IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya : Ibiziga bibiri vyatowe mu ruzi Mubarazi vyahambwe

Muramvya : Ibiziga bibiri vyatowe mu ruzi Mubarazi vyahambwe

mercredi 17 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibiziga bibiri vyatowe mu ruzi Mubarazi ruri mu ntara ya Muramvya vyahambwe mw’itongo ry’abapfuye ry’i Muramvya. Igiporisi c’Uburundi caheruka kumenyesha ko cakoze imyidondoro y’;abo bantu, kandi ko basanze umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA w’ikinyamakuru IWACU yaburiwe irengero, atarimwo muri ivyo biziga.

Ivyo biziga vyahora mu buruhukiro bw’ibitaro vy’i Muramvya kuva bikuwe mu ruzi MUbarazi. Vyahambwe kw’itegeko ry’abajejwe intwaro muri iyo ntara.

Abaporisi bo mu gisata kijejwe gukinga impanuka nibo bakuye mu ruzi Mubarazi ivyo biziga bibiri vy’abantu bataramenyekana bari batawe muri urwo ruzi. Kimwe muri ivyo biziga vyakuwe mu mazi nticagira umutwe, bikaboneka ko imbere y’uko uwo muntu atabwa mu ruzi yabanje gucibwa umutwe. Ikindi naco cari kiboshe amaboko, kandi kiboheweko akagunira k’amabuye.

Ikiziga ca mbere cari mu ruzi Mubarazi cabonwe n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU bariko barondeza mugenzi wabo Jean BIGIRIMANA yazimanganiye i Bugarama kuva kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016. Basubiriye mu kibanza catowemwo ico kiziga, bari kumwe n’abo mu giporisi hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, babonye ikindi kiziga kigira kabiri, naco nyene kireremba mu ruzi Mubarazi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.