IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Maragarita BARANKITSE : Ubutumwa dufise ni ubwo gufasha imbabare

Maragarita BARANKITSE : Ubutumwa dufise ni ubwo gufasha imbabare

jeudi 12 Munyonyo 2015, par egide

Maragarita Barankitse avuga ko yatewe agahinda n’ukwumva ko umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yahagaritse ububiko bw’amafaranga y’ikigo Maison Shalom gisanzwe gifasha abatishoboye. Uwo arongoye ico kigo yibutsa ko bafise ubutumwa bwo kugarukira imbabare, ariko muri poritike bakaba batarimwo.

Mu kiganiro yagiranye na BBC, Maragarita Barankitse yamenyesheje ko ikigo Maison Shalom gifise ibikorwa bitandukanye birimwo ibitaro, hamwe n’ikigo c’impfuvyi, ivyo bikorwa bikaba ubu bimeze nk’ivyahagaze kuko aho Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika ategetse ko atawosubira gukura amafaranga kuri ubwo bubiko (Opposition de retrait).
Barankitse avuga ko vyamuteye agahinda, arumirwa, kuko iyo ngingo iteye n’ubwoba kubw’ingaruka zayo ku bantu barimwo n’impfuvyi bafashwa n’ikigo Maison Shalom.

JPEG - 508.2 ko
Umuyobozi w’ikigo Shalom, Maragarita BARANKITSE

Mw’ikete rya Valentin BAGORIKUNDA, umuyobozi mukuru w’ibanki BCB (Banque de Crédit de Bujumbura) yategetswe ko atawosubira gukura amafaranga ku bubiko bwa Maragarita BARANKITSE, n’ububiko bw’ikigo Maison Shalom co mu ntara ya Ruyigi bukaba butosubira gukurwako amafaranga, ivyo vyose kubwa Valentin BAGORIKUNGA, akaba ari mu ntumbero y’ugufasha mu matohoza ariko arakorwa.
Umuyobozi w’ikigo Shalom, Maragarita BARANKITSE ari ku rutonde rw’abantu baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi kubera ivyo bagirizwa vyo gufasha ibikorwa vy’imigumuko mu Burundi.

Kuri ivyo yagirizwa, Maragarita BARANKITSE yagize ati : Dufise ubutumwa bwo kuraba imbabare, ntidufise ubutumwa bwa poritike.


IGIHE

Messages

  • nibayahagarike kuko ntiyaragikora ico yagenewe, wishinga kuyahereza muri poritike, no guhemba abahungabanya umutekano...e izo ningaruka zogukwirikira abakungu....uwutema urwiwe bamutizumuhoro!!!..intwaro zo kwababuyoya zozo zica nabategetsi we yarihe???? mwinyegeza inyuma yamamanda kugirango mutembagaze ubutegetsi bwabahutu...ubu ntibikunda!!!!!....

  • Urahumba sha winyegeza inyuma yizompfuvyi mugukokekeza amabi korivyujejwe urekane na politique

  • Maragarita Barankitse warakoze birashimwa kandi nubu ukiriko mugabo haraho warenze akarimbi kuko niba ufasha imfuvyi ntiwagomvye kuba wanagiye muri politike kuko iyo politike niyo yatumye haba imfuvyi nyinshi.Mandat ya gatatu ya Nkurunziza wewe ntiyakuraba kuba warubahutse guhamagarira abantu kuja mu mabarabara ntabgo warugifise umutima wo kurera imfuvyi kiretse niba uvuga ko imfuvyi zari zabaye nkeya ushaka kko zongera kugwira.Nanone reka nsabe abandika mugerageze kwandika mushizemwo nu urupfasoni kuko nkuyu yiyise KAMARO igihe turimwo sic’abahutu sic’abatutsi nic’abarundi bose,ivy’amoko vyajanye na BUYOYA nabo yakurikiye bose.Maragarita Barankitse va muri politike uje kurera imfuvyi ninaco Imana izoguhembera.Kuko nkubu nibasanga hari amahera yasohotse aja kugura ibigwanisho canke ahembwa abari guhungabanya umutekano muvyukuri uzovuga ko uruwo kurera imfuvyi? ivyiza twakoze nitureke kuvyononesha ibibi vyo hanyuma.Muvyeyi niba ibivugwa arivyo ikebuke.

