IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Kanyosha : Abagumyabanga ntiborohewe mu kwiyamamaza

Kanyosha : Abagumyabanga ntiborohewe mu kwiyamamaza

vendredi 22 Rusama 2015

Imyiyerekano y’umugambwe CNDD FDD muri komine ya Kanyosha ntiyoroshe, kuko kugira Abagumyabanga barengane, abaporisi babanza kurasa hejuru mu gushwiragiza abari mu myiyerekano.

Abagumyabanga ba CNDD FDD bakaba baduganye ibarabara rya 5 rya komine ya Kanyosha kuri uyu wa 21 Rusama, baherekejwe n’abaporisi. Abo bari mu myiyamamazo yo kwitegurira amatora y’abajenama ba komine hamwe n’abashingamateka bikaba vyaboneka ko batari batekanye, mu gihe baguma bicura ko bashobora guterwa amabuye n’abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Tukaba twobamenyesha ko muri iyo myiyerekano, abamenyeshamakuru batoroherejwe, aho urwaruka rw’umugambwe CNDD FDD rwasavye abamenyeshamakuru Tabitha Mukamusoni w’ ’ijwi rya Amerika na Aristide Nizigire w’iw’ikinyamakuru IGIHE guhagarika gukurikirana iyo myiyamamazo. Basavye ko atamugumyabanga n’umwe yogira ico ashikirije abamenyeshamakuru, amasanamu nayo agahagarikwa gufatwa ku neza y’abo bamenyeshamakuru, canke bakabakorerako.


IGIHE

Messages

  • nibabarke biyamamze nabonibatangure campagne yukwiyamamaza arikona bonibavyifatemwoneza bareke abamenyshamakur bakor imirimoyab

  • Emwe iki gihugu kumengo hari mwabafise amategeko kuruta nkurunziza wabo, abagumyabanga ntibakeneye umumenyeshamakuru numwe yovuga ivyimyiyamamazo yabo urumva bakeneye ivyo bakora vyose bibe ibanga abarundi n’amakungu ntibamenye nakimwe none tuvahe tukaja he?nomumatora nuko bizogenda nkuko vyabaye 2010 ngo batsinze nayo bwari ubusuma.gusa babigire babizi ko imirisho izoteba igahinduka unomusi nibo,ejo n’abandi.

  • ubwo ntimubona ko harimwo gusotorana ?nkabagomba kubuza abandi gukora imyiyamamazo ntimubona ko baba bagomba kubarondera ?nibareke abagumyabanga biyamamaze kuko intsinzi iramota hanyuma ama police nabo babashe kubacira inzira .abamenyeshamakuru nabo babanze baje baratahura ingene batanga amakuru yabo ariko noshimira cane abo mukinyamakuru igihe be nabo kuri rtnb kuko batandukanye nabampemayuzuye bo kuyandi ma radio ,komera .

  • Nokwongera Gusaba Ugwo Gwaruka gwimbonerakure Kutaja Ruratwagwa Nagashavu Ahubwo Bakomeze Kwihanganira Ababagerageza Ahubwo Bareke Abamenyesha Makuru Mu Gikogwa Cabo Kuko Niho Natwe Tubikurikiranira Kumihora Tuca Turonka Amakuru Ninkuru .Ibisigaye Abamenyesha Makuru Mukomeze Kwihanganira Ibi Kuko Ibi No Mwijambo Ry’imana Biriyo Ahubwo Dukomeze Gusengera I Gihugu Murakoze .

  • abandi bariko barondrera amajwi abandi nabo basarira mwibarabara buce kabiri NGO mwibwe ndavuga nsimvura

  • Uko biba kwose nta matora ashoboka ata mutekano uhari mugihugu cacu !!!!!!

  • murabasazi ntimukomeye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.