Accueil > Amakuru > Mu makungu > Mu Buhindi abana 20 bahitanwe n’imfungurwa zo kw’ishure
 Mu Buhindi abana 20 bahitanwe n’imfungurwa zo kw’ishure
 Mu Buhindi abana 20 bahitanwe n’imfungurwa zo kw’ishure
				
				mercredi 17 Mukakaro 2013
Abana baharirwa muri 20 bo mu burasirazuba bw’Ubuhinde bapfuye bahejeje gufungura indya z’isaha zitandatu kw’ishure bigako muri Leta ya Bihar.
Abandi bagera kuri 30 ubu bararwaye, bamwe muri bo bikaba bivugwa ko baremvye cane. Ubu bajanwe mu bitaro ku murwa mukuru w’iyo ntara, Patna, inyuma yaho bafatiye imfungurwa z’isaha zitandatu bahabwa ku buntu n’ishuri ryabo ry’aho bita i Masrakh.
Umushikiranganji ajejwe indero muri iyo ntara, P K Shahi, yabwiye abamenyeshamakuru ba BBC ko bayimvira ko izo mfungurwa zarimwo uburozi bwo mu bwoko bwa phosphorous mu ruririmi rw’icongereza.
Umushikiranganji P K Shahi yamenyesheje ko amatohoza yamaze gutangura kugira bashobore kumenya namba uwanduje izo mfungurwa yoba yabigize abishaka.
 
- Umwe mu bavyeyi baburiye abana kuri iryo shure
Egide Nduwimana
