IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Umugambi wo gukura ibirwanisho mu banyigihugu ni mwiza

Ngozi : Umugambi wo gukura ibirwanisho mu banyigihugu ni mwiza

vendredi 14 Ruheshi 2013

Mu ntara ya Ngozi hariko haraba ihimirizwa ry’abanyagihugu bo muri iyo ntara ngo basubize ibirwanisho bicira umuriro ku bushake bwabo kuri uyu munsi wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2013.

Muri ivyo birori rero vyitabwe n’akuru b’imigambwe yemewe n’amategeko hano mu Burundi, abategetsi bamwe bamwe, abari mu murwi w’igihugu ujejwe gukura ibirwanisho mu banyagihugu. Abo rero bakaba bose hamwe, biyemeje ko kuva ubu bagiye guhimiriza abanyagihugu bo muri iyo ntara ya Ngozi ku gira basubize ku bushake bwabo ibirwanisho batunze bidaciye mu mategeko.

Abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi ndetse no mu micungararo y’iyo ntara, bakaba banezerezwa n’ici gikorwa ndetse bakaba basaba Leta guhimiriza mu ntara zose z’igihugu kubera abantu bitwaza ibirwanisho, canke abantu babitunze mu ntumbero yo gukora inabi ari benshi. Ikindi naco abo banyagihugu bashima, ni uko uyo mugambi uje hageze na rirya no mu ntara ya Ngozi abafise ibirwanisho atari bake, kandi ugasanga arivyo vyama vyagandaguye inganda.

Ubu rero hamwe abanyagihugu batunze ibirwanisho bobisubiza muri iyo ntara, abanyagihugu bavuga ko boba bagire biruhutse kuko ubu umuntu abitse udufaranga mu nzu arara umutima uri hejuru yikanga abahava bamurara ku mugono.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.