Accueil > Amakuru > Poritike > Murwi : Umukuru w’umugambwe CNDD FDD yagirizwa gushurashuza akigeme ku munsi (...)
 Murwi : Umukuru w’umugambwe CNDD FDD yagirizwa gushurashuza akigeme ku munsi mukuru w’abakundana
 Murwi : Umukuru w’umugambwe CNDD FDD yagirizwa gushurashuza akigeme ku munsi mukuru w’abakundana
				
				dimanche 16 Ruhuhuma 2014
Alexis Ntakarutimana umukuru w’umugambwe CNDD FDD muri komine ya Murwi, ari mu minwe y’inyamiramabi ku caha yagirizwa co gushurashuza, ku munsi mukuru w’abakundana, umwana w’umwigeme yiga mu mwaka w’icenda.
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma, aho abakiri bato n’abandi bariko bahimbaza umunsi mukuru w’abakundana, iyo ndongozi yo muri CNDD FDD mu ntara ya Cibitoke yahisemwo guhendahenda ako kigeme, aho yafatiwe mw’ihoteri y’i Buganda yagirizwa gushurashuza uwo munyeshure, aca ajanwa mu nyamiramabi kubazwa.
Amakuru dukesha bagenzi bacu bo kw’iradiyo BONESHA, avuga ko uwo mugumyabanga atari irya mbere akora ivyo, ndetse akaba yahora abivugwako, ariko hagira ngo haragize uwushaka kurukura mu kanwa, akamutera ubwoba, abanyagihugu bagapfana ishavu n’agahinda.
Abantu bagasaba ko amategeko yokora, ntibaze bamubone asubiye kwidegemvya intahe itamwokereye. Ivyo bikaba vyotuma ndetse n’abandi bama bikika mu kiza canke bakitwaza ubutegetsi bafise mu kurenga amategeko, boca bisubirako.
Aristide Nizigire

Messages
16 Ruhuhuma 2014, 12:22
Mumbaye kure mba nsoroye!Ubusambanyi ni bwo bwa mbere busibije igihugu,mu ngo zose ubu ni amarira kubera abo bafise amahera ntaco bacibanga.Boza barabahana ngira n’ubusuma bwogabanuka.Bibagira ko ubusambanyi ari inkwezi y’imivumo yose.Ni bakomere babafate kandi bahere mu bategetsi kuko ni bo bagisibije,maze bahamvye Bamvuga ako ku Musaga bakabazwe ,abakenyezi tuzobagemurira kuko biri mu vyo twemeye.
16 Ruhuhuma 2014, 14:14, par Eric Niyonkuru
bazi kubeshera abandi, naho mu gushurashura aribo babizanye mu gihugu.nafatwe ahubwo aze ahereyo. urumva umugabo nk’uyo aja gushurashuza umwana ataye umutamakazi wiwe munzu. mbe yibaza ko umukenyererarugamba wiwe wewe atarakeneye ko basangira umunsi mukuru wabakundana.
16 Ruhuhuma 2014, 15:47, par Jaffari
Erega ubusambanyi buri mukaranga mutima ka ba CNDD ntagitangaje kirimwo
16 Ruhuhuma 2014, 17:20, par Muhanuzi Clovis
we sha kagabo wiyise jaffari,uze wame wibuka ko sakirimikibi yatanze umurozi gupfa.
"hakuvuga nabi worya nabi."
16 Ruhuhuma 2014, 19:58, par Mama
Uworero uzosanga atanguye kuvuga rwararengana? muzemuratwereka ibivyemeza simusiga nkakurya kwa Bavuginyumvira, nubwobitababuza kuvugako barengana mwibukeko Bamvuginyunvira yakomeje guhakana kandi hariho ivyemezo simusiga. Reka ndabasetse harumuntu yafashwe yivyigitoke maze barakimwikoreza akirimunzira ahura nuwumuzi maze aramubaza atintuza niwewe wivye icogitoke? mazenawe aramwishurango NUMVANGONIJEWE!?
16 Ruhuhuma 2014, 23:20, par PRIVAT
AHUBWO IVYABA DD VYANANIRANY! UWO NUW NUKO BAMOFASHEA.NIBAKOMEZE NABANDI BAZOBABONA.UMENG ABA CNDD BARABAROZE.NUKUKUNT BIYITABAGUMYA BANGA UWOCIG NEZA BOB BAGIKUYE KUNGESO MBI BAFIS.AHUBWO NGIRAKISHAMBA KARAVYUK.UWO AGIZIMAN AGAFATWA NIBAMUHAN.YAMARA KARUMU DD BAZODUHUM AMASO NGARAHANW BUCE YIDEGEVYE.ICOBAZI NUKURENGANY.
17 Ruhuhuma 2014, 01:44, par Hatorimana Mike
Kuko ubutungane bwo mu Burundi butizewe Burongow. n’ abomumugambw uri kubutegetsi mwibaza ko intahe izomwokera?? barayamaz bati :" NTAWURIBWA N’INZOKA NGO Y’ITWARE KW’ISATO"kand ngo "UWUHAGARIKIWE N’INGWE ARAVOMA"
17 Ruhuhuma 2014, 11:56, par vunungu
ako kayabaga ngo ni agatutsikazi, nukuvugako umuhutu iyo arongoye umututsikazi aca yiyumvamwo ubuhizi bukomeye. umuhutu naho yohabwa isi yose aguma yumva akeneye umututsi iruhande rwiwe. kuki dd atahaye kirya kibanza ibindi bisahiranda vyo mu bahutu bagenzi babo???
17 Ruhuhuma 2014, 11:58, par kamwenubusa
rindira petero nawe uzumva ngo yarenze concilia
17 Ruhuhuma 2014, 15:08, par Eric
Emwe, umu dd atogira ibitagirwa ntiyoba ari we?akabi n’akabibi kose n’akatarabaho, muzokaronderere mu ba dd.je ntanakimwe kikintangaza,mbe ikinyeshamba cokwigenza gute ko bataramenya kubana n’abantu?
17 Ruhuhuma 2014, 19:26, par Mutabazi Freddy
Nonaho biteze gutwarigihugu?ko bariko bikweger’imivumo!ntibazi ,ivyago abo mubislaël babonye!bakore guhemukir’IMANA n’abavyeyi!!!
18 Ruhuhuma 2014, 11:12
UGWANKO GABATUTSI BANKA ABAHUTU BANKA BAKUNDA BAZOBAGANZA. KANDI NGAHO UPRONA URIKO IRISHURA AMARASO YABAHUTU NATUTSI NABATWA YISHE. IYOMBA NDUMU DD NOCIYE MFUTA UPRONA MUYINDI MIGAMBWE EREGA NABICANYI GUSA BATUNZWE NOGUSESA AMARASO GUSA
7 Rusama 2016, 20:07, par Elie
Nuko Basambisha Uwomukobwa Hama Ukuri Kukaza Ahabona