IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Kenya : Umuporisi yafatanywe amahembe ya rhinocéros

Kenya : Umuporisi yafatanywe amahembe ya rhinocéros

mercredi 11 Ntwarante 2015

Umuporisi w’igihugu ca Kenya yafashwe, aca atabwa muri yompi, mu gihe yari afise amagarama agera ku 600 y’amahembe ya rhinocéros.

Uwo mukaporal wo mu giporisi ca Kenya, yafashwe nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igiporisi ca Kenya, afise amahembe y’ico gikoko, aho yoyagurishije ibihumbi mirongo itatu vy’amadolare y’Amerika kw’isoko yo mu kinyegero. Uwo yari ashoye ayo mahembe co kimwe n’abandi bariko barayagura harimwo umugabo wo mugihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo hamwe n’abandi babiri bo muri Kenya, baciye batabwa muri yompi.

Ihembe ry’ico gikoko risanzwe rizimvye mbere gusumba n’inzahabu, ku masoko yo mu bihugu vya Aziya, aho ikiro c’ayo mahembe kigurwa amadolare agera ku bihumbi 65, abantu bakunda iryo hembe ku bw’ibiheko. Ibikoko nk’inzovu canke rhinocéros, bikaba bibangamiwe, aho inzovu zigera ku 300 hamwe na rhinocéros zigera kuri 59, zishwe mu mashamba yo muri ico gihugu ca Kenya. Hamwe rero ivyo bikoko bidakingiwe nk’uko bivugwa n’abaraba amashamba, bishobora kuzohona.

Kugeza ubu, bakagereranya ko rhinocéros zigera ku gihumbi hamwe n’inzovu ibihumbi 38 ari vyo bisigaye muri ayo mashamba ya kenya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.