaba mwantwazangabo mwe kubura mukanguke mureke gusinzira nimwe mugezweho

  • nabado ,amaraso ya bihozagara Jacques azabakurikirana paka kuri nkurunziza

  • Mbega Abarundi Ko Mwicana Bizobagezahe? Subiza Inkota Mugubati Nyabuna Amazi Atararenga Inkombe,ariko Murabe Izo Nzoka Ziri Munzu Muzikubitane N’iyihaga,and I Also Am Burundian!Ndahojeje Umuryango Wabuze.

  • Ubwicanyi Bwabaye Ndanse Basi,.. Tugire Dut?

  • Leta nihindure uko ikora naho ubundi nibitari ibi bizoba. Nireke gushira imbere inguvu n’igikenye kuko navyo bizogera aho bihera, buri muntu mu nzego zose ashobora gushikirwa n’ibi biriko biraba nico gituma atawoshimishwa no kwica! Umuryango wuyu nyakwigendera wihangane kandi Imana ibaje imbere. IBI VYOSE BIRI KU GATWE KA LETA Y’UBURUNDI, KUKO BARAVUGA NGO UNO MUNSI NI JEWE EJO NI WEWE.

  • Vyoba vyiza abo bantu bahagaritse ako gasotoro hakiri kare,kuko borendegera vyohava bimera nabi,Darius,Didier,Eli...nibakumbure bahagarike kuko ishavu ririko riraba ryinshi mu bantu.

  • Birababaje kubona abarundi tuguma twisamburirako nkintungwa jewe ico nohanura abasirikare bigihugu nuko bokubitiza agatima mpembero bakibuka imyaka baribamaze bibanira mumahoro bibuke uko uwo mubano mwiza wabo wateye iteka igihugu cacu ekambere no mumakungu barabe Ko igisirikare kidashobora kwiyunga kidafise kizigenza Waco agihumuriza kandi agifata kimwe hama bamuhagarike basubize ibintu muburyo kuko nahandi Niko bigenda iyo igihugu kigiye kurwa mumanga nkuko igisirikare Nico gisubiza ibintu muburyo

  • Ndagaye nivuye inyu’ima umuntu wese yumva hishwe uyu canke uriya agaca asimbira kw’isunzu ry’inzu akavyina cabke akavuga aya muhe. Twese dukwiye kubabazwa n’izo mpfu kuko abo bicwa ni bene wacu. Kandi uwibaza ko bibabndanije uku bizomusiga ndamubwiye nti "bonne chance"

  • Ça me fait mal,ça me fait bcp pleurer

  • HUYUMUNYAGIHUGU KOMBONA YAZIZE UBWOKOBWE, IZURU RYIWE RIRABYEREKANA, ABARUNDI MUSHAKAIKI, BURURI YAGARUTSE

  • Imanda y’inkorabara! Basemerere ariko Nkurumbi ntiyumve ngo Imana yamubwiye ko Uburundi ari icibare ca se na nyina.

    Nkurunziza urateye isoni n’agahinda.

  • nukurinibara mugombahasigarebande abarunditwamajegusavura babaye babiri kandabobose nabahutu mugabe.kuko ntawovyemera icokintu reta ikirabeneza ibararitaragwa

  • Uwuguheneye ntumuhenere akwita ikibura......,umu Dr wokurundi ruhande yitegure kumukurikira.

  • Vyose bi zobazwa Nkurunziza na Denise.

  • hhhhh ariko abarundi mura ntwenza ngo izuru ryiwe riramugaragaza sha wowe urumwe na Bagosora wo Mu Rwanda wa Pima amazuru ya Bantu

  • Intwari Bazimaze Mu Burundi ! Imana Nitugarukire Pe!

  • WILLY NDURA URAKAIVUMERA IVYO BIRWANISHO NIVYO TUZOBIHOZA BURYA TURINDIRIYE BAGIRE HE TURAZI AHO TUZOBIKURA MWE MUZE MURARABA IZOMBONERA KURE MWANDIKA UWO MUBONYE ABANGAMIYE ZINA MUTUTSI

  • WILLY NDURA URAKAIVUMERA IVYO BIRWANISHO NIVYO TUZOBIHOZA BURYA TURINDIRIYE BAGIRE HE TURAZI AHO TUZOBIKURA MWE MUZE MURARABA IZOMBONERA KURE MWANDIKA UWO MUBONYE ABANGAMIYE ZINA MUTUTSI

  • None Ko Yari Umurwaneza Bamuhoye Iki ?.Bantu Bisi Tumenye Ko Isi Idasakaye Imvura Iguye Twonyagirwa

  • Turahojeje umuryango wanya kwigendera,ntakundi mwisi niko bimeze. ivyovyose vyigandagurwa rya bantu, biri kugatwe kankurunziza nabo bafatanije gufukama munda abanyagihugu. uburundi bwacu bwabuze abagabo bijambo nijuja nico gituma bwama mungorane zaburigihe, bazoze bariga kubindi bihugu vyifitiye abashingantahe biyubashe ! nka Tanzania nico ntanze kwakarorero muri afrika nzima nico cambere kirongorwa na bashingantahe biyubashe, batatwawe kubutegetsi ninzara. burya iyurongowe nuwari yararwaye sutama yomwishamba,ahari ntamahoro yigera ararwaho, namwe muzorabe insonze iyi ronse ivyirya ntigomba guhaga, iherezo ipasuka inda ikabipfuye. na nkurunziza niko bizomumerera.

  • Sukwicana gusa natwe ntituryamye iconzi nuko nabo badaca mukirere ijisho kurindi iryinyo kurindi tuzorabe abahera ubwambere

  • Birababaje Ko Tuguma Duhekurwa.Turahanzwe N’uburongozi Budasonera Abana Babwo.

  • Mukeneye Umucunguzi naho ubundi muramarana. Umwe aha undi hariya kugeza ryari?

  • sha mubice mubamare mugabo niba nta somo jenocide yakorewe abatutsi mu rwanda yabasigiye muzicuza kandi ntimugirengo muri kubaka igihugu ahubwo muri kwisamburirako nkimpene niko ubwenge bwanyu bungana

  • Imana yakire mu bayo uyu muvandimwe w`inzirakarengane!

    Gusa ntavuze menci njye ndi Umunyarwanda ariko iyo nsomye comment zo kuri uru rubuga rwanyu(ndavuga mwebwe abarunda)mbona imyumvire ya benci iri hasi cyane urwanda rwarabasize kure,Muratukana,mwabanje nibura mwihanganisha umuryango w uyu muvandimwe ko ufite agahinda(urashavuye)
    Mukomeze mwitukanire niba ariko mwarezwe nta kundi! 

  • UBWATSI BURASHA BUKABISA UBUNDI

  • imana imwakir kuko muburundi ugupfa umeogo nihovyatsindaro!!!ariko ntamvura idahta kand imana dusenga ntabwizodutererana"

  • Ko Mubamaze ! Ntasoni ,Kebuka Mumenye Ko Imana Arimwe Urwo Umugereyeko Nawe Nirwo Uzogererwako.Igihugu C’uburundi Cananiye N’imana Vmnt.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.