Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kirundo: Umugore yagirizwa kwica umugabo wiwe
 Kirundo: Umugore yagirizwa kwica umugabo wiwe
 Kirundo: Umugore yagirizwa kwica umugabo wiwe
				
				mercredi 8 Rusama 2013
Mu ntara ya Kirundo, hari umugore aba ku musozi Cendajuru uri muri komine Vumbi afungiwe mu gasho k’igipolisi yagirizwa ko ariwe yoba yaragandaguye umugabo wiwe.
Amakuru ava mu gipolisi aho mu kirundo, amenyesha ko uwo mugore arahira akarengwa ko atariwe yishe umu ca nce wiwe, ko yishwe n’intandara asanzwe arwaye kuva kera.
uwo mugore rero agasaba ko yokwambikwa izera agasubira mu rugo iwe.
Uwo mugore apfunzwe kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Rusama 2013 mu gipolisi c’inyamiramabi mu Kirundo, yagirizwa ko yakubise umugabo wiwe gushika aho yitaba Imana. Amatohoza ariko arabandanya kugira uwagirwa n’ icaha ahanwe n’amategeko.
Tubibutse ko muri iyo ntara ya Kirundo ivy’ubwicanyi ku babana atari irya mbere vyibonekeje, mu minsi iheze bikaba vyaravuzwe cane aho wasanga abagore n’abagabo bama bicanye.
Aristide Nizigire
