IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Matana : Justin Nzambimana yashinguranywe iteka inyuma y’ukuraswa ari mu (...)

Matana : Justin Nzambimana yashinguranywe iteka inyuma y’ukuraswa ari mu myiyerekano

jeudi 28 Rusama 2015

Justin Nzambimana, umwana w’imyaka 18 yashinguranywe iteka muri komine ya Matana intara ya Bururi, inyuma y’ukwicwa arashwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Uwo mwana yarasanzwe yiga mu mwaka w’icenda kuri College ya Komine Gitandu, i Matana mu ntara ya Bururi. Amaziko yiwe akaba yabaye kuri uyu wa 28 Rusama. Amakuru ava i Matana, akavuga ko mu myiyerekano yo kuri uyu wa 27 Rusama, abari muo, aho umwe yaciye yitaba Imana. Abakomeretse, ubu bakaba bariko baravurwa.

Abari mu myiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bakavuga ko barashwe uradavagi rw’amasasu, ivyo bikaba vyakozwe kw’itegeko ry’umwe mu bakuru b’igiporisi aho i Matana, azwi kw’izina rya Egide Bigirimana. Bavuga ko ariwe yatanguye kurasa, abandi bose baca barakurikira.

Photo : Emile NIBASUMBA


Aristide Nizigire

Messages

  • je nagomba mpanure abanyeporitike nibareke gushuka abanyeshure ngo baje mu mabarabara nibabareke bige guko bo barahejeje kwiga nibabe aribo baja mu mabarabara bareke guhenda aba nyeshule

  • none burya mwahora mwibaza ko zitarasa???oya reka zirarasa ntimuzosubireyo.

  • Ahubwo,nibabamarire.Kuko Barasekwumva.Habayiki??? Kugira Bajemwibarabara?Izontumva.

  • Imana Imwakire Kndi Itwibuke Abarundi Kko Abadayimoni Bakomeza Kunywa Amaraso Yabo Yaremye

  • ewe mana tabara uburundi buve muraya marira aterwa nabanse kwunva impanuro zabantu birabaje kubona amaraso aseseka nkamazi!

  • Tuguma tuguma Iyaba muzi ko kubera igitsure ciyo Ntozo Adolphe kubera yatumariye abacu arico gituma kamenge tutaja mu mabarabara muga turikumwe nabacu Imbonerakure zisanzwe ziba aha muri quartier iwacu zararahiye ko twihenze tukaja mwibarabara baca baduturirira amazu muga baribesha ejo ni Heza Adolphe naho yitwa ko ari imvukira turamwiyamirije twivuye inyuma natembe natembeeeeeeeeeeRip mon frere

  • Iyo ntore y’umupolisi nimba ariwe koko nibaza ko yaje afise feuille de route yo kumara abantu I Matana kuko yahize kwica ataranabona abari muri manifestation!!!Ico akoze,afadikanije nuwitwa ngo atwara commune nawe nyene ahigira abantu bose,bari ku mugambi mubi w’uwabatumye. Ni uguhaguruka kuko encore une fois ’igipolisi kirasubiye kwerekana aho GIHAGAZE."GISHIGIKIYE ABARENGA I BWIRIZWA SHINGIRO NA ACCORD D’ARUSHA"Ejo rero imvura igahita,mukabona murabajijwe ibiba, ntimuze mutangare.Imana yakire uwo mwana yitahiye amahoro arwanira UBURUNDI nkuko ba Basekuru bari barabikoze.

  • mbega iyo mihimbiri ya ba police yatumariye abana ntibazi ko aho bari bahashizwe na arusha.ugira harigihugu bafatishije umuheto.ivyo birofa bitazi gutandukanya ikibi ni ciza.turiha amakori yinkoho ziduhekura.peter arabahenda azohava dusigarane.

  • Une minable position policiere ne peut avoir le dessus sur toute une commune. Nous devons nous organiser pour chasser ces criminels et assurer nous-meme la securite de notre commune. L,administrateur qui a autorisé le deploiement de ces hors-la-loi doit quitter notre commune endeans 48h. Izo mbwa tuzomore. Murabona ga ntu? Nous allons incendier cette commune et construirons une autre ailleurs, si necessaire. Assez, c,est assez!

  • Uyo peter ni hitler of our generation

  • mwamuhay umwany munini wo kwitegur ahubw iyo murar mumuturirany ninzu mbe bobo bibaz ko bav amat!police sha police gez ah guses amaras!ub muzoras umw uwumurash asang iw bashany ninz ntimugir ngo namavut murik muradusig murik mudukomerets kumutim!

  • mubashinguraniteka gushika kuri bangahe barabahenda muzoherera mwibarabara abandi biryamiye

  • izo ntozo atakindi zimaze atari ukwica nizo zishigikiye uwugomba gutwara ahonyanze amategeko

  • IMANA NIKWAKIRE MUBWAMI BWAYO. UZOKWAMA URI INTWARI KUKO WAGUYE KURUGAMBA. ABASIGAYE TWESE TURAGUSABIYE NGO USHIKIRE UBWAMI IMANA YAGUTEGURIYE.

  • Erega abo ba polisi bareke gukwegera imiryango yabo!! ejo bizohera hanyuma bishure gushika k’umwuzukuru. ni bitonde intwaro zirahera hakaza izindi, ntibaca bajana nazo! bareregwa!!

  • Naho mubarasa ahubwo nibwo mugiye kukabona abo bose bica inzirakarengane mutegereze mugiye gupfa rubi n’izo nterahamwe zahamagawe na Adolphe w’inkoramaraso. Imana ntisinziriye ayo maraso muzoyabazwa. Abari mumyiyerekano mwihangane kuko amahoro araharanirwa gusa ntimujane ishavu rirenze kuko ukuri duharanira tuzokugerako, naho bifashisha interahamwe n’ivyo bijuju vy’imbonerakure bica benewabo. Matunda yiko mbere musonge mbere turi kumwe Imana ibaje imbere

  • nivyo kabisa uvugishije ukuri ese ndababaze mwabo bateguye imyiyerekano harabana babo barimwo canke imiryango yabo irimwo mututohoreze kirimwo twembe ubona bataturoha raba kuwomwana anzize iki subujuju aha nakanzikabo?

  • nivyo kabisa uvugishije ukuri ese ndababaze mwabo bateguye imyiyerekano harabana babo barimwo canke imiryango yabo irimwo mututohoreze kirimwo twembe ubona bataturoha raba kuwomwana anzize iki subujuju aha nakanzikabo?

  • Iyo Cung Imana N Imwakre Mubwami Bwayo Mugbo Uworukarisha Rwomumwa Kandi Ugutwi Kwimpe Kwunva Kwokeje

  • Iyo Cung Imana N Imwakre Mubwami Bwayo Mugbo Uworukarisha Rwomumwa Kandi Ugutwi Kwimpe Kwunva Kwokeje

  • Justin Imana Ikwakir Mubwami Bwayo!Genda Uvyagir Iburyo Bwa Gwagasore!Imana Igiy Kuguhora Vuba!Genda Utang Dossier Ya Nkurumbi Kumana!

  • Mana uramwakirana iteka nzambimana tubuze tutamwanka ?

  • Ntakundi Nikobimeze Umuryango Wiwe Wihangane Twese Tuzopfa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.