IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > kazinduzi ku murongo w’ingurukanabumenyi (internet) mu kirundi

kazinduzi ku murongo w’ingurukanabumenyi (internet) mu kirundi

jeudi 3 Nzero 2013

« Muri Afrika iyo umuhumure asezeye isi, ni nk’ububiko bw’ibitabu buba buhiye » vyanditswe na Amadou Hampâté Bâ. Mbe no mu Burundi vyoba ariko bimeze? Hoba hari kazinduzi zingahe mu rurimi rw’ikirundi?

Umugambi wa www.Kiyago.com ufise intumbero yo gushira kazinduzi ku murongo w’ingurukanabumenyi (internet) mu kirundi no gutororokanya amazina, ibisokozo, utujajuro, imigani n’ibitito... vyavugwa cane cane n’abakurambere mu buryo bwo guhanahana amakuru, kugira bishirwe ku murongo wa internet aho abantu bose bobironka.

Mugihe www.Kiyago.com izoba yamaze gutunganywa izofasha abantu bose, yaba abarundi canke abanyamahanga na cane cane abarundi biga ururimi rw’ikirundi. Bazoshobora kuronka imfashanyo kuri kiyago.com.

Kugira twungure kubiri kuri www.kiyago.com, ngo bafise intumbero y’ukwongerako indimburo n’uguhadikiriza (amavuga) mu kirundi, hamwe n’uguhindura mu zindi ndimi nk’icongereza.


Grâce Irimbere

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.