Accueil > Amakuru > umutekano > OLPA isaba ko irengero ry’umumenyeshamakuru wa RPA Egide Mwemero (...)
OLPA isaba ko irengero ry’umumenyeshamakuru wa RPA Egide Mwemero rimenyekana
samedi 26 Kigarama 2015
Ishirahamwe rijejwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru muri Afrika (Olpa) ishami rikorera muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo risaba ko hokwerekanwa irengero ry’umumenyeshamakuru wa Radiyo RPA Egide Mwemero.
Egide Mwemero, yahoze ari umuhinga w’ivyuma kuri Radiyo RP, amakuru dukesha ikinyamakuru igihe.com,iradiyo Okapi ikorera mu buseruka bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yavuze ko ubutegetsi bwa Reta y’Uburundi bumwagiriza kuba yarahaye ijambo abashatse gutembagaza ubutegetsi bakamenyesha kandi amakuru yabo abanyagihugu.
Inyuma yaho iradiyo RPA ituririwe,Egide Mwemero yaciye aja gukorera kw’Iradiyo ‘le Messager du Peuple’ ikorera mu gisagara ca Uvira muri Kongo mu kiganiro citwa “Humura Burundi”, mu nyuma yafashwe n’abasirikare baho bamujana ahantu hatazwi kw’igenekerezo rya 13 Gitugu 2015,gushika ubu nta wuzi irengero ryiwe.
Umunyamabanga Nshingwabikorwa wa Olpa, Alain Kabongo yasavye Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kwerekana aho umumenyeshamakuru Egide Mwemero apfungiwe.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko butazi ibijanye n’ipfungwa rya Egide Mwemero ,mu gihe Alain Kabongo yamenyesheje ko ubuserukizi bw’Uburundi muri Kongo bwakiriye amakuru menshi avuga ko Mwemero apfunzwe.
Umukozi wo mu buserukizi bw’Uburundi muri Kongo yavuze ko ko Egide Mwemero yapfunzwe azira guhonyanga amategeko agenga akazi muri Kongo, kuko yakoze kuri Radiyo ‘Le messager’ adafise uruhusha rwemerera abanyamahanga gukorera mu kindi gihugu.
Umunyamabanga wa Olpa yavuze ko uwo mumenyeshamakuru bamuhora kuba yarakoze kuri Radiyo RPA (Radio Publique Africaine) i Bujumbura. Akaba yagirizwa kuba mu mugambi wo gufashanya n’abagomvye guhungabanya umutekano mu Burundi.
Egide Mwemero yafashwe ari kumwe n’abamenyeshamakuru babiri bava mu gihugu ca Kongo,afatwa n’imodoka y’abasirikare ba Kongo.
Jean-Julien Miruho, umushikiranganji ajejwe umutekano mu Ntara ya Kivu yo mu bumanuko yamenyesheje ko Mwemero yimuwe kugira ngo avanwe hafi y’umupaka w’igihugu ciwe, ariko ntiyamenyesheje aho apfungiwe.
Van Naris Mugisha
Messages
26 Kigarama 2015, 14:23, par INTAGOHEKA
NIBAMUFATE HAMA AMATEGEKO AKURIKIZWE NABANDI BABONEREHO KO KIZIRA GUCOKOZ INKON ITARUZWA KANDI
27 Kigarama 2015, 06:21, par Frodebu
Nibamufyonde ako kamiromiro, nimba yiyumviye ko bagifashe yarikugigwa umushikiranganji wukumenyesha amakuru ntariye nagafa ntanyoye!! Barayamaze anti " inda ndende ihumura irya" kandi ngo " amunguranka niyomazikesha" akoniko gashahara Ku kwikura munda nkumusuzi.
27 Kigarama 2015, 06:24, par .com
Nacirigwe ugwa potato.
27 Kigarama 2015, 14:36, par euphemie
Nimubikurikirane
27 Kigarama 2015, 16:39, par Frodebu
Nawunywe, Maji ukiyavuria nguo sharti uyaoge.
27 Kigarama 2015, 16:41, par .com
Narunywe, maji ukiyavuria ngaho sharti uyaoge.
27 Kigarama 2015, 21:14, par Som.justice
Abarongozi bacu nyimba bashaka kuba mugihugu cabonyene!Nk uwo yaziz iki?Akazi kiwe yaronkey impamya bushobozi?Sha iman idufashe!Abo nabo bivugish ivy inkona har aho izo nzara zayo zobahindukirira zikabatabagura nabo!
29 Kigarama 2015, 07:02, par SONGA MBELE
NI BAMUKOREREKO KUKO YARAZ YUKO RWITAHA.NI BAREKE MUTAMA NTAWUKORAKO,AHUBWO ICODUHA IYO MBWA BOB RUGURIKA AKISHURA IVYO YAKOZE.
30 Kigarama 2015, 00:23, par Ndayambaj Izahke
Nagomba Nfanye Ubabaro Numurya Ngowiw Arikobihangan Nagirandaba Gbireyuko Iki Ukocoba Gifis Imbara Ngakos Ntikizokwigera Kicinda Iciza Mukwizer Dufise Imana Yubushobo Zi Izohanagura Amosoz Yabarundi
3 Nzero 2016, 20:10, par kwizera hermes.
ico nibaza nuko,abategetsi ba congo bivungira kwahari jew nunva,atakibazo bamufise.