IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Léonidas HATUNGIMANA kw’isonga ry’abandikiye Petero Nkurunziza bamubuza (...)

Léonidas HATUNGIMANA kw’isonga ry’abandikiye Petero Nkurunziza bamubuza gusubira kwitoza

lundi 23 Ntwarante 2015, par Egide N

Bamwe mu bagumyabanga bakomeye ba CNDD FDD basaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kudasubira kwitoza mu kindi kiringo co kurongora Uburundi. Mw’ikete ryandikiwe Petero Nkurunziza rigashirwako umukono na bamwe muri abo bagumyabanga harimwo Léonidas Hatungimana umuvugizi w’umukuru w’igihugu hamwe na Onésime Nduwimana yahora avugira uwo mugambwe ariko akaba aheruka gukomborwa, bahanuye Petero Nkurunziza kuvavanura n’ikiringo ca gatatu.

Kw’isonga ry’abateye umukono kuri iryo kete ry’abasavye Petero Nkurunziza kutitoza mu kiringo ca gatatu, haza Léonidas Hatungimana (batazira Tout autre), umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, hagakurikira Onésime Nduwimana yahora avugira uwo mugambwe.
Abo bari mu ndongozi za CNDD FDD bakaba kandi bashinzwe n’amabanga akomeye mu gihugu bagera kuri 17 bandikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, bose bagasaba uwo asanzwe arongoye inama nkuru y’inararibonye za CNDD FDD ko atota igihugu mu manga mu kurondera guca kubiri n’amasezerano y’i Arusha.

Urwo rwandiko rwarungikiwe Petero Nkurunziza rumumenyesha ko abo bagumyabanga bajejwe amabanga atandukanye mu nzego z’umugambwe CNDD FDD hamwe no mu nzego z’igihugu, bari n’iteka ryo kumumenyesha aho bahagaze ku kibazo cerekeye uwuzoserukira umugambwe uri ku butegetsi mu matora y’umukuru w’igihugu, kuko ico kibazo ari nkoramutima kandi kiraje ishinga abarundi benshi nk’uko babimenyesheje muri urwo rwandiko, bakavuga ko ari naco gituma abo bagumyabanga bakomeye bashimye kugira ico bashikirije, bakava mu gacerere.
Izo ndongozi za CNDD FDD zamenyesheje ko zishima intambwe Petero Nkurunziza agejejeko igihugu, ariko rero ko bihweje icuka kiri mu gihugu muri kino gihe, bamusaba ko yofata nkankama umwitwarariko w’abagumyabanga benshi, akareka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu muri aya matora twimirije. Abo bagumyabanga bati : "Mubikoze gutyo muzoba muhisemwo neza, ku neza y’Uburundi n’abarundi, n’izina ryanyu rikazoca riba rurangiranwa mu mateka y’igihugu c’Uburundi hamwe no mu makungu."

Turetse Léonidas Hatungimana (batazira Tout autre), umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, hamwe na Onésime Nduwimana yahora avugira umugambwe CND FDD, abandi bateye umukono kuri urwo rwandiko ni Kanyange Genevieve arongoye abakenyererarugamba ba CNDD FDD ku rwego rw’igihugu, Nyandwi Anselme arongoye intara ya Bubanza, Umushingamateka Bucumi Moise ari mu nama mpanuzwajambo y’umugambwe CNDD FDD, umushingamateka Oscar Ndayiziga yahoze arongoye intara ya Muramvya, Barahemana François na Niragira Jean Berchimas bompi bari mu nzego nkuru nyobozi za CNDD FDD, Nitereka Gabriel atwara urwego rukuru rw’umugambwe muri komine Vugizo intara ya Bururi, umukenguzamateka SURWUMWE Edouard, hamwe na Evariste Nsabiyumva umuvugizi w’umuhuza w’abarundi, hamwe n’abandi bategetsi bo muri CNDD FDD.

Urwo rwandiko rw’abadashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza rwoba rwari rwatanguye gukwiragizwa mu gihugu cose, nk’uko amakuru dukura mu begereye abo baruteyeko umukono abivuga, ariko bikaba bivugwa ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ameze kubimenya, abaruteyeko umukono baciye batangura guterwa ubwoba. Intwazangabo zibiri arizo Général Major Ndirakobuca Gervais batazira Ndakugarika hamwe na Général Etienne Ntakarutimanabatazira Steve, arongoye urwego rw’igendereza akaba aribo bavugwa kw’isonga ry’iryo terabwoba rivugwa ko ririko rikorwa kuri abo bashize ahabona ko badashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.


