Accueil > Imibano > Urukundo > Miss mpuzamashure w’2011 i Bujumbura aravugwako guhindagura abakunzi (...)
 Miss mpuzamashure w’2011 i Bujumbura aravugwako guhindagura abakunzi cane
 Miss mpuzamashure w’2011 i Bujumbura aravugwako guhindagura abakunzi cane
				
				mardi 5 Ntwarante 2013
Ingabire nadaud Lycette umukobwa yabaye Miss mpuzamashure i Bujumbura mu mwaka w’ 2011, akunze kurangwa no guhindagura abahungu bagendana. Abo nabo kenshi usanga ari abaririmvyi ba hano i Bujumbura bazwi cane.
Uwo rero inyuma yaho abereye Miss, amaze gukundana n’abantu benshi ugereranije n’igihe kirangiye kandi bose ntawe barambana cane nk’uko twabibwiwe nabo ubwabo. Imbere gatoyi yuko Lycette aba miss mpuzamashure, yari umukunzi azwi w’umuririmvyi Sat-b kuko Lycette ubwiwe avugako barambanye cane mu rukundo.
Munyuma gato yo kuba Miss, yahebanye na Sat-b aca akundana na H. umwe mubagize umurwi Indimu. Wewe ntibamaranye n’umwaka kuko baciye bahebana mugihe kitarenze amezi atandatu nkuko H. yabitubwiye.
Amaze guhebana na H. yaciye akundana n’umunyakenya yitwa Max, uwo akaba ariwe wenyene utari umuririmvyi mu bo bakundanye bose. Uwo nawe nyene bamaranye umwanya urume rumara kuko bamaranye igihe kiri munsi y’ica H. ku buryo Lycette avuga ko we amufata nk’aho batakundanye.
Lycette yaciye afata ingingo avugako atazosubira gukundana n’abastar hama mu nyuma biramunanira aca akundana n’umuririmvyi akomeye mu Burundi bakaba batashatse ko izina ryiwe rivugwa.
Lycette avuga ko ico yakundiye uwo muririmvyi atari uko aririmba, ahubwo ngo yamukundiye uko ari kandi abandanya avuga ko yumva amukunze kurusha abandi bose yakunze kuko abona ko amubera inkingi y’ubuzima bwiwe.
Gusa ntawuzi nimba uwo nawe bazorambana cane kuko urukundo rwabo ruvugwako vyinshi na cane cane ko uwo muririmvyi yifitiye uwundi mukunzi bafitaniye n’ibibondo bibiri .
Joel Sengurebe



Messages
6 Ntwarante 2013, 08:26, par gad
si uyu gusa nabandi nuko murwanda ho abenshi bahita baterwa inda ahubwo njye numva uyu we yitonda ubwo abitangaza
6 Ntwarante 2013, 08:26, par gad
si uyu gusa nabandi nuko murwanda ho abenshi bahita baterwa inda ahubwo njye numva uyu we yitonda ubwo abitangaza
6 Ntwarante 2013, 09:18, par venutse
waao uyo wanyuma ufise ibibondo bibiri ko we mutomuvuze ? abamenyeshamakuru namwe muratinya? twamumenye, ntafise babiri ahubwo ni batatu abo babiri nabo imahanga naho lahma we ari ino iwacu. ntimunyandike ntawe mvuze mugabo!!!!!!!!!!mbere na miss national wa 2012 muzomugendere kuko nzi abasore batatu bamaze gukubndana nawe.
6 Ntwarante 2013, 12:14, par Papy bikori peace
Vyoba byiza mutubwiye uwo wundi ahandi ho duca twiyumvira ibindi mutubwire dushire amazinda erega nka twebwe turi mumahanga ntituzi abagezweho kubwo kubura umwanya ukwiye
6 Ntwarante 2013, 12:39, par theo
muje muza na ruguru habayo udusha nkutu mani
14 Ntwarante 2013, 07:54, par kana
Aka kana karakeye sha ,mukareke nigakura nibwo kazahitamo gatuje.
Naho ubundi murakabuza amahwemo mbambambuye!