IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ntibazohesha ukuri ku rupfu rwa Manirumva kutamenyekanye

Ntibazohesha ukuri ku rupfu rwa Manirumva kutamenyekanye

mardi 9 Mukakaro 2013

Amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike ahurikiye mu runani FORSC yateguye ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mw’ihoteri Water Front, aho bariko bavugana ku bijanye n’ubutungane kuri Ernest Manirumva yagandaguwe yari icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOM, aho basaba ko ukuru kwoja ahabona abamugandaguye bakamenyekana.

Vital Nshimirimana umukuru w’’urunani rw’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike FORSC, yavuze ko urubanza rwaciwe muri sentare isubiramwo imanza yo mu gisagara ca Bujumbura, abahanywe ataribo, na cane cane ko bo bisunze icegeranyo c’igipolisi kidasnzwe co muri Leta zunzubumwe za Amerika cari cafashije mu matohoza. Ico cegeranyo rero casaba Leta y’Uburundi ko yogira amatohoza ku bantu bakuru bakuru bo mu gipolisi bavuzwe n’ico gipolisi co muri Leta zunzubumwe z’Amerika, ko boba bafise uruhara nabo nyene mw’igandagurwa rya Ernest Manirumva.

Ikindi kandi ico gipolisi gisaba ni ukugira amatohoza y’ibipimo bimwe bita mu rurimi rw’igifaransa ADN kuri nya bihangange vyagirizwa. Umukuru w’urunani FORSC rero yagiriza ubutungane kuba butashatse gukorera kuri ivyo bwari bwasabwe n’ico gipolisi kidasanzwe co muri Leta zunzubumwe za Amerika. Ku bw’ivyo rero asaba sentare ntahinyuzwa ko itoha agaciro urubanza rwaciwe kw’igandagurwa rya Ernest Manirumva. Kuri ivyo, umukuru w’ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe APRODH, yamenyesheje ko hamwe sentare ntahinyuzwa yobishaka ko urwo rubanza yorurangiza yonyene mu mayinga atarenze abiri canke atatu, ariko rero ari hamwe bashizemwo ugushaka. Yabandanije avuga ko hariko imanza ubutungane bwaciye mu kiringo gito cane, kandi zitanarengeje n’ukwezi mu gihe ubutungane bwari bwabishizemwo ishaka.

Ku bwa Pacifique Nininahazwe umukuri w’ishirahamwe FOCODE yavuze ko urubanza rwa Manirumva ari rwo ruzotuma ubutungane bw’Uburundi bumenyekana. Asaba rero ubutungane ko bwokora,cane cane sentare ntahinyuzwa maze ukuri kukaja ahabona. Nininahazwe rero avuga ko hamwe sentare ntahinyuzwa itoca urwo rubanza neza, ko bazoshobora kwitura sentare mpuzamakungu.

Ku va aho Ernest Manirumva agandaguriwe kw’igenekerezo rya 8 rishira irya 9 Ndamukiza umwaka w’2009, amashirahamwe amwe amwe ataho yegamiwe mu vya politike yaciye atanguza ukuri ku rupfu rwa Enest Manirumva kugira abagirizwa ako kabi ko kumugandagura, bashirwe imbere y’intahe kandi bakubitwe intahe mu gahanga.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.