Egide Nduwimana

Messages

  • ariko ibi abagumyabanga turimwo ni ibiki? NYAKUBAHWA MUKURU W’IGIHUGU naharo ngukunda nibaza ko abagukikuje aribo baguta mumakosa, ariko ndavye ingene uriko uragundira ubutegetsi binyereka ko twahora tukwihendako. none nkubu urabona ingene igihugu gikenye, amakungu ariko akwiyamiriza, niyo yahora adufasha, none niwanka kurekura ubona uzoba uriko utujana he? MBE UWUNDI MU PRESIDENT YAKORA IBYO UGOMBA GUKORA WOMWEMERERA? Ereka abanyagihugu ko uri umunyakuri, uhagarara kumasezerano kandi ko Imana usenga ari Inyamahoro. sinon ndakubarire, niwanka kurekura abanyagihugu bashobora no kudatora umugamwbe CNDD FDD maze tugasira twese turirira mumyotsi, MUZOSANGA RWASA YAKIDUTWAYE KUBERA KWIKUNDA GUSA. NONE WWE NTUBONA KO MUMUGAMBWE TWAMAZE GUCANAMWO????? C’est vraiment domage. "NGO ICO UTIFUZA KO MUGENZI WAWE YOKUGIRIRA NAWE NTUKAKIMUGIRIRE"

  • abhutuyobahaze bibagira iyobavuye sinarinziko leo yomurwanije nukintu yamukuyeko agafunihejuru agirapfe abonibagende abumutima turamubona turamushigikiye gusa bazotangara babureyobanyikira ariko nibazko mushikuza atarivyo

  • mbega uyumukuru wigihugu asigaye yirebanga wenyene nabonako yafaditswe naveko mumagurumasha akokarwi kabantu bane bamushigikiye bazokimuha kunguvu mutama nkurinziza ibintu vyose birahinduka kiretse ibijuju gusa nivyo bidahinduka niwihangana ntakundi.

  • NAVUGE RIMWE GUSA ABARUNDI BARUHUKE TURARUSHE

  • Mbega abo ba major batera ubwoba abandi, bibaza ko igihugu c’Uburundi ko aribo bakivukamwo bonyene ,canke peter Nkurunziza ,niwe yoba yarunkuye kuguma atwara ugihugu.abo batera ubwoba abandi barazi ko twebwe twabanye nawe mu nkambi Imutabila ’dukorera umugambwe! None kuberiki twiphuza. Ko yo vako nuko twoba tuta mukunda canke? Nabise abandi batware nibeshi bene gihugu biphuza nabo ko botwara, Nti dukeneye intagondwa mu gihugu cacu. Ibwiriza nshingiro iharusha ntirivyemeza. Abarundi twarushe n’mugambwe wanyu CDD EFDD.Murakoze

  • tout outre urahemukiye uwagukuyeko ubuhiri ?uraze icoyimena uribagiye.abonabo bashoyinda icobahiga namahera bayaronse abazouru turibwima turaziyoyadukuye urgendogwiza

  • Komera bagumyabanga ndabona muhagazeneza kumujino maze tuzobereke abavuga kwikobazo cozokenyurirwamwibarabara tuzoronke ukotubiyamiriza tuvugatuti nubwobatwe twavugako adakwiyekwitoza arikumuti ntikwarukuja mumabarabara. Tuzobakinampaka nokukadomo.

  • ANALYSE DES FAITS SAILLANTS
    - Mumajambo make Peter EST EN DANGER
    - IL RISQUE DE SUBIR LES MEMES SORTS DANS TROIS DYNAMIQUES SUIVANTES
    1°SCENARIO : LE SORT DE LAURENT DESIRE KABIRA DU CONGO
    2°SCENARIO: LE SORT DE COMPAORE BLAISE
    3° SCENARIO: LE SORT DE LAURENT BAGBO

    LES TROIS SCENARIOS POUR LE MOMENT SONT INEVITABLES , ababishoboye ba muritegura abandi tera akamo amakungu ibara ritararwa kuko ibintu vya Peter bigeze kure Kubera abamuhenda ngo TROISIEME MANDAT ça C EST DE L’UTOPIE
    NGWA MASO YUZA GUPFA NTIYUMVA
    C EST DOMMAGE POUR LE BURUNDI D ETRE GOUVERNE PAR DES PERSONNES SANS SOUCIS NI FOI NI LOI COMME SI C EST LA DERNIERE GENERATION DE LA PLANETE

