IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Laurent Kavakure : Kumenyekanisha ibikorwa vy’ubushikiranganji biteza imbere (...)

Laurent Kavakure : Kumenyekanisha ibikorwa vy’ubushikiranganji biteza imbere ubutunzi

mercredi 9 Ndamukiza 2014

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwatanguje ibikorwa vyo kumenyekanisha ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji, mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Muri ico kiganiro cabereye mu nyubakwa z’ubwo bushikirangaji ku muhingamo w’uyu w’8 Ndamukiza, Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje ko ivyo bikorwa vyatanguye mu mwaka w’2012, aho Uburundi bwahimbaza imyaka mirongo itanu bwari bumaze bwikukiye. Yaranamenyesheje ko bizohora biba ku mwaka ku mwaka mu kwezi kwa Ndamukiza. Ibikorwa nk’ivyo, nk’uko vyashikirijwe na Laurent Kavakure, bigamije gutanga no gusangira amakuru no kumenyekanisha ivyo ubushikiranganji arongoye bukora.

Icivugo c’uyu mwaka akaba ari : "Gufashanya no gutera imbere kw’igisata c’abikorera ivyabo."
Umushikiranganji Kavakure avuga ko igituma bahisemwo ico civugo, ari kubera igisata c’abikorera ivyabo ari kimwe mu bituma igihugu gitera imbere. Kukaba nkako, kirafasha Reta mu gutanga ubuzi, gutyo ubukene bukagabanuka mu gihugu.

Hategekanijwe uruganda rwo kwerekana ibimaze kurangurwa n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, bikaba vyabereye muri Hotel Club du Lac Tanganyika, kuva kuri uwu wa 9 gushika kuwa 11 Ndamukiza.


Isabelle Simbarakiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.