IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musenyeri Serapiyo Bambonanire yongewe uburongozi bwa CNTB

Musenyeri Serapiyo Bambonanire yongewe uburongozi bwa CNTB

jeudi 21 Munyonyo 2013

Musenyeri Serapiyo Bambonanire, umukuru w’umurwi CNTB (Commission Nationale Terre et autres Biens) ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo yasubiriye kwizerwa yongerwa ikiringo n’umukuru w’igihugu co kurongora uwo murwi. Ababikurikiranira hafi bamenyesha ko ako ari akagaye k’ubutegetsi bwafashe minenerwe ivyama bishikirizwa ko Serapiyo Bambonanire adatunganiriza abamwitura.

JPEG - 112.7 ko
Musenyeri Serapiyo Bambonanire

Mu murwi wiyemeje gusubiza umutamana umugambwe w’abadasigana UPRONA baranegura iyo ngingo yo kwongera Musenyeri Serapiyo Bambonaniye ikiringo c’uburongozi bw’umurwi CNTB. Tasiyano Sibomana, umuvugizi w’umurwi w’abiyemeje gusubiza umutamana umugambwe w’abadasigana amenyesha ko vyerekana ko abafashe iyo ngingo basuguye ivyiyumviro vyama bitangwa bivuga ko umukuru w’umurwi CNTB adashira imbere umwumvikano mu gucanishamwo abahungutse n’abasangwa. Imigambwe itandukanye n’abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bamye basemerera ko umurwi CNTB utunganiriza bamwe, kandi ko udashira imbere umwumvikano hagati y’abawituye.

JPEG - 39.1 ko
Tasiyano Sibomana

Tasiyano Sibomana yiyumvira namba uwo murwi ari uwo kunywanisha abarundi canke kubacanishamwo. Kubwiwe, iyo uwo murwi aba ari uwo kwumvikanisha abarundi, nta mutegetsi yari kwiyumvira kwongera ikiringo Musenyeri Serapiyo Bambonaniye. Tasiyano Sibomana abandanya amenyesha ko ukwongera ikiringo Musenyeri Serapiyo Bambonanire vyerekana ko ubutegetsi bushigikiye ibikorwa birangura n’uwo arongoye umurwi CNTB.


Egide Nduwimana

Messages

  • none ninde atazi ko Peter na ba dd biwe badashaka ko abatutsi batinda bagakena umunyu !!!Ninde atazi ko Serapion afise iyo mission yo gucupiza abatutsi!!!Abantu batumva amaborogo y abantu ngo namwe mbe Peter yagize iki abantu ngo ntibigere babona amafuti yiwe je ndatangara!!Nta soni zogusonera la minorite la preuve ni constitution bagira bibe izuba ryaka ariko tuvyanke naho tuba bake!!!

  • Bizokwama bigora cane abana b’abantu gutahura kumwe no kutagira akamwana wa mama!Igikuru gusa n’uko ataworenganwa ahowe ubwoko,ntamuhutu ntamututsi canke umutwa igikuru n’uko uwanyaze yosubiza ivyo yanyaze.Mbere kugira iyongendo yokunyaga utwamurundi tuyirandurane n’imizi,birakwiyeko uwihagiye inzu yamurundi yoriha amahera yokuyikota angana n’igihe ayibayemwo.Nayo uwuvugako ari ubwoko burenganywa,ashaka kuvugako atabanyaze ivyabandi barimuburundi?

  • ABANYAZWE BASHUBIJWE UTWABO VYOSE NI INYUNGU KURI BO MU GIHE ABAHUNGUTSE BAZA ATACO BAFISE.AYO MARURU ATERWA N’ABANYAZE KUKO BARYA IVY’ABANDI.Mbe abaryi ko bataruha ibikanu ? Kuki abababajwe bokwama bababaye ? KURENGANUR(w)A NIVYAME BITSINDA I BURUNDI.Uwutaragorwa atotejwe ukunyarwa hari ico abuze mu kuri kw’iyi si.NIMUVE I BUSIZIMWE MUJE I BURUNDI.

  • AHUBWO, ABANTU TURAMANUZA IMANA,TUKIKWEGERA IMIVUMO.