  • AMARIKE ARIKO ARABIRA HASIGAYE KURONDERA UWUZI GUCUMBA TUMUHE IFU
    NZIZA.AMASENGESHO Y’ABASENYERI ARABAHINDURIYE,UGUTWI KW’IMPENE KWUMVA IYO GUHIYE.NAHORA NSHIRIRIYE NONE UMWAMBARO NDAWUKUYE NABANDI BABONA KURE SASIRE IMITAMANA AGATHON YIJABUKIRE.

  • AMARIKE ARIKO ARABIRA HASIGAYE KURONDERA UWUZI GUCUMBA TUMUHE IFU
    NZIZA.AMASENGESHO Y’ABASENYERI ARABAHINDURIYE,UGUTWI KW’IMPENE KWUMVA IYO GUHIYE.NAHORA NSHIRIRIYE NONE UMWAMBARO NDAWUKUYE NABANDI BABONA KURE SASIRE IMITAMANA AGATHON YIJABUKIRE.

  • AMARIKE ARIKO ARABIRA HASIGAYE KURONDERA UWUZI GUCUMBA TUMUHE IFU
    NZIZA.AMASENGESHO Y’ABASENYERI ARABAHINDURIYE,UGUTWI KW’IMPENE KWUMVA IYO GUHIYE.NAHORA NSHIRIRIYE NONE UMWAMBARO NDAWUKUYE NABANDI BABONA KURE SASIRE IMITAMANA AGATHON YIJABUKIRE.

  • AMARIKE ARIKO ARABIRA HASIGAYE KURONDERA UWUZI GUCUMBA TUMUHE IFU
    NZIZA.AMASENGESHO Y’ABASENYERI ARABAHINDURIYE,UGUTWI KW’IMPENE KWUMVA IYO GUHIYE.NAHORA NSHIRIRIYE NONE UMWAMBARO NDAWUKUYE NABANDI BABONA KURE SASIRE IMITAMANA AGATHON YIJABUKIRE.

  • AMARIKE ARIKO ARABIRA HASIGAYE KURONDERA UWUZI GUCUMBA TUMUHE IFU
    NZIZA.AMASENGESHO Y’ABASENYERI ARABAHINDURIYE,UGUTWI KW’IMPENE KWUMVA IYO GUHIYE.NAHORA NSHIRIRIYE NONE UMWAMBARO NDAWUKUYE NABANDI BABONA KURE SASIRE IMITAMANA AGATHON YIJABUKIRE.

  • NDABEMEYE BURYA SI MPAKA UMUNTU AVUGE ICO ABANTU BESHI BIFUZA

  • Ukuri guca muziko ntigusha komera bagumya banga ,Nkurunziza warakoze ruhuka urarushe uhe abandi bakutse ikivi abarundi turazi aho wadukuye ariko naho biruko reka abandi bakwakire ukanka naho kananirabagabo ntiyimye kandi igiti cintahanugwa cahiye abagabo babona

  • Kumbe twahora twunva abo bita ivyihebe mubihugu vy’abarabu na Somalia naha I Burundi bariho muri CNDD FDD. , barongowe na Peter NKURUNZIZA kuko ntagomba kunva impanuro . Kurubwo rero abarundi twese tuzoja mwibarabara turabe aho uzoduca .

  • Ubutigu burageze Nkurunziza narabe neza kuko ibihe arimwo vya politik binyibutsa ibihe Havyarimana womu Rwanda yararimwo imbere yuko agandagurwa Murakoze!!!!!!!!

  • Gira ugende mutama igihe kirageze, twagukunda ariko akaryoshe ntigahora mwitama.

  • Mbe ko mumubembereza ? Ni mumureke abandanye ngo ashaka gusubira kuba umukuru w’igihugu, hama abone ivy’inkoko yaboneye k’umugezi!

  • bakoze igikogwa ciza batwerets kobakunda uburundi.

  • harageze ko utanga igihugu ingorane gifise mwagiteye ninyishi !!!!gendanda NTITUGUSHAKA HAZE uwundi turabe ko yashayura IGIHUGU.tukamufasha abarundi twese.

