IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musenyeri NGOYAGOYE : « Twarasubije hamwe na Jean Baptiste BAGAZA (...)

Musenyeri NGOYAGOYE : « Twarasubije hamwe na Jean Baptiste BAGAZA »

mardi 17 Rusama 2016, par egide

Ibirori vy’ugushingurana iteka uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Colonel Jean Baptiste BAGAZA vyabaye kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Rusama 2016, bikaba vyatangujwe n’inkuka y’imisa y’ukumusabira, yabereye kuri Cathedral Regina Mundi. Muri iyo nkuka y’imisa, Musenyeri wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, Evariste NGOYAGOYE yamenyesheje ko Jean Baptiste BAGAZA agiye amahoro, kuko yari yarasubije hamwe na Ekereziya Gaturika.

Mu nsiguro yatanze muri iyo nkuka y’imisa, Musenyeri wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura Evariste NGOYAGOYE yamenyesheje ko Imana iriko yubaka inyubakwa mu bantu, ihereye ku buzima bwo kw’isi. Muri izo nsiguro, Musenyeri Evariste NGOYAGOYE yashikirije ko mu gihe abantu babona ubuzima bwabo buriko burabajana, haba hariho uwundi ariko arubaka iyindi nyubakwa, ariyo mutima Imana yubaka mu bantu, ihereye kuvyo abantu babona canke bacamwo, uko bukeye uko bwije umwe wese akarimbura ivyo kw’isi, agaheza akisuzuma, Imana nayo ikaba iriko iramwubaka.

Musenyeri Evariste NGOYAGOYE yamenyesheje kandi ko umuhisi Colonel Jean Baptiste BAGAZA agiye amahoro kuko yari yasubije hamwe na Ekereziya Gaturika, inyuma y’ivyabaye ku burongozi bwiwe, aho yugara amasengero.

« Jewe ubwanje twarabonanye kabiri kose, kandi ndazi y’uko yabonanye n’abandi. Twebwe rero kubitwerekeye twarasubije hamwe, twarumvikanye, none kuri twebwe agiye amahoro. N’ubu tubandanya tumusabira. »

Inyuma y’iyo nkuka y’imisa, ibirori vyabandanirije mu kibanza cashinguwemwo uwo yahoze ari umukuru w’igihugu, Colonel Jean Baptiste BAGAZA, i Kiriri ku rugo iwe ruri ku musozi wa Vugizo.

Amwe mu masanamu yaranze ibirori vy’ugusezera Colonel Jean Baptiste BAGAZA


IGIHE

Messages

  • Umve Yemwengobamusabiye ! Umupfu N’umuzimantacobasangira Uburero Harageze Ko muvuga Ayamuhe? Ko Atacizamwaribmwamukorere Akiriho? Agapfuyekararyoha.

  • IKIBOHOW MWISI NOMWIJURU KIBAKIBOHOW NGIRAKO KATURIKA YAMUREKURIY AZAKIGWA MWIJURU ME AKABAYAGUMYAKORIVYAHA BINDINAHO ACAYUMVIBIKWIRIKIRA!

  • Niyigire Amahoro numugabo

  • Mbariza uyu ngoyagoye,igituma ariwe asengera abategetsi bapfuye kuki yitimbere ntabandi bapatiri babishoye?mwibuke igihe ca Buyoya c’UBUMWE BWABARUNDI,ngoyagoye yari murirya comisiyo kuko haragatabo namubonyemwo kanditswe kuntwaro ya Buyoya,mwibuke ko amatora yo2015 koyakuye abapatiri batwara amasepi no mugwego rwa bureau ya CNI,harya mwibaza ko yabivugana numutima mwiza? ehe raba wamupatiri wa CVR yaciye amuha mitation yo muri kenya kuberiki? ngoyagoye nimpfampfe wa buyoya ,rindira buyoya niyapfa uzorabe Defile yabanyagihugu tuzogira,mais wewe uzobabara, ariko sinzi Imana usenga nimba usenga rurema birambabaje, ariko ntibitangaje BAGAZA igihe yugaye amasengero yanyu icogihe nimwe mwagomba gutwara igihugu"gatholic"mwigarurira amatongo mani mani yotunga abarundi agatunga mwebwe mwigira ibimana, ikindi naco amagrenade nibitero mububare mwisoko mumasengero ntabwo unabivugako ariko ukiyamiriza itangazo rya ONU kugwanda rutubangamiye,ko kagame ari umututsi?sawa shetani arakurindiriye ,BAGAZA warumugabo peeeeeee!!!