  • erega ww ubushaka ko uburundi buja mukajagari hama hasigare ipfuvyi hama ishirahamwe ryawe rigume rikora

  • barankitse wewe aho uri hose imana iguhezagire ariko abarundi bose na makungu yose twumiwe kuko ntawuhwanye na barankitse. kubona baguha amahera ngo ugurire impfuvyi utuntu ugaca uyajana muri politique kwica abantu yandi murwanda gu foroma igisoda sha imana izoguhembe. aho uri hose.

  • Uraziko abantu mwese mutuka maggy umuntu yovugako mutabaona canke mutumva ivyo umuvyeyi maggy akora. kandi murihenda ntazoheba naho bamufatiye amahera erega ntibafashe abgiraneza. mbe zirya nfuvyi nkurumbi azozitora, arya mahule azoyabandanya ko mbona nayo yari yubatse yaheze ahenegurika yabuze nabigisha , ibikoresho vyose. mbe ba nyamuyinga ,ruyigi,cankuzo, makamba, eka nahandi hose mubona umuvyeyi arinde muri abo babiri? Haguruka tuvyanke tugiye gupfa impande zose. ariko ntitwihebure abo Imana yari yakoresheje izosubira ibakoreshe narirya basanzwe ari incabwenge zizi ico zikora.maggy nu muvyeyi ndabisubiyemwo. pita nta ciza nabonye yakoze na kimwe uwukizi akinyereke.

  • Vyarikumbabazagose iyohataboneka umuntunumwe yandika avugankuyu yiyise Kiki! Nibababwira abasibuburundi abaribo nababose binjijemwo umutima mubi uyu Maggy, nabasi bu Burundi bakaba nabasi biwe kugatwe kiwe, mwibuke ko harihuburyo umuntu ashaka kuguteza amajanyuma ariko akazana akajwikeza namajambo meza maze yabona uravyemeye akigira hirya akitwengera akavugati umutiwafashenukuri! IvyoIvyo rerisuyu Maggy bibayekogusa vyarabaye nokumuvyeyi wacu wambere Eva aho Satani yamuhenda ngogiraguti uzocugirubwenge nkubw’Imana ariko ivyamushikiye murabizi. Nomuriyimisiheze ngaha Burundi abarundi bahenzwe suyu mu mama gusa nibeshi baguye mwuyomutego ababizini miryango bahorabafasha ubu isigaye atangaye yibaza uko vyabagendeye!? ibimvuze vya bahenzwe jewe ubwanje ndifitiye abantubomumuryango vyashikiye kugezanaho nanje babinyigisha ariko naragerageje kuvugako ivyobambariye jewe ntakimenyetso ndabibonera ivyobambwiye ntavyonovugirangaha kuko nubwovyagezegurtyo bagumarumuryango wanje, arikorero icanezereje mumisiheze hariho uwuherutse kumbwira ko nahisemwoneza ngokuko ukwabona ivyarimwo ukwoyavyibaza ngosiyonzira biriko birajana! Ariko ndibuka ivyonamubwiye koyoshaka yokwigarukira Burundi nawengo’ shatwavuzevyishi ku Burundi nababutwara uyumusi , ariko ukwonamubwiye namubwiyeko nubwontakorana nabatwara ikigihugu uikigihuguna warinze utangaza kowigarukiye bokukunda nogusuvya twebwe atacotwabavuzeko atahubwo vugako abomwarikumwe kwaribo wokwitwararika? yishuyeko ivyomvuze vyumvikana.