  • Mutama wokumburawohinduranayahandi ubuturiteguriyekukugwanyabihagije kandi utemeye intambara irotangurira murugo iwawe ahotuhagaze turindiriye ukorore gusa kirosigarekiratwarabandi washitseyo abobandamugarikanabo nabakubeshankumwana watanguyeneza ugiruhezenabi

  • NDABASAVYE BARUNDI MWUBAHE IMANA KANDI MWONGERE MUYITINYE!!!!!!!! NDAVYE UKUNTU IMANA YAKOMANTAJE UMUTIMA WA NKURUNZIZA KUGIRA NGO IVYO YAVUZE KUBURUNDI BISHIKE. ARIKO KANDI BARUNDI NDABASAVYE NGOMUSENGERE UBURUNDI CANE KUGIRA NTITUZE TUBONE AMAHANO KUBWA NKURUNZIZA; KANDI NAWE NTAZE ABONE AMAHANO YO KUZOVA MUKIRIMBA AJAKURISHA IVYATSI MWISHAMBA NKUKO IMANA YABIKOREYE ABAMI. NDABABAYE CANE

  • Hagati y’ivyo amategeko avuga, n’ivyo twipfuza, n’ivyo abandi dusangiye akazi bashaka dukwiye kumenya ahi duhagarara. Abo bagabo ntibanka umukuru w’igihugu. naje sidamwanka naho ataco aramarira ubwanje bwite, naho ibwirizwa nsingiro irimwo utunenge, bikaba bisabako Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro haba ariyo itandukanyz abaharira kuvyerekeye ikiringo, hako babicisha mugushikuza. Urwo nirwo rwego rubijejwe, rwemewe ’amategeko. Ariko aho bigeze, turavye n’ingene abarundi basanzwe bameze, kuguma mumpari nkizo bituma hari abokwiyumvirako koko umukuru w igihugu yahavuye yemerako Imana ariyo yamuhaye ubutegetsi kandiko azobuvamwo ari uko Yonyene ibimutegetse tutavyumva. Harimwo akagayo. Abantu bemerako CNDD FDD ari umugabwe ukomeye bohava bibazako atarivyo kuberako ushingiye kumuntu umwe. Umugambwe urakomera kuberako ufise abantu beshi b incabwenge bafashanya ivyiyunviro, hanyuma bakarondera uwubafasha kubishikiruza. Ndabasavye kuda censura!

  • Ivyonamavuga uyumuntu yitwa Matana akomeje kubibereka mwantamenyamwe, aravizengo: Gendantitugusha ahanyene urumvako avuze umuntumwe, ariko yaciyeyongera abishira mubwishingo: Ingorane mwaduyeje!!! Murabamwumva, abibaza ngobarikobarahondahonda Nkurunziza haraho muzosangamwarihenze urazobaza abanyarwanda ivyobakoze mbere ya 94 bibaza kobarimwo barashaka guhasha Habyarimana uwari prezida kandivuakorwa nabanyarwanda bomumokoyose arikondibazako ivyobagirango bizobakiza vyabakwegeye impfu, amaboroko nokwicuza kubakoriho ( Twagiramunyu.org etc)

  • NUKURI NUKURI NSABAKO UWOTANGUZA INTAMBARA KUBWIWANJE YOHERA MUBIWE NO MUVYIWE HANYUMA IGAHERERA IWE.100%

  • ingorane nuko mubatwaye igihugu atamuntu,aragira iterambere ryigihugu rigaragarira abanyagihugu bose bidafatiye kuntara,kumoko uretse nyakwubahwa Jean B.BAGAZA mbe umurongozi nkuyo ,atakoreye inyungu ziwe, canke umuryango wiwe ,twomuronka ga yemwe ,muri kino gihugu cacu?

  • wewe wiyita nuwera ico nokubwira kananira bagabo ntiyimye uranyumva kananira bagabo ntiyimye urabaza uwo mugani ico uvuga nutaba uwuzi hiiiiiiiiii

  • La force de la loi doit primer sur la loi de laforce

  • Leonidas Hatungimana Nindongozi Mumfatanije Urugamba Rwokurwanya Ukwitoza Ubugira Gatatu Kwa Petero Nkurunziza Mukomere Kumuheto Turinyuma Yanyu Abo Babatera Ubwoba Ntaco Bazoshikako.

