IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kinindo : Umuduga wari utwaye imikate waturiwe uraherengetera

Kinindo : Umuduga wari utwaye imikate waturiwe uraherengetera

jeudi 7 Rusama 2015

Umuduga wari utwaye imikate mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, waturiwe uraherengetera, ariko abakoze ivyo bakaba bataramenyekana.

Mu gatondo ka kare ko kuri uyu wa 7 Rusama, umuduga wari utwaye imikate mu Bunanuko bw’igisagara ca Bujumbura, wahiye wose, n’ibirimwo biratokombera. Amakuru twakuye aho uwo muduga wahiriye, hafi ya kaminuza Umuco, batubwiye ko abayituriye batarabamenya, kuko n’abakora iyo myiyerekano basanzwe bayigirira mu Kinindo, uhereye ahitwa ku Makara. Ico kibanza cahiriyemwo uwo muduga gicungerewe n’abaporisi benshi, bamwe biyicariye iruhande y’ibanki BCB, abandi bazunguruka umwe umwe.

Uruja n’uruza kuri iryo barabara rukaba rwari rwahagaze, aho n’abarengana, ubona ko bafise ubwoba bw’ivyo vyabaye. Ibarabara rija mu Kinanira, aho bita kw’iseminari ntoya, haracungerewe rwose nahone, mu gihe ako gace gakunze kuberamwo imishamirano y’abaporisi n’abari mu myiyerekano. Uwo muduga uturiwe ukaba ugize kane, inyuma y’imiduga itatu yakoreshwa n’abakorera urwego rw’igendereza.

Bamwe mu bayaze n’ikinyamakuru IGIHE.bi aho mu Kinindo, baribaza uwuzoriha ibiriko birononekara kubera umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yanse gukurikiza amategeko, mu kwubahiriza amasezerano y’i Arusha, n’ibwirizwa nshingiro. Abo twayaze, basaba Se Barundi, gukubitiza agatima mpembero, agaheba ico miringo, kuko imyaka icumi abatwara, atari mike, ko hari n’abatwaye amezi canke umwaka umwe, ariko bagumanye agateka k’abigeze kurongora igihugu. Bamusaba ko yoheba ico kiringo, gurtyo, amahoro yatsimbataje, akayingora kurusha, aho gusiga ayasambuye wenyene.


Aristide Nizigire

Messages

  • Birababaje IMANA izoca urubanza rukwiranye nivyo u1u1 wese yakoze harahiriwe uwunvira ijw’idy’I MANA kandi uwudy’irengagiza azovunagugwa giturumbuka atagira gitabara. Sorry

  • Nko guturira imodoka bimaze iki? Imodoka ziragwana? Imodoka nazo zizokwitoza ubugira gatatu? Abariko baragira imyiyerekano bari bakwiye kuyigira mumahoro ariko ntibononere abandi kuko nabo iyo vyoba ari vyabo bobabara, ababikoze bose IMANA ibaharire

  • Abo baturira itunga rya bagenzi babo ubwo bazoronka akaryo ko kubasaba ikigongwe? Canke satani azoca abakomantaza imitima bishigikire ngo babaye intwari ngo bikuyeko umwansi. Yooo ndabaririye icompa ivyo mugira Imana ikaduharira kuko tutazi ico dukora, ntaho dutaniye n’ababamvye Yesu, nabo Yesu yarabahariye kuko batari bazi ico bakora. Yesu natwe uduharire kuko tutazi ico dukora.

  • Abo baturira itunga rya bagenzi babo ubwo bazoronka akaryo ko kubasaba ikigongwe? Canke satani azoca abakomantaza imitima bishigikire ngo babaye intwari ngo bikuyeko umwansi. Yooo ndabaririye icompa ivyo mugira Imana ikaduharira kuko tutazi ico dukora, ntaho dutaniye n’ababamvye Yesu, nabo Yesu yarabahariye kuko batari bazi ico bakora. Yesu natwe uduharire kuko tutazi ico dukora.

  • Je nibaza ko mworonderera muri abo bapolisi bbari bahacungereye,koko ivyo ntibukuka vyagizwe nabagomba gutera iceyi abariko bagwanya ikiringo cagatatu kinyuranye n amasezerano ya arusha ndetse nibwirizwa shingiro.Gutwarwa nkibimodoka bitagira amafire turavyiyamirije kandi bihagarare

  • IWACU n’a pas vu comme vous IGIHE:

    C’était ce jeudi matin sur la route Rumonge, tous les passants ont cru que ce sont les manifestants qui ont mis le feu àce véhicule. La plupart des piétons et même des automobilistes commençaient àrebrousser chemin ou àcontourner cet obstacle croyant qu’il s’agit d’un acte délibéré des manifestants. Mais après vérification, un court-circuit était àl’origine de cet incident.

    Source IWACU

  • bandanye basha mukureko ico kijuju kitakimenya guharura IBIRINGO gitwaye

  • Nabo ba police sha mbe bagire kutwica bagire no kutubeshera? OYA NI BAMARAMARIRE HIYO

  • MBE IBINTU BIRKO VYONONEKARA BIRI KU GATW KWA NDE ?

  • nibaza ivyononeka bizoca kugatwe kababikoze ubwambere hama nababatumye., nabo barazwi

  • Bararaba neza iyo Modoka ntiyaturiwe nabandi nabo nyene bariko biyerekana kuko ntazahora zisha Ikindi kandi kuki imyiyerekano ikaze mu ma Quartiers? ya ba Tutsi harimwo ikibazo

  • Wewe wiyita Bob ntubeshe. Iyo modoka y’imikate mwarayituriye kandi muzobihanirwa. Imihimbiri !!!!

  • Abo Bantu Bavuga Kwabigaragamvya Ari Abatutsi Gusa Sivyo Nagato!Mbe Leonc,mugwengezo,minani,...Bahinduts Abatutsi Ryari?

  • Nabagizi banabi bizobazwa pacifiqwe nagatsiko barikumwe bitegure kuvyishura ok

  • Ndi muri sudani ivyo nibazako vyobazwa se barundi kuko arimuga cerere ibiba vyose arabizi nabihagarike nakare ngo numusenzi yibuke kwimana izobimubaza ok

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.