Accueil > Amakuru > Noel: Papa yasabiye isi yose amahoro
 Noel: Papa yasabiye isi yose  amahoro
 Noel: Papa yasabiye isi yose  amahoro
				
				mardi 25 Kigarama 2012
Umwungere wa Kiliziya Gatolika, Papa Benedigito wa 16 mu butumwa bwo guhimbaza umunsi mukuru wa Noheli, yasabiye isi yose amahoro.
Papa yasavye abanya isiraheli n’abanyapalesitina kugira ibiganiro, ayoyamiriza ubwicanyi bukorerwa abantu ataco bazira mu gihugu ca Syriya.
Yanasavye kandi ibihugu vy’abarabu vyabayemwo gutembagaza ubutegetsi ku nguvu kubaka ibihugu vyubaha kandi ntibirenganye abanyagihugu.
Umwungere  wa Kiliziya Gatolika yasengeye imibano myiza y’abanyagihugu muri Nigeriya gutyo yiyamiriza ibikorwa vy’iterabwoba bigirirwa  akenshi abakirisitu muri ico gihugu.
Yanasavye kandi abayobozi bashasha b’Ubushinwa kubaha ubutunzi n’ubwigenge bw’amadini mu buzima bw’igihugu.
kw’ifoto: Papa Benedigito wa XVI
Pierre Claver Niyonkuru