  • Mbariza uyu ngoyagoye,igituma ariwe asengera abategetsi bapfuye kuki yitimbere ntabandi bapatiri babishoye?mwibuke igihe ca Buyoya c’UBUMWE BWABARUNDI,ngoyagoye yari murirya comisiyo kuko haragatabo namubonyemwo kanditswe kuntwaro ya Buyoya,mwibuke ko amatora yo2015 koyakuye abapatiri batwara amasepi no mugwego rwa bureau ya CNI,harya mwibaza ko yabivugana numutima mwiza? ehe raba wamupatiri wa CVR yaciye amuha mitation yo muri kenya kuberiki? ngoyagoye nimpfampfe wa buyoya ,rindira buyoya niyapfa uzorabe Defile yabanyagihugu tuzogira,mais wewe uzobabara, ariko sinzi Imana usenga nimba usenga rurema birambabaje, ariko ntibitangaje BAGAZA igihe yugaye amasengero yanyu icogihe nimwe mwagomba gutwara igihugu"gatholic"mwigarurira amatongo mani mani yotunga abarundi agatunga mwebwe mwigira ibimana, ikindi naco amagrenade nibitero mububare mwisoko mumasengero ntabwo unabivugako ariko ukiyamiriza itangazo rya ONU kugwanda rutubangamiye,ko kagame ari umututsi?sawa shetani arakurindiriye ,BAGAZA warumugabo peeeeeee!!!

  • Ntacahakumana kibagito kubagito nukutigaya niyigire mugankurunzizanzopfantamuhariye aramazabarundinabarundikazi

  • Kwatanahamwe tubona mwigeze mumuvuganira ngwahabwe agaciro kokugaruka ngwave mubuhungiro, yagiye kuhabona Ndadaye akabona kugaruka mugihugu ciwe camavukiro?

    Ariko uyumusi mukavuganira ibikoko vyakoze amashano, amakudeta noguturara ibiremwa mubtu, ariko Bagaza atakosha yariyakoreye igihuguciwe nkuko Musenyeri Ngoyagiye avyivugiye kwatakosha bamubonako mukaba mwararuciye murarumira ntanukukumutabariza hiryanohino kw’Isi ngomuvuge kwarenganijwe nabamukubise kudeta?Ivyomusengavyose murabamwibutse gusaba imbabazi Imana muyibwirako ikwiye kubababarira kuko mwatereranye uwari umukuru wigihugu umuhisi Bagaza akagambanirwa kugeza atewe kudeta mukaba atanakimwe mwigeze muvuga mukaba mugiyekuvuga kwatacaha mwigeze mumubonako arukwo apfuye!

    Imana itubabarire cane twebwe abitwa abakozi bayo hanomu Burundi hoho twarabo kwankwa urunuka,
    kandi igihe imbabazi z’Imana zizorangira tuzobazwavyinshi. Imana itubabarire cane.

  • Iyi ni intambwe ikomeye mu Burundi kuko Bagaza abaye umuperezida wa mbere yishwe n’urupfu rusanzwe ari mu gihugu ciwe kandi agahambwa mu buryo buboneye. Iyo garantie nibayihe na Buyoya, Ndayizeye, Nkurunziza n’abazokurikira bose. Murabona ko demokarasi ifise ico imariye abarundi n’Uburundi kandi barayamaze ngo buhoro buhoro nirwo rugendo.

  • cakira ngo ivyo yanditse ntabwo mwabishirakaga?