  • Ico mpanura PETERO NKURUNZIZA:<<Narabe ntamere nka FARAWO.>> ivyakwirikiye kwabaye guhona kw’abanyegiputa hanyuma abi Isilayeli nabo barambuka.nawerero umugambwe wiwe uzohona hasigare iyindi.IKIBWIGWA NICUMVA ICEREKWA NIKIBONA.

  • Kuba umuntu yovugisha ukuri ahahagaze nivyiza kandi kuvugisha ukuri kukiringo ca 3 twese turakibona Peter nashengurukane amahoro,ariko ndibaza igituma aguma yiteza utunyoni nuko aziko ariko arategura igisoda kizomugwanirira:akarorero abariko barimenyerereza kuwinka muri Tanzania kumupaka mumabanda.nahandi.

  • uwo nuwera nivyabijuju vyavuka bitaragera mbeg atarubusuma nubwicany harikindi yakoze catumye amenyekana mumakungu azakwihengera abarundi ngo bamuha ubushimwe kumbe nintonde zabantu bazokwic yagiy gutora ivyabay muri uganda aduhenda kmbe bari mumugambi wogukerera bababikira ngo nagashimwe yagiy gutra uwo musuma mbega iyobw ngo nuwera nyagupfa uteze ww ugra usumba abo birirwa barabogozwa kumenyekana cnk ivyimigabw urabibasvya wa kirura bwengew?

  • Buraca biraza! Kidahanugwa yagendanye amavyi kuzuru! Hama ngo intabarigwa ibwigwa nuko amaso atukuye,ikibwigwa ni icum8a icerkwBuraca biraza! Kidahanugwa yagendanye amavyi kuzuru! Hama ngo intabarigwa ibwigwa nuko amaso atukuye,ikibwigwa ni icum8a icerkwa...

  • Nuwera We urinjagaziiii Pe! Maze gukwirikirana Ama Commentaire menshi yawe.... . Hisha uco uri bizogufasha muri kazoza.
    Hejuru ya General NIYOMBARE,abandi Bashingantahe babandany baboneka. Mbega Uburundi buzogeza ryari gutwarwa na basumire Inda? Nyakubahwa President NKURUNZIZA raba nkuko mwita Nkurunziza Mushikirize Abarundi N’amakungu Inkuru Nziza Kubijany Naho Muhagaze Kur’iyi Mandat bamwe bita Iya Gatatu Abandi Iya Kabiri.
    Ndasaba Abantu Bashikiriza Amajambo Kumaradio barabe Taux D’instruction Y’igihugu Uko Ingana Kugira Bamenye Ayo Bavuga Si Non Bashobora Gusanga Bariko Bakokeza Ingwano!.

  • Nuwera We urinjagaziiii Pe! Maze gukwirikirana Ama Commentaire menshi yawe.... . Hisha uco uri bizogufasha muri kazoza.
    Hejuru ya General NIYOMBARE,abandi Bashingantahe babandany baboneka. Mbega Uburundi buzogeza ryari gutwarwa na basumire Inda? Nyakubahwa President NKURUNZIZA raba nkuko mwita Nkurunziza Mushikirize Abarundi N’amakungu Inkuru Nziza Kubijany Naho Muhagaze Kur’iyi Mandat bamwe bita Iya Gatatu Abandi Iya Kabiri.
    Ndasaba Abantu Bashikiriza Amajambo Kumaradio barabe Taux D’instruction Y’igihugu Uko Ingana Kugira Bamenye Ayo Bavuga Si Non Bashobora Gusanga Bariko Bakokeza Ingwano!.

  • Leonidas Hatungimana nabo muri kumwe muri abagabo bimvuga kuri.Narimaze imisi mvuga ko mu Burundi atabashingantahe bimvuga kuri bakiriho none murahari kubera iki mwari mwabanje kwinyegeza?Hapfa uwuvuze ukuri ariko ukuri yavuze ntigupfa.

