IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Gaston HAKIZA yakuwe mu burongozi bwa Kaminuza y’Uburundi

Gaston HAKIZA yakuwe mu burongozi bwa Kaminuza y’Uburundi

mardi 9 Kigarama 2014

Gaspard Banyankimbona na Rosalie Bikorindanga, nibo baramutswa ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi, bakaba basubiriye Gaston Hakiza na Paul Banderembako.

Guhera kuri uno wa mbere igenekerezo rya 8 Kigarama, kaminuza y’Uburundi iramutswa abayobozi bashasha. Gaston Hakiza yasubiriwe na Gaspard Banyankimbona yahora ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, akaba ari nawe yari arongoye wa murwi wari ujejwe gutegura inama rukokoma y’indero yari imaze iminsi ine iriko irabera i Bujumbura.

Icegera ca Gaston Hakiza yahora ari Banderembako Paul, yasubiriwe na Rosalie Bikorindagara, nawe akaba ari umwigisha mu kigo ca IPA. Bompi bakaba bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu.

Tubibutse ko Gaston Hakiza yahora arongoye kaminuza y’Uburundi akaba yari amaze muri ubwo burongozi imyaka icenda, kuva mu 2005.


Floxella Karire

Messages

  • TURANEJEREJWE NIYO NGINGO BAFASHE TUBISHIME ARIKO TWIBAZE KO UWO MUSHASHA YOHAVA AGIRA ICO AHINDUY MUGUTUNGANYA KAMINUZA YUBURUNDI NEZA!

  • Nakare yari yaratevye ingene yishe universite yacu atacagenda, atari ugukoresha umugambwe muri kaminuza, mugabo ndaremye bamukura muri universite aca aba ministre canke ambassadeur ou bien un directeur d’un projet ntawakoreye cndd.fdd agenda nkuwaragiriye yinarume, isakoshi umudamu wiwe atwarira abatwara igihugu yogenda ko.

  • Basha nagende gaston yarakoze nabi pe.ama greve yamisi yooose nubu ayisizeho.
    Nagerageze Gaspard nawe turabe.

  • Gaston ahubwo bari baramutebeje, urabona ngo akabazo kose kavutse muri kaminuza aho kugatorera inyishu akarondera gukoresha polisi? aho naho adakoresheje imigambwe mu gucanishamwo abanyeshure! Nagende twari twaramuhimvye, mugabo bahava bamuha ayandi mabanga ubona ko n’umugore wiwe MWIDOGO Persile bavuga rikijana muri CNDD-FDD!

  • NTAWUSHIMWA NA BOSE,NA YEZU YAKORA IBITANGARO NTIBAMWERA BOS.NIYIGIRE AMAREMBE

  • Uyo Mutama Gaston ari muri babagobo bijambo rike rikeshe. Ndamwibuka yarantwaye ariko siwe yatwara hatwara Imbonerakure hamwe n’abandi bamufashiriza hanze ya Kaminuza KUYISAMBURA. Arateye isoni cane kuba imyaka yatwaye yose yama yishimikiza gucanishamwo abanyeshure.

    Ku ntwaro yiwe niho twabonye ubwambere abanyeshure ba Kaminuza Rumuri bitana Aba Dissidents n’Aba Radicaux. Ni ku ntwaro yiwe kandi hasubiye kwibutswa muri Kaminuza amacakubiri y’amoko. Akanayishimikiza kugira acanishemwo abanyshure ntibashobore kugira ijambo bapfunitse "le Divide et impera". Il est docteur, il mourra docteur, mais il ne pourra jamais avoir la dignité d’un notable "Umushingantahe", ni d’un leader. Umunoho w’amatungo waramuzivye amaso, uranyoha ubugabo asigara ari igihunda kigenda.

    A dieu Cher Prof!!! Reprends le métier car la fonction de leader ne vous convient pas du tout!!!

    L’Université Nationale "Rumuri " regrette dans son ensemble d’avoir subie ta fureur durant 9 ans et qui l’a empêchée de rayonner comme le voulaient ton précurseur Barakana àAlexandre!!!

  • Erega umwungere yatanze nyene inka guhwera; kandi ngo ugira incuti ku kigwarudubi yasama ijambo nawe ukasama indishi.
    None abarundi ntibayamaze bati: Ntawukunda uwundi akunda inda.

  • Erega umwungere yatanze nyene inka guhwera; kandi ngo ugira incuti ku kigwarudubi yasama ijambo nawe ukasama indishi.
    None abarundi ntibayamaze bati: Ntawukunda uwundi akunda inda.

  • Ni barabe bakure na minister hanyuma umu poilissime yigawusingire!!

  • vyose birashoboka musi y’igicu!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.