IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mutakura na Cibitoki imyiyerekano yabandanije

Mutakura na Cibitoki imyiyerekano yabandanije

jeudi 7 Rusama 2015

Abanyagihugu biyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bo mu makomine ya Buterere na Cibitoki bitavye imyiyerekano mu gatondo kokuri uno wa kane igenekerezo rya 7 rusama.

Kuva nk’igihe c’isaha zibiri z’igitondo,ibarabara rigabura Cibitoki na Mutakura ryari rimaze kwugarwa n’abari mu myiyerekano.Imodoka z’igisirikare n’izigipolisi nizo zonyene zarengana muri iryo barabara.

Kuva kw’ibarabara rya 2 gushika kw’ibarabara rya 14 rya Mutakura,utuzu two kudandarizamwo,amabuye,ibiti n’ivyuma bitandukanye harimwo mbere nivyo umuntu atokwiyumvira ko vyoterurwa nk’ikontenri vyari vyugaye iryo barabara.
Kw’ibarabara rya 14 rya Mutakura,abari mu myiyerekano bari banditse mw’ibarabara ngo «Pierre kinjura»,ahandi naho ngo «3 eme Non».

Nk’igihe c’isaha zitanu n’igice abavuye muri Komine ya Buterere bari bashitse,batangura kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu,hamwe n’izindi bavuga ngo «Politike zirarutana».Igisirikare n’igipolisi babankiye ko babandanya ngo bajabuke ikiraro kigabura Komine Ngagara na Komine Cibitoki,baca badugana ibarabara rya 15 rya Cibitoki bagana ibarabara ryitiriwe Kanyoni.

Icibonekeza n’uko kw’ibarabara rigabura Cibitoki na Mutakura amazu badandarizamwo menshi yari yugaye,abari mu myiyerekano bakaba bahayagiza abasirikare bavuga ngo «Ingabo» mu gihe imodoka irimwo abasirikare yaba barenganye.

Uyu munsi ugize uwa 9 imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu itanguye mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.