Accueil > Amakuru > Poritike > Ligue ITEKA usaba CENI gukosora utunenge twibonekeje ku ntonde z’abagize (...)
 Ligue ITEKA usaba CENI gukosora utunenge twibonekeje ku ntonde z’abagize CEPI
 Ligue ITEKA usaba CENI gukosora utunenge twibonekeje ku ntonde z’abagize CEPI
				
				jeudi 9 Gitugutu 2014
Umuhari Ligue ITEKA usaba umurwi CENI gukosora tumwe mu tunenge twibonekeza mu bazorongora imirwi y’amatora mu ntara.
Ku bwa , Anschaire Nikoyagize, umunyamabanga mukuru wa Ligue ITEKA, avuga ko kubona hari abacamanza bagera kw’icenda baherutse gushirwa ku rutonde rwabo bazocungera amatora kandi batanzwe n’umugambwe CNDD FDD , vyerekana ko ubutungane mu Burundi bukironderwa. Umukuru wa Ligue ITEKA agasaba nyabuna ko umurwi ujejwe amatora mu Burundi wokosora aho hose hibonekeje ubunenge kugira amatora yo muri uyu mwaka uza w’2015 aze agende neza.
Mukamenya ko imigambwe itandukanye yemeza ko abatanzwe kugira baze baserukire umurwi CENI mu ntara benshi ari aba CNDD FDD canke incuti z’uwo mugambwe. Imwe muri iyo migambwe ikaba ari iyihurikiye mu runani rutavuga rumwe na Reta yo muri ADC Ikibiri. Abandi n’ubu bagitakamba ko izo ntonde zohinyanyurwa nabo bagashikirwa, akaba ari abiswe abakinyi ba poritike.
Aristide Nizigire

Messages
9 Gitugutu 2014, 20:46, par sivyubu
igihe cose uzokora ibintu hakabonekamwo amahinyu bisigura ko ivyobintu urikukora atavyushoboye yabarahandi bacabihundura
10 Gitugutu 2014, 10:38, par IBIGOYEMAKUNGU
KIGALI ISHAKA KWICA ABANYAPOLITIKI. NUKUVUGAKO NTA POLITIKI IZONGERA GUKORWA MURWANDA UBWO BURI WESE NUKWIGENGA
10 Gitugutu 2014, 10:38, par IBIGOYEMAKUNGU
KIGALI ISHAKA KWICA ABANYAPOLITIKI. NUKUVUGAKO NTA POLITIKI IZONGERA GUKORWA MURWANDA UBWO BURI WESE NUKWIGENGA