    MBE YEMWE TUZOGEZA RYARI NGO TUBUMBWE N’IVYO DUFISE?
    ARIKO UMUNTU AFISE UBUNTU YOVA KW’IRARO RY’UBUSHO BWIWE, AKAZA GUTERA MUGENZI WE KU KAMARAMUZIRO KIWE? AKO NI AKAMARAMAZA.
    IVYO VYARI IVY’ABAMI BA KEEEERA CANE, AHO UMWAMI YASHOBORA KUGIRIRA NABI SENAKA MU KUMUNYAGA UMUGORE CANKE INKA CANKE ITONGO,CANKE AKANAMWIRUKANA MU GIHUGU.

    ABO BAPORONA NABO, BAZOKWAMA BATANGARA KUKO AMARUSHWA YABAYE MU GIHUGU NI BO NYENE BAYATEYE,BAGATUMA ABARUNDI BA NYARUCARI ISINZI BOMOKA KUBERA IMANA YABAREMYE UKUNDI KUNYURANYE N’UKO NGO VYOTEGEREJWE KUMERA.

    KANDI NONEHO NTAGITANGAZA KIRIHO:
    BURYA KWAGIRIZA UMUGABO W’IJUNJA N’IJAMBO NKA Serapio BAMBONANIRE, KO YOBA ATUMVIRIZA ABAMWITUYE, VYEREKANA AHUBWO KO KA GATIMA BAMANYE KO KURYA UTWABANDI BARONDEYE KATABAHEZEMWO.

    KUKO UMUNTU WESE ARAFIS’IYO YAJE AVA. NONE KUDIBAMA MW’ITONGO RY’UWUNDI MUNTU, AHO NYEN W’UMURUSHWA,AKARARA NTIBUCA-NTIBWIRA,
    AKARARA RUBUNDA UWUND’ACITSE KW’ICUMU,AKO GA YEMWE SI AKAMARAMAZA ?

  • uburundi nta bategetsi rwose mugira ko mu rwanda abataye ibyabo muri 1959 bakanyarwa amatungo,inzu ,inka bagaturirirwa amazu ubu ko hari guvernement ya batutsi murunva bavuga ngo abahutu basubize ibyo bononye cyangwa basahuye? hariho abavuga ngo ndashaka gusubizwa ahari tongo rya data nubwo abaaru mututsi kandi ari ntwaro ya batutsi bamwubwirako batamuha hose agomba gusaranganya na bandi batagira amatongo kandi abo aba ara bahutu ubwo rero ni bwo butegetsi ureke abasahura ngo baratwara hatwaye abambere ibindi mubyihorere musenge mwa barundi mwe mwarajwemo Imana ibafashe

  • Musenyeri Serapiyo Bambonanire nabobakorana ndemeza ko bafise ibihembo bikomeye bivaku Mana,
    Uwovugakombeshe yobameze nkumuntu yabwiye mugenziwiwe ngo nimbwa ariko uwabwiwe kwaribwa ntabwoyabaye ibwa yakomeje kugumana ubumuntu Imana yamuhaye.
    Umvangahakwisi haragoye umugororotsi bamurabanabi akorivyiza bakavyita bibi!
    Umvangahakwisi nihatari ababi nibobashimwa!
    Keramumyaka yaheze hakir’intwaro yubwoko bumwe, murubwobwoko bwarikubutsegetsi hariho abantu bakeya badashikana igitigiri 1% bagize uruhara murivyo vyamatongo namatungo bitejingorane uyumusi, abobandi 99% bomurubwobwoko bwarikubutegetsi ntawabagishinama muricogihe ngo ababwire ngo mubona ayabatungo yababantu bahunze twoyatanga? ekantawababaza bagiraguti bakumva ngo itongo ryantuze riratanzwe kubera arumumenja! mbere harinaho bajijisha bakariha umututsi nanke umuhutu ntimuzotangare nimwaza murasanga abakurwa mumatongo nomumazu babaye abatutsi canke abahutu kukoivyovyarabaye.
    Ivyontakindindabivugiye jewe hariho abahutu niyumviye bavugango abatutsi baradutunyaze ivyacu! maze ntacanezereje mugihe nabonako nubwonovuga ntacovyomara,nagizeguti numva abandi bahutu bavuzengo’ noneburya muribaza koburimuryango wabatutsi wanyaze ibintuvyaba hutu canke wajamumanama apanga ivyokwigarurira amatungo yabobahutu? naciye numva ikiganiro kiryoshe mugaboncanishiramwo ko hariho abahutu bubaha Imana vyukuri kuko Imana ivugako ntawuzozira icaha cakozwe numugabo (umugore numwana wiwe) Ivyovyamatongo uwuzovyitirira amoko,canke umugambwe murazomwimamatwi kandimumucekure.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.