IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kirundo : Inyuma y’inyigisho bahawe barashobora kwisomera ibinyamakuru

Kirundo : Inyuma y’inyigisho bahawe barashobora kwisomera ibinyamakuru

lundi 2 Ruheshi 2014

Umugambi wari watangujwe n’ishirahamwe QUIANA INC rifise icicaro i Boston mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika wo kwigisha abapfakazi bo mu ntara ya Kirundo gusoma n’ukwandika, warahagaze bivanye n’ibura ry’uburyo, mu gice ca kabiri c’ubundi burere bw’iyo ntara.

Therence Nzohabonayo

Nk’uko tubishikirizwa na Therence Nzohabonayo umukuru w’ishirahamwe Apecoev Safavo ryafashije kwegeranya abakenyezi bagera ku majana abiri b’abapfakazi bo muri komine ya Kirundo, intara ya Kirundo bahawe izo nyigisho z’ugusoma n’ukwandika n’ishirahamwe QUIANA INC, uwo mugambi wari watanguye mu kwezi kwa Ndamukiza kw’umwaka w’2012, utanguriye mu kwigisha abigisha abandi, uca urabandanya kuri abo bandi kugeza mu kwezi kwa Myandagaro kw’umwaka w’2013.

Therence Nzohabonayo akavuga ko uburyo bwabuze kuko atari abo bonyene bakeneye kumenya gusoma no kwandika, mu gihe intara ya Kirundo iri mu ntara z’Uburundi zifise abantu benshi batazi gusoma n’ukwandika. Avuga ko uwo mugambi wafashije abo bakenyezi bari bawitabiriye, kuko ubu barashobora kwisomera amakete, ibinyamakuru, ibitabo vy’Imana, n’ibindi.

Mu kiganiro Therence Nzohabonayo yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, yavuze ko uwo mugambi wo kwigisha abakuze gusoma n’ukwandika ufise akamaro kanini cane, tutavuze kumenya gusoma no kwandika gusa, n’isoko ryo kumenya kwiteza imbere, kuko abo bakenyezi amajana abiri ubu bitegurira bonyene imigambi y’iterambere, bakayishira no mu ngiro.

Basaba Reta ko yofata mu mugongo bimwe biboneka amashirahamwe afise imigambi yo guteza imbere ubumenyi bw’abanyagihugu, nk’iyi yo kubakarishiriza ubwenge mu bijanye no kwitegurira no kwishirira mu ngiro imigambi. Ikindi basaba Reta n’uko yokomeza umugambi yari yaratanguye wo kwigisha abakorera bushake mu kwigisha abandi (Les volontaires) kandi ikabishiramwo ugushaka kwinshi.

Mu mugambi wa mbere bavuga ko Reta ataco yabafashije, ndetse n’ ibikoresho vyose bavyirondereye. Ndetse abaserukira Reta mu Kirundo aho gufasha, bakaba babashira mu mananiza, aho babasaba amafaranga kugira babone gukora, eka mbere n’udutabo two gusoma barabubimye, bakavuga ko bahabonye ikinyamakuru Iteka ry’umukenyezi ariryo ryabahaye ibinyamakuru, abariko bariga bakabona gusoma. Iyo ngendo y’abajejwe intwaro mu Kirundo ikaba yaratangaje abariko barafasha uwo mugambi.

Mwomenya ko amakomine ya Gitobe, Ntega, Bwambarangwe na Vumbi atararonswa izo nyigisho, ari naco gituma umuyobozi wa Apecoev Safavo asaba ubushikiranganji bw’indero hamwe n’abandi bose babishoboye, gufasha kugira izo komine zironswe inyigisho. Therence Nzohabonayo akaba anashimira iryo shirahamwe QUIANA INC ryo muri Reta zunzubumwe z’Amerika ryafashije umurwi w’abo bakenyezi amajama abiri b’abapfakazi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.