Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Habaye ukurasana gukomeye i Bamako
 Mali: Habaye ukurasana gukomeye i Bamako
 Mali: Habaye ukurasana gukomeye i Bamako
				
				vendredi 8 Ruhuhuma 2013
Habaye ukurasana gukomeye ku murwa mukuru wa Mali, Bamako, hagati y’abasirikare n’abantu bitwaje ibirwanisho bashigikiye uwahoze atwara Mali, Amadou Toumani Toure.
Umushingantahe Toumani Toure yakuwe ku butegetsi ku nguvu n’igisirikare mu mwaka uheze.
Iyo mirwano ngo yatanguye igihe abasirikare bashatse gukura abo bitwaje ibirwanisho mu kigo cabo.
Ariko ubu bivugwa ko hatekanye, ibintu bisa n’ivyasubiye mu buryo.
Hagati aho umwihevyi yiturikirije igisasu mu muji wa Gao uri mu buraruko bw’igihugu, bikavugwa ko umusikare umwe yakomeretse.
Abasirikare bayobowe n’Abafaransa bari mu mirwano n’abarwanyi ba ki Islam hafi ya Gao, uwo muji ukaba wari icibare gikomeye c’abo barwanyi gushika mu minsi mikeyi iheze.
Munyembabazi Jean de Dieu
