IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Komine Mukaza iramutswa musitanteri mushasha

Komine Mukaza iramutswa musitanteri mushasha

mardi 26 Nzero 2016

Issa Désiré Mazimpaka niwe yatoye ngo arongore komine Mukaza inyuma yaho uwahora ayirongoye abogorejwe muri ayo mabanga kubera yagirijwe ivyo yakoze bidahuye n’amategeko.

Issa Désiré Mazimpaka yatowe ngo asubirire Marie Suzanne Ndikuriyo yari yakuwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kw’igenekerezo rya 4 Nzero 2016,amwagiriza kugirisha ubugeni bidaciye mu mategeko.

Abandi batowe ni Emérence Ahishakiye yatowe ngo arongore inama mpanuzwajambo ya komine Mukaza,icegera ciwe yatowe ni Espérance Ngerageze.

Abandi bagenywe ni Iddi Radjabu Kabano yagenywe kurongora zone Buyenzi, Salvator Mudogi kurongora zone Bwiza.


IGIHE

Messages

  • Emwe Bakoze Gutora Uwundi Musitanteri Nyamba Yarubahutse Kuraganisha Abageni Bidaciye Mumategeko Arikn Ico Nsaba N’iki Nyakubahwa Musitanteri Watowe Uzoduserukire Neza Hiyo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.