  • naho apfuye yarintwari muburundi ntakundi iyo haboneka nka cumi bokora nkivyo yakoze uburund amahoro yogaruk imana imwakire

  • naho apfuye yarintwari muburundi ntakundi iyo haboneka nka cumi bokora nkivyo yakoze uburund amahoro yogaruk imana imwakire

  • Turahovye umuntu winwari

  • Niyigire Amahoro Nyakubahwa,twese Niyo Nzira Idushikana Ku Mana Kandi Umuryango Wiwe Nuburundi Yakoreye Nitwihangane.Ibisigaye Bizi Imana!

  • Kazima apfuye yarihanye.Imana imwakire mu bwami bwayo.

  • JEWE BIRANEZEYE CANE KO NYAKUBAHWA SENATEUR,COL.PRESIDENT JEAN BAPTISTE BAGAZA,UMURYANGO WIWE N’IGIHUGU COSE GISERUKIWE NA LETA BASHOBOYE KWIGENGA UBUNTU BAKAMUFUBANA ITEKA RIMUKWIYE KUVYO YAKOREYE UBURUNDI N’ABARUNDI.BIKWIRIYE,IMBERE Y’IYISUMBAVYOSE,IMANA IMWAKIRE MU BERANDA BAYO NKUKO HAR’UWAMWITANGIYE IMBERE JEAN BAPTISTE UMUBATIZI.JEHO UBWANJE UY’UMUNSI NARIKO MPIMBAZA LA JOURNEE DU 17 MAI DE CHAQUE ANNEE QU’EST LA SAINTETE-PASCAL.QUE DIEU NOUS ACCORDE ENCORE UN TEL LEADER DANS CES MOMENTS DELICATS.AMEN!

  • CAKIRA reka guca urubanza Imana yonyene niyo idufiseko ububasha nayahandi nawe wosanga wagiye mucaha.

  • Gusa MUSENYERI ni mugerageze mu gihugu cose murabe ukuntu mwokura amashamba ku ma barabara mugire ITERAMBERE mwarya matongo yanyu ataco ariko arakora muyubakemwo AMAZU n’ibindi kuko biteye isoni nk’ino muri KIRUNDO.Naho gusengera abantu gusa sico gikorwa conyene mushinzwe

  • Jewe mbona Ko urupfu rw’anyakubahwa bagaza koba akadyo kuri nkurunziza Ko kwibukako nubwo ariko yica nawe nyene azogera ahapfa kandiko iyo ntebe y’ubuperezida kwatayivukanye Ari nako atazobujana ikindi mbega nimba nkurunziza yumvira ikigongwe abishwe nurupfu rusanzwe abuzwa Niki kucumvira nabo ariko arica ikindi nkurunziza yarashimiye bagaza kubikorwa vyiza yaranguriye igihugu mbere aravuganuko yagarukiye impfuvyi zabuze abavyeyi bazo kubera ubwicanyi none nawe akaba harabo ariko aragira impfuvyi none wewe ashaka ico abarico abarundi tuzoza turamwibukirako icoyomegusa nuko yohagarika kubandanya yiteranya nabanyagihugu ahubwo agashira kumuzirikanyi Ko atariwe perezida wambere w’Uburundi kandi kwatari nuwanyuma

  • IMAN’IMWAKIRE YARIYARATWUBAKIY’AMABARABARA

  • imana imwakire kubwivyo ntamuntu basenge yamazegupfa imbabazi atisabe agihari ngoyagoye yazimusabiye; mbegakonzi yize nubunzaburamyok?

  • Ndacyeje Petero Nkurunziza, Uri umutama wijambo ureke abashaka gusenya ubumwe Bwabarundi. Bagaza ashyinguwe mucyubahiro nikimenyetso kiza cya Democracy i Burundi

  • quel hypocrisie de NGOYAGOYE EVARISTE.? Niba Imana ihana ngoyagoye azoba kuri liste y’abazoturirwa n’umuriro w’Imana , ivyo yakorera abagatolika benewabo azovyishura

  • bagaza ayatwayeneza gusa niyuko yugaye amasengero nihweje ikosa afiniryo gusa ntakindi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.