  • Jewe ndi Umuhutu ariko igihugu catunaniye,ni bagihe Abatutsi bitwarire kuko Nibo bashoye gutwara

  • ntibabatere ubwoba vugisukuri uzopfa ntuvugise ukuri nahonyene urapfa mubwire peter areke kwimaramaza muburundi ni mumakungu kubera adolofe bazomutwenga yongere amaramaje umugore wiwe hamwe nabana niyemere na buyoya yaremeye aduza amaboko we yavugango nakagwi kitwaje ibigwaniso ngo nzokarwanya ariko yumvise runuce yaratevye aremera none peter nawe nateswe ate kuko uvumwana nabeshi ugatota abobose babatera ubwoba baraziko baroca bikorera ingata batahe canke bakazemwo kazima bamaze kumenyekana Imana irababona ntimugire ubwoba

  • Singututse mvuze nkurikije ivyo wanditse,wewe wiyise sdhgghkmbbd uri ikijuju cakindi canyuma mu Burundi,urakabona unyegeje izina ryawe naho ubundi nari kuza kugutoza iminwe kuko urambabaje kumva ko ukiri muvyamoko,ntaco bitwaye kuzi Nyoko yakuvyaye na So

  • Uwo Tout Autre yamye aruwakajagari turamumenyereye,mugabo yibagira ningoga,aribuka ya NDAKI yamazemwo amezi atari make,aribuka uwayimukuyemwo.Léon nikijuju basi .

  • Ntimugahore umuntu ivyiyumvirio vyiwe erega baca umugani ngo umurertsi w,igisuma niwe gisuma nyene.Nagira nshikirize ivyiyumviro bitandukanye nfatiye kuvyo abandi bashikirije ndabunganira kandi negura bamwe muribo mpere kuku negura:
    - Nuwera we turavye neza imvugo zawe bigaragara ko woba uri muri babacangero baje kuduhekura no gusubiza uburundi mukaga
    - nuwera we turazi ko hari abaherwa kugirango bakokeze ivyiyumviro bitubaka mubantu.
    - mumvugo rusangi abantu nkaba Nuwera si abarundi nibareke kudutuka badutukishiriza igihugu
    Mukwunganira abandi
    - abo banditse ikete nukuri ndabakeje gose kandi nibashire amazinda kandi Imana irikumwe nabo ntibatinye Imana siya peter canke adolph canke ndakugarika
    - Imana niyabose kandi yumvira benshi nukuri peter nareke kwikwegera imivumo niyumve impanuro kuko bacumugani ngo kananira bagabo ntiyimye kandi ngo gwiteye imanza yarongoye babiri nafate ingingo ntagume abesha ngo bamwankiye canke bamubwirije abarundi bafise ingingo yabo nkabene gihugu afata ingingi rwiwe nabo bazofata ingingo yabo
    - uburundi subwabatu bane canke batanu uburundi nubwa twese kuko nabadashigikiye ico kiringo nabo nyene n,abarundi kandi bafise gufata ingingo. Zabo nkabane gihugu
    - ntibadukangishe ingingo niterabwoba tuzobiyamiriza twivuye inyuma kuko tubifitiye ububasha nk,abarundi

  • Noneho biriko biraza, muriko murereka Abarundi n’isi yose ko CNDD FDD yareza neza n’ubwo hakiriho Ibigwari vyinshi. Mukomere banyakwubahwa, muheshe agaciro amaraso y’ibihumbi vyinshi baguye kurugamba kubera: 1. Uburundi, 2. FAB, CNDD FDD/FNL/ etc... Ntabwo ari ukubera S.E Nkurunziza abana b’Uburundi basheshe amaraso yabo, abandi bakaba ibimuga, abandi tukigendana Impacts mumibiri yacu. Niharambe Uburundi bwa Nyaburunga, niharambe ababukunda vy’ukuri bakanaraba kure nk’izo Ntwari ziri gutinyuka. CNDD FDD ni Moteur y’igihugu uyu munsi, rero nibarabe neza bahitemwo neza imodoka ntihave izima Igihugu kigeze kumumanuko mubi caane. Murakoze

  • NIVYIZA KWEREKA AHOBAHAGAZE MUGABO BABIKOZE NKABANDAFISE AKARANGA MUTIMA KUMUGAMBWE CNDD FDD,

  • Ni musenge Imanaizoca urubanza kuko nta kuganzakutava ku Mana niko Bibiliya ivuga ku bizeye nayo impari ntaco zimaze.