  • uyo muvyeyi twamukunda none nuko yatwononeye igihugu akakigurisha mu mahanga kandi ar’umurundikazi yiyubaha

  • EGO AMAHERA YUGAWE, NTANKEKA MAGGY ARICWA NINZARA SIMBABESHE! YARAFISE HOPITAL REMA, PARAMEDICAL SAINT MICHEL,IKIGO C’IMPFUVYI,NAHANDI! IMIDUGA(ESSANCE,TAXES ET IMPOTS), ABAGANGA,ABIGISHA,ABASHOFERI,IMPFUVYI,... MAGGY YAHANYWE KWELI. NIYIHANGANE! MBE BASHA IVYO BIFRANGA NTIBOBIMPA?

  • Kiki uri umugabo cyaneee.uvuga ukuri muri byose.cyane cyane kuri uriya mubyeyi.imana irahari sha.bazashiduka bapfuye ariwe uri kubarerera.Merci kiki.

  • Uyumu mama Maggy twubaha bimwe ntogira ukondabivuga ndemeranya nuwuvuze ivyashikiye Eva kwarivyo bishiye uyu mumama, gusahobitandukaniye Eva niwe nkomoko yabarikw’Isi bosebose ariko Maggy kubarundi twamwiyumvamwo cane. Mbese burya yikwandikira abarundi nindongizi zu Burundi agasabimbabazi ntivyogira ikimazi? Mbega abarundi twomubabarira? Kubera nziko twubaha Imana twomubabarira nacocibarikindi kimenyetso cuko twubaha Imana. Ndamusengera kugira azosabimbabazi ndazikobitoroshe kuko ya Satani yamuteje kujamuvyu bugarariji icikomeza imwongirera imubwirango kobarakagaye , arikogutsinda Satani nukoyokwishiramwo ngo ndeka Satani ndisabira imbabazi nashaka inceniberaho mukagaye ndazi ko Satani yocanaramara maze Maggy akarushaho kubicamamare kw’Isi nomw’Ijuru. Amen.

  • Uyu mugore arangwa nogushyira ubwoko imbere dore ko nawe ari SINDUMUJA. None politique yayigiyemo ate iyo akomeza agafasha impubyi. Njye numva bagombye no gutwika ibyo bitaro byiwe. Kuko ni umuteramwaku w’umuhehesi.

  • Ibikorwa vy’imana biratandukanye n’ivya politique.sezari ivyiwe,imana ivyayo.ni nde yombeshuza?nimba yakora ivyo imana yemera,izomurwanira.

  • Kuba bayahagaritse ni vyiza caane kuko yariko ayarondeza izindi mpfuvyi kugira azobandanye yironderara amafaranga mubazungu,ikimukwiye rero nuko tosubira kuvuga igikorwa ciwe arico gufasha imbabare kuko ubu numu politicienne akwije kandi atagira indero,iyaba yararezwe ntiyari kubwahuka gutuka kizigenza wacu ni agwaye mumutwe.

  • UWOB MUVYEYE WUMUGIRA NEZA NI BAMUREKE KUKO AJEJWE IGIKORWA CANANI BENSHI NABIGIRA ABASENZI CARABANANIYE NIBAMUREKURIRE UMUTUNGO WIWE UKORE AHUBWO IMANA IKOMEZE KUMUJA IMBERE.

  • UWOBONA ISURA YUWO MUKECURU AGACA YUMVIRIZA NAMAJAMBO AVA MU KANWA KIWE YOKWUMIRWA!!! NI SINDUMUJA AKWIJE AMA CONDITIONS!!!
    NONE KURERA IMPFUVYI NA MANDAT YA 3 YA P.NKURUNZIZA MWUMVA HARAHO BIHURIYE,

  • Abarundi musigaye muribijuju gushika hiyo hose? Mwebwe mutuka uwo muvyeyi,ivyiza yakoreye muruyigi murimwebwe ntanumwe azopfa abishitseko.mbega mwebwe mubabazwa nuko yi torera ipfuvyi muba mwambuye abavyeyi babo, none mwebwe ico mwekwerekana mwacoze nicahe? atarukwicana gusa birimumitwe yanyu. nukuri nubwo ndi mubaru,harabarundi batakirabarundi basigaye arinya maswa ,ahubwo abantu nkamwe mwari mukwiye gutwarwa mwarojanta mugafaswa harihikintu kibuze.

