IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Karusi : Ishirahamwe PAM rigiye gufasha abanyagihugu kurwanya (...)

Karusi : Ishirahamwe PAM rigiye gufasha abanyagihugu kurwanya inzara

jeudi 16 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe imfungurwa PAM (Programme Alimentaire Mondial) ryahawe amafaranga y’amanyaburaya agera ku muriyoni, akazofasha kurwanya inzara mu ntara ya Karuzi. Iyo mfashanyo yatanzwe n’igihugu c’Ubufaransa, kibicishije ku buserukizi bwaco mu Burundi.

Iyo mfashanyo yahawe ishirahamwe PAM izafasha kurwanya inzara muma komine ya Gihogazi, Nyabikere, Shombo, Mutumba na Buhiga. Mw’ishirahamwe PAM bamenyesha ko mu mwaka uheze mu kwezi kwa Nyakanga, Ubufaransa bwari kandi bwatanze ibihumbi amajana atanu y’amafaranga y’amanyaburaya, ayo nayo akaba yafashije kugaburira abantu bari basinzikajwe n’inzara kubera ubukene igihugu kirimwo.

Michel RWAMO ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe PAM mu Burundi avuga ko intara ya Karuzi yatowe kubera ariyo vyagaragaye ko irimwo abantu benshi basinzikajwe n’inzara kandi bafise ingwara y’ugufungura nabi. Ayo mafaranga ahanini azokoreshwa mu bikorwa bituma abantu bihagararako mu gihe habaye uruzuba, inzara igatera, canke imvura ikarwa ari nyishi igatwara imirima.

Abanyagihugu bazokora ibikorwa nk’ugusibura amabarabara kugira abantu bashobore gushikira amasoko, ibikorwa vy’uguca imikobeko, gutera ibiti. Abazokora ivyo bikorwa bakazohabwa amafaranga azobafasha kurwanya inzara hamwe n’ugufungura neza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.