  • Ndabona abaraye mucumba camasengesho y’ukuri.bari barongowe na Roho mtakatifu, Atari roho mtaka vitu.inkintwenza iyo umuntu ashaka gukora ibidakorwa arirondeza utuntu afundikanya kugira yereke abantu ko ari mukuri.muncamake ibintu birumvikana ibiringo bibiri vyumukuru w’igihugu.nukuvuga atorwa nabantu,yitora,canke agatorwa nibikoko,ntiyemerewe kurenza ibiringo bibiri.rero kubamwandikiye ndabakeje.kera bavuga nguwutaciye kuntebe yishure Ngo niwe atumva ibintu!!wayiciyeko si kutavyumva gusa,uranafata ningingo zo kwiyahura.
    m

  • Ese Abayobozi Bokwama Bavuga Ukuri Badatinya Kuva Mubibaza Vyiteka Bababarimwo Igihu Cokogorora Ndibazako Iyo Arintango Dusenge Izabikora.

  • avoir des idees contradictoires c’est bien dans un prti politike ariko berekanye ko akarangamutima bakadashwe,. kandi nubwambere numvise umuvugizi yikura kuri shebuja yahora avugira, ewe tout autre, wibagiye iyo wavuye

  • abakeba ba dd ubu bafise moral kuko igikorwa co gusambura cdd fdd cafashe intumbero. ivyo navyo bica muri achat de conscience,ariko leonidas turazi ko ata majwi yoronka , niburi buri onesime,mugabo nawe ahanini yotorwa nabagore nahonyene babasirimu bamwe bamwe bamaze kumenyana .muraraba ko ibi vyose atari ya ntumbero wakwnya wo mu cibitoke yatangura kandi agejeje kure

  • HATUNGIMANA KOYIYAMBUYE UBUDAHANGAGWA<MUMUFATE MUMUBAZE ZANZIRAKARENGANE ZABANYESHURE BAGISIRIKARE BAGANDAGUGWA BAVUYE GUKINA UMUPIRA ISIKAMU NABANABAGUYE KWISHURE IBUTA>

  • Emwe,je mbonye abagumyabanga bose babirukanye nta numwe asigaye atari umugumyabondo.ko bose babirukanye none mwumva bazotsinda amatora none ko nko mu ruyigi abaserukira intara no mu cankuzo bose babirukanye kandi aribo bahora bagirayo propagande?

  • Uhubwo biratangaje uvugizi niwe twaridukwiye kubaza ariko yagiye mubandikira umukuru w’igihugu ,kandi ntivyari bikenewe nuko bamwandikira bobivuganiye mumugambwe munama,hanyuma bakamenyesha abarundi icavuye mu nama y’umugambwe.Ivyo bishobora kujuragiza abagumyabanga hamwe n’abandi babizera.Ivyo bisubiza inyuma igihugu n’umwizero abarundi baribabafitiye.Rabamwisubireko ntimute Uburundi mumanga.

  • LEONIDAS NA WEWE....!!! URIMARAMAJE KWERI IMBERE YABAGUMYABANGA NINGENE TWARI TUKWIZEYE.ARIKO NTACO TURAMENYE ICURI KANDI WAHORA UTWIYOROBEKAKO ARIKO NIVYIZA.
    URORANIRWE MURUBWO BUJUJU BWAWE.

  • Aba bandikiye Peter n’abagabo pe. Ntibari bakwiye gukurwa mu mugambwe. Jewe mbona Pascal Nyabenda na Ndabirabe Jerazi berekana cane ubugumyabondo bafise ata neza y’abarundi isinzi biyumvira. None Peter n’umwana ataravuka ntabona ko mandat zibiri agira aziheze. Igihe yarahira muri 2005 yarahiye avuga ngw’iki? Akaba yabaye umukuru w’ikindi gihugu atari uburrundi arabidutomorera. Nta ntamabara izosubira ........ Arabaza Laurent Bagbo ingene vyagenze. None muri DD ni Peter wenyene yoshobara gutwara?

  • nivyo gushima peeeee

  • IMANA SUMUNTU.MUMITIMA YANYU,ATARUKUNDO RURI MURI WEWE,IVYOWIBAZA VYOSHIKIRA,ABARUNDI,NUBUSA,UKUBAHO KWACU NUMUREVYI,SENGA,IMANA UGUHEMA KWAWE ARIYOYAKUGUHAYE,UZUKOROKERE MUMABOKO Y’ IMANA YA DAWIDI,AMINA.

  • nuko uwomutama yobisa abandi banyotewe gutwara!

  • AHUBWO ABO NIBAKOMERE NI ABAGABO NATWE TURI INYUMA YABO à0metre.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.