IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > KIGINGI, umuhinga mu gutwenza apfungiwe mw’igendereza

KIGINGI, umuhinga mu gutwenza apfungiwe mw’igendereza

jeudi 31 Ntwarante 2016, par egide

Umuhinga mu tugenegene hamwe n’ugutwenza, asanzwe ateramisha abantu mu bibanza bitandukanye hamwe no ku nsamirizi Buja FM yahora ari Radio 10, apfungiwe mu gasho k’igendereza mu gisagara ca Bujumbura.

Yafatiwe mu ntara ya Muramvya, aho yari mu bikorwa vy’uguteramisha abantu, mu birori vy’ugukundisha ikinyobwa ca PRIMUS.
Abajejwe igendereza mu ntara ya Muramvya bamufatiye mw’ihoteri "Baze Lodge", ijoro rya mbere akaba yariraye mu gasho k’i Muramvya, mu nyuma aca amanukanwa i Bujumbura aho apfungiwe ubu.

JPEG - 123.6 ko
KIGINGI, umuhinga mu gutwenza apfungiwe mw’igendereza

Kigingi yoba yagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu yoba yakoze mu mwaka uheze ari mu Rwanda mu birori yarimwo vy’uguteramisha n’ugutwenza abantu.


IGIHE

Messages

  • None ako gashano kubahuka kagatuka nyenecubahiro president. Ako nimukanyare kuko nakaburandero kazovayo Kari kumurongo ushika

  • Ivyo mukora vyose mwibuke ko muzo vyishura canke abana banye kuko muriko musigire iragi ribi abana banye kuko bazo vyishura ivyo na vyo ngo nyeni cubahiro mbe hari icubahiro cu mwicanyi wewe Wiyita weez ahubwo ahobokera ni mwebwe muzosubira ku murongo kandi uzo kwicuza Cane gose hamwe nu mu ryango Wawe

  • Ndamwibuka I Kigali,yanavuze ko Imihanda yikigali arimyiza kuburyo imodoka zindundi ziba zigaragaza kubera ukuntu ziba ziruka...gusa nyamagambo mabi yigeze avuga kuri Nkurunziza!

  • numva ng bariko baragura prison,abasazi bs babafunge.mwompa umuco

  • Nibakanyuruze ako gahimbiri naho uwo avuga yuko ngo bazovyishura ngo nabana babo kuva aho biciye abarundi babahora ubwoko bwabo kuva uburundi bwikukira abandi bakangazwa ko bobo bataravyishura. Ntihagire. Uwubashirako itera bwoba nibishura ubwicanyi bakoze nabandi nazovyishura.

  • Nyamba atwenz mugutukan,nabe nibab baramubits azovay ari kumu ligne

  • ALIKO NKURUMBI NINDE UTAMUTUKA NAWE UBWE YALITUKISHIJE. ULIYA NTAMUGABO UMULIMO ATUKWA NA BANA ABASORE ABACYECURU ABASAZA ABANYAMAHANGA . NONE NGO KIGINGI . AHUBWO NKURUMBI YAMAZE GUSARA UWO MUSORE ARARENGANA. IKINTU KILIRWA KIFUNGIRANYE AHO KIFUNGIRANYE NTAWUHAZI . PUUUUUUU

  • mubisanzwe, izimpfu z’abicanyi zari zikwiye kwigisha bagenzi babo. Urica nawe mwisho too ukazopfa, urigira igihangange, ukabona ko urengeye bose, ariko umunsi ruza ntawurarutera ubwoba ngo afise requettes canke binde, ruramutwara, uriba ukarundarunda, uriko ukaruhira kubisiga, worya bike ukaryama kere woba iki!!!!!!!! Ruriye abandi rutakwibagiye, rurakwirarije.

  • Biteye isoni as president ngo afunze umwana utazwi ngo yaramututse! Ahh azafunga nabasazi ngo bamututse.

  • Erega Nkurunziza niyo bomutuka Agateka niwe yakikuyeko abitumwe nindandende yi we, burya umutegetse mwiza ariribwa ubwiza bwiwe,mubi nawe akariribwa ububi bwiwe. uwundi niwe yaciye umugani rwi mpembo yumwana ya mipfa mumagodoka. Nkurunziza nawe ya tanguye neza, ariko ya ciye abitoba, uwundi nawe yagosoye ubururo munyuma abusuka mwumusenyi, bwabwiza bwuburo buca burononekara !.na Peter Nkurunziza niko nyamugendeye,uko tutazibagira Micombero kubibi yacoreye abarundi, niko tutazibagira Nkurunziza uburyo ya honeje imisore ni nkumi, nabatama nabatamakazi.

  • Murafise Ivyemeza Bikwiye Vyoguphunga Kigingi ? Turabe Twebwe Na Twebwe Ntidusubiranemwo.

  • Jewe Aranteye Ikigongwe Gutuka President Niyihane Asabe ikigongw

  • Dutanguye Gushimira Inzego Zumutekano Ko Zihagaze Neza Kuko Tudavyuye Iri Kanuye Twebwe Abarundi Bazo Ducanishamwo Badusubize Mwi Humbi Ariko Biragahera Dusaba Ko Inzego Z’umutekano Zikorane Nabanya Gihugu Mukugwanya Basesa Nkuyoze Ahubwo Bavyashwe Bahanwe Vyisunzwe Namategeko . Ni Nkuwo Atuka President Nahanwe Atozwe Indero .

  • Dutanguye Gushimira Inzego Zumutekano Ko Zihagaze Neza Kuko Tudavyuye Iri Kanuye Twebwe Abarundi Bazo Ducanishamwo Badusubize Mwi Humbi Ariko Biragahera Dusaba Ko Inzego Z’umutekano Zikorane Nabanya Gihugu Mukugwanya Basesa Nkuyoze Ahubwo Bavyashwe Bahanwe Vyisunzwe Namategeko . Ni Nkuwo Atuka President Nahanwe Atozwe Indero .

  • Mbega,adolphe Yatutse President?Darius Yaramututse?Umuhungu Wa Mbonima Yaramututse?Ewe,akamaramaza Mu Burundi Kabaye Ndanse!Har Uwuyobewe Akarenganyo Kari Mu Burundi?N Umwana Nk Uwo Vraiment?Mbega Abigana President N Uwo Gusa?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.