IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umukozi wa Interbank yagandaguwe

Kirundo : Umukozi wa Interbank yagandaguwe

lundi 15 Ruhuhuma 2016, par egide

Mu gitero cabaye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana mu gisagara ca Kirundo, mu bunywero (Bar KINIGI), umukozi wa Interbank Ngozi, azwi kw’izina rya Ernest NSAVYIMANA, yari muri ubwo bunywero, yahasize ubuzima ahitanwe na Gerenade.

Ernest NSAVYIMANA yakora muri Interbank i Ngozi, ariko akaba yari atungiye umuryango wiwe mu Kirundo. Muri ubwo bunywero abamwishe bamusanzemwo, yari kumwe n’umugore wiwe, nawe akaba yarakomeretse.

JPEG - 55.8 ko
Ernest NSAVYIMANA yahora akora muri Interbank i Ngozi

Gerenade n’amasasu vyazindutse birumvikana kandi mu gatondo ko kuri uwu wa mbere muri zone ya Ngagara, muri karitiye ya gatanu ahatewe gerenade, ariko ivyononekaye bikaba bitaramenyekana.

Izindi gerenade zatewe hagati mu gisagara ca Bujumbura, mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, imwe ikaba yatewe hafi ya Station iri hafi ya Hotel NOVOTEL hamwe n’ishirahamwe LEO. Iyindi iterwa hafi y’ishure rya Athenée Primaire.

Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.


IGIHE

Messages

  • Imana Niyakire Abayo Mu Kibanz Citeka Arik Ivyo Bizobera Ingaruka Mbi Kubabigira.Emw Nih Bavz Kwatandya Yubsuma, Mandat Yibw Igomba Guhtana Abantu Twese? Iyo Tub Aband Twomeny Ko Tutiremy

  • AHATAGIR’UBUKURUNYABWO NTAM...

  • ewe nkurunziza uri urikigeragezo gikomeye kugihugu pe ivyo vyose niwe wabizanye kandi nayo ma grenade niwe uyatera muga rero hazogera ingihe imana uyishisha ikirimbure nabo musabgiye ububisha

  • Mandat ya gatatu ikweze akarambaraye. Et pourtant tout a été prédit.

  • uburundi n’ukubusengera kuko burimungorane jeho nibereye iwacu murwanda nahungiye!ahumbwonabandi ni bahunge bavemuriyo ntambara nikazikabo ndababuriye.!

  • Ariko se Nkurunziza ubu arunva atekanye ngo ni president abantu bashira, aka nakumiro

  • Banzureka kuducangacanga mwabanditsimwe iyuvuze inkuru ukaguma uyigarukana biraducanga .

    Ariko hariho ubutamenya kubantu bamwe nkumuntu abona hishwe umuntu kwakakagene akacasimba akavugango : ngwariko Nkurunziza ngwabonatekanye? Rekandakubaze? Mbemwica ababarundi, imisore, abana, amagorwa, abagabo, abayamaze/abatamakazi ngojugira Nkurunziza ntatekane!? Yewe rindira dukwize ibikenewevyose muzosigaramwicuza icatumye mufata mweniyo nzira yubu terrorists.

  • Birababaje cane abo bantu bose bariko baricwa bazira abantu bipfuza gutwara igihugu gusa! Mana , tabara uburundi n’abarundi.

  • Mana Rurema, Rugira vyose, Tabara, tabara Uburundi, Garukira igihugu c’Uburundi, ba Ndandende hamwe na ba Baranyikwa banyegewe n’amacakubiri bipfuza guhonya abo wiremeye, bereke ico ukuboko kwawe gushoboye Amen, Amen

  • sha birababaza kwica umuntu ataco mufa

  • Hajya ngo , NYAGOMA , MINANI , RADJAB , ALEX SINDUHIJE , NIYOMBARE NGO BARASHAKA KUYOBORA NYUMA YAYAMARASO BAMENA ??? Imana ntozobemera ba sha

  • @ None ntukagye ujijisha abantu, aba bakomeye bose barimwo baricwa na Nkurunziza, nkuyu mu chef ngo bamwagiriza koyanze kugya mumyiyerekano yokwamagana ugwanda

  • Yewe kabango, urakaburanivyovuga ntanumwanyawanje nitirwandata kuriwewe tuzogusiguriraneza ejobundi tumaze kwishikira murwanda kubohoza abobanyarwanda Kagame yabujije amahwemo ariko ndagusavye kugira ayoma pepo akuvemwo uze uringora ushira murako gaterephone kawe numero za telephone nzomuri studio za radio ITAHUKA urashobora kuzokwakirwa numujenama Serge yakira abajekwakira neza agakiza arashobora kukushikiriza mubakozib’Imana nka Barudasingwa, ba Ngarambe, ba Jonathan, ba Claude bakagusengera kugira iwomucafu Kagame yagushizemwo ukuvemwo nukuriwigore ukore ivyondakubwi bwaramaze gufasha beshi, canke uzosimbire mu Bubiligi wibonanire na Micombero kukonawe ndumukoziwimana amazegufasha abantu baribaragorodovye nkawe kigindigihe nzoguha telephone number zabandi kogufasha uzihitiremwo nkokuri redio inyabutatu, no kwi KOZNDERA, etc ubituye ivyobintubikurimwo bobigukiza.

  • Ibigoryi biragwira ariko iki cyo citwa nanone ni gahebuza kirarogotwa ngo kizatera urwanda . Imbwa mugupfa irara iramoka uzokwihende urabe ivyo inkotanyi zigukorera uzokwicuza icagutumye wakirofawe. Mwabicanyimwe.

  • @ None izo ngegera nizo wita abakozi bimana, iyo mana yawe ntayo nkeneye kabisa, gye nsenga Imana ihoraho yijuru, ikindi imana ya politik ntayo nkeneye gewe, mubanze mukemure ikibazo kyabarundi bakomeza gupfa inzirakarengane.

  • Ubibwirwaniki kwarinegera utabanjije kubumviriza ngiwumve kwivyobakubwira bitagira umumaro? Canke wavuyeyo kubatemberera nimbawagiyeyo ndagushimiye ndaziko imihezagiro wakuyeyo ukomeza kuguswaramwo gakegake ejo iyomicafu Kagame yagushizemwo izobayaguhezemwo.

  • @ None uzabanze wivanemwo imicafu wewe ufise ubwo nibwo twavugana neza kuko ivyiyunviro byawe nibyo kumarisha abantu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.