IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara - Kanyosha : Abantu bane bishwe

Ngagara - Kanyosha : Abantu bane bishwe

dimanche 22 Munyonyo 2015, par egide

Ijoro ry’uwu wa gatandatu ryaranzwe n’urwamo rw’amasasu menshi cane n’amagerenade yumvikanye muri karitiye ya Ngagara, Kanyosha, Musaga‬, Bwiza‬, ‎Jabe, hamwe no mu ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo. Muri Ngagara na Kanyosha, abantu bane‬ nibo igiporisi c’Uburundi kivuga ko bitavye Imana.

Amasasu yatanguye kwumvikanira mu Ngagara, ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, mu gihe igiporisi cariko gifata abantu bari mu bunywero bita kwa MASUGURU buri mu Ngagara karitiye ya kane. Amakuru dukura aho mu Ngagara amenyesha ko abo baporisi bafashe umurwi w’abanyeshure bahoze biga kw’ishure ryisumbuye bita Lycée de la Dignité, bakaba bari mu nama y’ugutegura ubugeni bw’umwe muribo. Muri abo banyeshure hakaba harimwo n’umumenyeshamakuru Theddy HATEGEKIMANA akorera imboneshakure Rennaissance. Baciye bose batwarwa gupfungirwa muri BSR, mu nyuma harekurwa abakobwa, abahungu bagumizwa mw’ibohero.

Icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Moise BUCUMI amenyesha ko kuri uwu wa gatandatu abantu bane bapfuye, batatu bapfira mu Ngagara, uwundi nawe apfira mu Kanyosha. Mu giporisi bavuga kandi ko abaporisi batatu bakomerekeye muri karitiye ya Ngagara, abantu batatu barafatwa, inkoho zibiri hamwe n’amagerenade atatu birafatwa, hamwe n’ibikono vy’amasasu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.