IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nyakabiga : Abanyagihugu bararahira ko batagiye kubandanya bizimya akanyota (...)

Nyakabiga : Abanyagihugu bararahira ko batagiye kubandanya bizimya akanyota bakebaguzwa

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Abasuma biba mu makomine ya Nyakabiga na Rohero abanyagihugu bavuga ko bamaze gutangura kubamenya, igisigaye akaba ari ukuzobafatana itonga kugira babashikirize inzego z’ubutungane.

Abanyagihugu bizimya akanyota mu bunywero bumwe bumwe usanga buri hagati mu ma quartier amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, rimwe rimwe abo banyagihugu barahura n’ingorane, aho hari uturwi tw’abasoresore twinjira muri ubwo bunywero, tukiba urukombamazi abariko bizimya akanyota mu masaha y’umugoroba, babanje gufatirwako inkoho kw’izosi.

Abanyagihugu bo muri komine ya Nyakabiga bayaze n’ikinyamakuru IGIHE, bakaba bavuga ko bamwe mu basuma bategera abanyagihugu, canke bakinjira mu bunywero kwiba abariko bizimya akanyota, bamaze kubamenya, igisigaye akaba ari ukuzobafatana itonga, baheze bashikirizwe ubutungane. Ivyo abo banyagihugu bakaba babivuze, mu gihe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 9 Ruhuhuma uyu mwaka, igihe c’isaha zitatu z’ijoro, babonye umwe mu miduga yikekwa kuba ikoreshwa n’abo basuma urenganye, igihe hariko hagwa imvura nyinshi.

Abo banyagihugu bakavuga ko ubu, ataminsi abo basuma bagiye kumara batabafashe, kugira bahanwe, kuko bari mu batuma umuntu adashobora kwizimya akanyota uko yavyipfuza, mu gihe abiguriye agacupa, bagasoma bakebaguzwa, bibaza ko abo basuma babinjiranye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.