IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara : Umwana na se bahitanwe na Gerenade

Ngagara : Umwana na se bahitanwe na Gerenade

dimanche 14 Ruhuhuma 2016, par egide

Amasasu na gerenade vyumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu ushira uw’Imana muri zone ya Ngagara yahitanye umwana akiri muto yari agiye kwimwesha ari kumwe na se wiwe. Uwo muvyeyi wiwe yapfiriye kwa muganga aho yariko arakurikiranwa, inyuma y’ugukomeretswa na gerenade.

Amakuru ava muri Zone ya Ngagara amenyesha ko iyo gerenade yatewe ku kirindiro c’abasirikare kiri kw’ibarabara benshi bita «Irya Kanyoni», hafi y’ubunywero bita «Kwa TUNGA». Inyuma y’iyo gerenade yatewe, amasasu yarumvikanye.

Umwana azwi kw’izina rya Don NTUNGANE, akaba yahitanwe n’ayo masasu, mu gihe yari agiye kwimwesha, ari kumwe na se wiwe. Uwo muvyeyi wiwe nawe yarakomeretse cane, ageze kwa muganga aca yitaba Imana.

JPEG - 69.9 ko
Don NTUNGANE na se wiwe bitavye Imana bahitanwe n’ico gitero

IGIHE

Messages

  • R.I.P.famille y’umuryango wabuze mwihangane .

  • Biteye agahinda mana tabara inzinzira karengane ubakire mubwami bwawe mana bera inyishu ikigihugu cacu mana niwe mutabazi mwiza turase kwama tubikigwa misiyose

  • ibi vyose ubirinyuma arazwi na ONU iramuzi na america iramuzi gusa Imana yonyine izomwishura inabi yiwe.

  • mbega yemwe aho ntiboreka gusesa ayo maraso yi ntama z`imana none kobarondera abasoda na baporisi bobo ntibambaye umubiri nkuwo gwabo mugabo barika ko nabonyene bazopfa kandi barucira mukase rugatwara nyina

  • Mukomeze Mubice ngo ni Kagame urikubikora mwa binkwamaraso mwe abo nabana b Imana ntawubica ngwagire amahoro

  • Izo nzirakarengane zizira ibigabitanyo vya nkurumbi nakarwi kiwe sinzi uwakunda kwicira umugani Ngo ruriye abandi rutakwibagiye mbe aribagiye ko nawe Ari umuvyeyi mbe iyo mana asenga nyimba arimana yiwe atariyabandi basenga nagirevuba abise ababishoboye kuko inzamuzo yiwe yaraheze nareke kuguma acafuza iyo ntebe yiyita perezida ingoma yoroshe kwiba ariko ntakigoye nkaho uyivugiriza

  • Barundi, bandanya musenga kuko abariko barakora rino bara ntabwo ari Nkurunziza, nakarwi ka Kagame na Buyoya bashavuye kubera Abanyamerika na ONU batoye ko abo Bagabo babiri bari inyuma yivyo bitero.
    Imana izobahana kuko ubuzima bw’umuntu ni katihabwa. Raba nkico kibondo batwaye ubuzima.
    Kagame na Buyoya mupfa ubusa ivyo mwipfuza ntaco muzoronka muravumwe n’Imana mwa binwamaraso mwe!!!

  • Ewe burundi turagowe nizi ntambara zidahera.none ga MANA uzoturekera mwaya magorwa .

  • ariko kagame na buyoya ntimworeka gusesa amaraso ga mwabicanyimwe.urabona ico kibondo munyoye amaraso birababaje cane.aho mwovuga ko mushakira amahoro abarundi ahubwo mushaka kubandanya ihonyabwoko nkuko ariko mwamye.

  • ndahojeje umuryango wabuze,bihangane nikwo kw’isi bimeze,IMANA ibahe ituze mu mitima yabo babuze

  • ubuse ni abanyarwanda bagenda bica utyo? batera amagerenade mubunywero musenge imana yonyine ibatabare mureke kwitwaza urwanda

  • mana niburi imana itabara kd ukaba uri imana y’umva umva abarundi twese twaremwe kimwe kd twaremwe nawe duhe gukundana kd tabara nukuri ndakwinginze ndazi ko urimana utari ikigirwama kd nturi bayari ni wowe duhanze amaso abantu.wiremeye gukora ni ukwawe Amen

  • Ariko tuvugishe ukuri kagame koyirwa ashakira igihugu umukati aho iwanyu ko murabatinda inkotanyi murabona twahakuri iki kotwubaka ibitaro nibndi aho turi mubutumwa bwa mahoro kwi isi hose nimuze mungendo shuri muturebereho Imana itabare abarundi

  • aba bakora bino bikorwa ejo bazoba bashaka kuja mubiganiro. ndasavye abarundi Bose guhaguruka mukicungira umutekano aho mutuye hose kuko igihugu nicanyu nimwe mugomba kugitunganya.

  • Yemwe abarundi birabagoye kweli, Kdi kuva muraya magume ntibizashoboka mutaramenye nyirabayazana. Nkurunziza atariyamamariza ikiringo ca gatatu harumuntu wapfaga? Mbere yo kumutangaho umukandida Reta itangura ipfunga ba mbonimpa yirukana abo mumugambwe CNDD batavuga rumwe, iforma imbonerakure mwibaza Ko yiteguraga ko Kagame na Butoya bazakora aya mabi? Canke ahubwo niwe ubwiwe yarazi aho igihugu agomba ikijane. Nimureke kwigira ibijuju mumenye umwansi w’Uburundi dore nuyo nyene mutera amashurwe. Ni extraordinaire ntasanzwe azabamara mukivuga Kagame. Ikindi mbabwire kuko mutazi Kagame niyo mpamvu mumwitiranya, iyo aza kuba ariwe aba yarahejeje mission keraaaaaa, kdi mission yari kurangira ntihagire numenya ko ariwe kubera ayikorana ubuhanga n’imbaraga kdi ikihuta

  • Imana Ibakire mu Bwami bwayo kandi turahoje umuryango usigaye

  • Yooo Ehe uyomwana Mana yanje aziz’ubusa.Imana Imwakire.

  • Erega Nkurunziza amenyereye kugandagura ibibondo ntahora avyigamba, aho ubwo ntimuraba ko yabanje kuraba amazuru

  • ibyo byose bivakuri nkurunziz ariko yibukek har imana allah twemer bashanarindir burya wosang arabony!

  • only God knows

  • ndababajwe nivyashikiye uwo muryango pe!

  • Uwo muryango nibihangane imana izobishurira.

  • Ewe burundi Urabuzeintore zinzirakarengane mwikarema igarure wemere inkurunziza wewe ukora ivyo

  • Imananiremesheabarundibagumababurababo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.