Accueil > Amagara y’abantu > Muyinga : Igihuha kijanye n’uburyo bwo gutandukanya imvyaro cabeshujwe
 Muyinga : Igihuha kijanye n’uburyo bwo gutandukanya imvyaro cabeshujwe
 Muyinga : Igihuha kijanye n’uburyo bwo gutandukanya imvyaro cabeshujwe
				
				mardi 20 Rusama 2014
Ibikorwa vyo guhimiriza abanyagihugu bo mu Burundi kugira bavyare abana bashoboye kurera birabandanya, mu gihe hari hasigaye intara ya Muyinga, Kayanza na Makamba gusa.
Mu ntara ya Muyinga isanzwe iri mu ntara z’Uburundi zibamwo abantu benshi, abanyagihugu bakaba basiguriwe akamaro ko kuvyara abana umuntu ashoboye kurera, ndetse abanyagihugu bagatandukanya imvyaro ku bw’amagara meza y’umuvyeyi n’ay’ikibondo. Abanyamuyinga rero, bakaba basabwe kuvyara abana nka babiri canke batatu, gutyo umuvyeyi agashobora kubaronkera ibibatunga bitamugoye co kimwe no kubategekeraniriza kazoza, eka mbere akabavuza, akanabigisha amashure yose umwana yokwipfuza kwiga.
Uwo mugambi wo kwigisha abavyeyi irondoka rijanye n’amagara meza, ukaba watanguye mu mwaka w’2013 n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza SIDA, ubu ukaba ugeze mu makomine yose y’intara ya Muyinga, aho ndetse abavyeyi bari bamaze iminsi banaronka amakuru y’ibihuha ababuza gukoresha uburyo bwo gutandukanya imvyaro, aho bahumurijwe ku binyoma bumva hirya no hino. Ico gihuha rero, kikaba cakwiragijwe mu makomine ya Giteranyi, Butihinda, Gashoho, Gasorwe, Mwakiro, Muyinga.
Muri iyo ntara ya Muyinga rero amakomine abiri asanzwe ariyo abamwo abantu benshi kuruta ayandi, ariyo Giteranyi na Muyinga, aho imwe ibamwo abantu barenga ibihumbi 150, iyindi ikabamwo abantu hafi ibihumbi ijana, abanyagihugu baho bagasabwa gufata iya mbere mu kugabanya imvyaro, no kuzitandukanya nk’uko bivugwa na buramatari w’iyo ntara Ildephonse Ntawunkunda.
Aristide Nizigire

Messages
20 Rusama 2014, 13:48, par Mama
Nyabune akokagohe buramatari wiyontara avuniye abanyagihugu bomuntara arongoye nibashake bakubahirize, kuko kuvyarabana udashoboye kurera birababaje kabisa, Nukwo nyakwubahwa buramatari nuguhozako izompanuro.