Accueil > Amakuru > Kaminuza yigenga mu ntara ya Gitega yaratanguye kubakwa
 Kaminuza yigenga mu ntara ya Gitega yaratanguye kubakwa
 Kaminuza yigenga mu ntara ya Gitega yaratanguye kubakwa
				
				samedi 1er Kigarama 2012
Ubumenyi n’umushinge w’iterambere rirama . Ico nico catumye , ku musi wa kabiri igenekerezo rya 27 munyonyo ,icababa ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi RUFYIKIRI yishikiye mu ntara ya Gitega ku musozi wa Tankoma ahariko harubakwa ishure rya kaminuza rizokwigisha ubuhinga butandukanye,UPG ( Université Polytechnique de Gitega).
 Intumbero y’urwo rugendo kwari ukwegereza ibikoresho bizokoreshwa mu kubaka igisenge c’iyo   nyubakwa n’ukwereka abagenzi b’invukira za Gitega   aho ivyo bikorwa vy’ugwubako bigeze  kuko ngo badasiba kubafata mu mugongo.
“Intambwe tuzezeko muri iki gikorwa tuyikesha  mwebe abanyagihugu  bo muri iyi ntara ya Gitega , abagenzi ,hamwe n’imvukira za Gitega ,mwaritanze cane ndabibakengurukiye cane,kandi noneho ,  ba sokuru barayamaze bati “bafasha uwifashije. Nico gituma abagenzi batari bake bariko badufata mu mugongo”.
Ivyo vyashikirijwe n’icababa ca kabiri c’umukuru w’igihugu mwijambo ryiwe .Mubitanze muri ico gikorwa , yaravuze nka Hotel cleub du lac Tanganyika imaze gutanga imifuko 120 y’isima hamwe n’umushingantahe Mohsen TAaib w’umunyatanzaniya ,arongoye ishirahamwe pembe yatanze imiliyoni cumi na zitanu z’amafaranga y’amarundi, bakaba bariyemeje kandi kubandanya bafasha muri ico gikorwa .
Umushingantahe   Mohsen Taib kubwiwe ati:”Kubera ko  u Burundi n’igihugu ca Kenya bimeze nk’ibivukana  ,tuzobandanya gushigikira  igisata c ‘indero, kuko igihugu kitagira incabwenge kidashobora gutera imbere” .Akaba yaciye yiyemeza kuzobandanya gushigikira ico gikorwa kuko kizofasha cane guteza imbere igisata c’indero mu Burundi .
Mwomenya yuko iyro shure rya kaminuza  rizokwubakwa  mukibanza kingana na hegitari mirongo ibiri na zitanu , rikazoba igorofa  y’inzu zitatu zigerekeranye.
Iyo kaminuza  kandi izotanga ubumenyi mu bisata   bishika kuri bitandatu ,harimwo ubuhinga mu vy’ibifungugwa , ugutunganya ivy’ubudandaji ,  amahoteli hamwe n’ivyukwakira ingenzi,ivyigwa vy’ubuhinga bwa none muvyo gutumatumanako no guhanahana amakuru ,hazotangigwa kandi ivyigwa vyerekeranye n’ibidukikeje ,ubutare n’agataka , hamwe n’ivy’ubuvuzi.                                           
Bitegekanijwe ko iyo nyubakwa izoba  yaheze kubakwa   mu kwezi kwa Gitugutu umwaka w’2013.
Ingabire M.Claire
