IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Abunguruza abantu n’ibintu bagirizwa kwikika mu kiza

Kayanza : Abunguruza abantu n’ibintu bagirizwa kwikika mu kiza

mardi 3 Ruhuhuma 2015

Inyuma y’indwi zigera kuri zitatu ibiciro vy’igitoro kw’isoko mpuzamakungu bigabanutse ndetse no mu Burundi, mu ntara ya Kayanza ukwiyunguruza biracari kwa kundi.

Abasanzwe bunguruza ibintu n’abantu mu ntara ya Kayanza bagiriza abaporisi ko bari mu batuma ico giciro batokigabanya, mu gihe babuzwa gupakira abantu bakwiriye, ndetse n’abasanzwe bizwi ko aribo barekuriwe n’ayo mashirahamwe yo kwunghuruza abantu. Ni muri iyo ntumbero mu giporisi bavuga ko atawohirahira ngo arenze bane ku ntebe, mu gihe impusha abo batwara imiduga bafise zibemerera abantu batanu ku ntebe.

Ku miduga isanzwe ipakira abantu iri mu mashirahamwe ya Volcano na memento, abayitwara basigura ko abajejwe ivy’izo modokari bataragabanya ibiciro vy’ukwiyunguruza. Mukamenya ko inama itegekanijwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 3 Ruhuhuma aho mu Kayanza, inama yatumweko na buramatari w’iyo ntara kugira hirwe ikibazo c’izo modoka zunguruza abantu n’ibintu n’aberwa n’ico kibazo bompi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.