  • Mpozamarira ivyugogose uvuga ubivuze wabanje kwibuka ivyuyu mukecuru wacu amazemwo imisi akora/avuga!?.

  • Margarita BARANKITSE ubu niwe muvugizi waba SINDUMUJA bashaka kugarura ubukoloni bafatanyije na BELGIQUE. Ngo aherutse kuvuga yuko niyo miliyoni 5 zabahutu zapfa ari ntakibazo. kuri we icyangombwa ngo ni ugushyiraho EMPIRE HIMA_TUTSI mukarere

  • barankitse ntamuntu agukitse nimana iguhanye naho bavuga ngo ingumba irira kumvyeyi nawe kabaye akamaramaza. ariko imana iguharire.

  • Nukuri magi wew abantubose baragukunda ariko kweri najewe ndimpunzi warihenze cane kubona komukora ubutumwa nkaburya mukabuvanga na polituc vyarangoye kumenya ingene amacakubiri yakwinjiyemwo ndavye ingene muruyigi wafasha ubwoko bwose satani ninsesankuyoze watanguye neza ugiye kuheruka nabi shankubaze kuri buyoya kutahunze? None nkurunziza niwe wasanze arumugome gumvya buyoya 2 ahuri kagame niwewasanze arintungane? Jakumavi usenge uzobonayobiterabija nogusaba kubandanya karyakazi kawe kandi usubire rukaragata

  • umuntu wese amenyekanira ku majambo avuze ashavuye canke ari. muri coma nahivyirera by.imfuvyi ntibisigura kugira urukundo.bibiliya ibuga mu bikorinto ngo nahonotanga umubiri wanje ugaturigwa mugishingo c.abandi ntagira urukundo vyoba arubusa!uyo muvyeyi ubwiwe ku. mutima arazi ko atarimpamvu zurukundo arera abobana
    simvuze ngo numugizi wa nabi ariko ingwara y.amoko ni mbi ni. nka cancer

    .

  • Ijambo Ry’ Imana: "Naho Ivyaha Vyanyu Vyotukura Tukutuku Bizokwera Bise Na Shelegi Bise N’ubwoya Bw’ Intama Y’umweru"

    Nimba Vyukuri Ubutumwa Mufise Ari Ubwo Gufasha Abagowe,vavanura Na Politike Mwubahe Abaganza Kuko Atakuganza Kutava Ku Mana

    Nimusabe Ikigongwe Mukore Uwo Muhamagaro Mwahawe, Kuko Abo Mwafashije Benshi Ubu Bafise Ingorane Zidasanzwe!Abanyeshure,abaganga,abarwayi N’abandi Bakozi Bari Mumirwi Myinshi Ubu Bugarijwe N’ibibazo Bidasanzwe Barihebuye!

    Ikibi Si Ukurwa,ikibi Ni Ukurwa Ntuvyuke!Ntacaha Kidaharirwa Turetse Kurogota Kuri Mpwemu Yera!Urosha Umutima Usabe Imbabazi!

    Itanguriro Ry’ikintu Rirutwa Cane N’iherezo Ryaco!

    Barundi,mubutandukane Bwacu Uko Amoko Yacu Ari N’intara dukunde Igihucu Cacu Ciza Imana Yaduhezagije Kuko Ntivyari Biyinaniye Kuturemera Muri Ivyo Bihu Vya Rutura Twipfuza!

    Turizera Ko Imana Ikunda Uburundi N’indongozi Zabwo N’ababubamwo, Ntizokwemera Gukamira Mucoze Inkozi Z’ibibi!

    Mana Yacu, Ikgiganza Cawe Kibe K’ Uburundindi N’ababubamwo Hamwe N’indongozi Zaco! Amen!!!

  • BARANKITSE mparurir abant’utunze hanyuma utubwire abomudasangiy’ubwoko cank intara utunz?

  • uwo yesu yahezegiye umunu afise umugisha imana imuhezagire kuko yarandufashije mu rwanda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.