IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU iremera kwugara mu Burundi naho hakiri vyinshi vyokorwa imbere (...)

ONU iremera kwugara mu Burundi naho hakiri vyinshi vyokorwa imbere y’amatora

mercredi 26 Ntwarante 2014

Ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bumenyesha ko naho ikiringo cabwo kizorangirana n’ukwezi kwa Kigarama 2014, Reta y’Uburundi iracasigaranye vyinshi yokora mu gutsimbataza intwaro rusangi n’ukwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015. Igisata c’ubwo buserukizi kizobandanya citaho iterambere ry’igihugu muri rusangi, Reta nayo igasabwa gukomeza amahoro n’umwumvikano mu banyagihugu.

Inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaremeje ibisabwe na Reta y’Uburundi ko ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu mu Burundi bwohindukamwo umurwi muto "Equipe Pays" wokwitaho ibikorwa bibayabaye vy’iterambere ry’igihugu. Isango yatanzwe ni kugeza kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2014. Mu buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bamenyesha ko bazokwubahiriza iryo sango, ariko bidasigura ko bazoba bavavanuye n’ivyo bakora mu Burundi. Bavuga ko umurwi uzoba uhari uzoshira mu ngiro imigambi y’iterambere rusangi nk’ukrwanya ubukene, kwitaho amagara y’abavyeyi n’ibibondo, kurwanya ugufungura nabi ku bana n’ibindi. Parfait Onanga Anyanga, aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi amenyesha ariko ko Reta y’Uburundi izoba ifise igikorwa gikomeye c’ukwumvikanisha abanyeporitike bose, kugira ntihasubire kwibonekeza ukutihanganirana muri poritike, ari navyo bizofasha igihugu gushika mu matora yo kumugaragaro kandi ahuza bose.

JPEG - 1.1 Mo
Parfait Onanga Anyanga, aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi

Ku ntureka zabereye ku ngoro y’umugambwe MSD mu Kinindo ku genekerezo rya 8 Ntwarante 2014, Parfait Onanga Anyanga amenyesha ko ari ikimeyetso ko ibiganiro hagati y’abanyeporitike batavuga rumwe bikenewe kugira bumvikane inyishu z’ibibazo badahurizako. Parfait Onanga Anyanga ntahakana ko icuka ca poritike y’Uburundi kitifashe neza, ari nakwo gusaba abo vyega bose ko borikanura, bakaja hamwe mu kuganira, kugira birinde ibivugwa ko mu Burundi hashobora kwaduka indyane zivuye ku moko. Onanga Anyanga ati : "Kazoza k’igihugu kazomera uko abanyagihugu n’abanyeporitike bazoshaka."

Mu ntambwe z’ugutsimbataza intwaro ibereye mu Burundi, ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bwarafashije gushiraho urupapuro rw’inzira ngenderwako hagati y’abanyeporitike, kugira bazoshobore gushika mu matora bose bashobora guhiganwa ku rugero rumwe. N’aho bimwe muvyo bumvikanye bitagishobotse kubera ibwirizwa shingiro ritemejwe n’inama nshingamateka y’Uburundi, Parfait Onanga Anyanga amenyesha ko ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, bwifadikanije n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bariko barategura ibindi biganiro bizohuza abanyeporitike, mu kwezi kwa gatanu, kugira basubire kurabira hamwe ibishoboka, n’ibitagishoboka vyohinyanyurwa, mu mwizero ko amatora yo mu mwaka w’2015 azoha akaryo abanyagihugu ko kwitorera abarongozi bashaka.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ego Nibigiramahoro,baradufashije Baje,gufasha,ahandi

  • Wafanye mbiyo iwezekanavyo waondoke sababu walikuwa naubaguzi mkuva saaaaana sa ukabila ju walikuwa wakipana job kwa watutsi pekee,yasemekana kwamba, Muhutu hapewe kazi, ukiangalia lengo la wazungu wote ni mimosa Wahutu madarakani.ila Mungu upo ili Asaidiye WARUNDI na BURUNDI

  • aho ga barundi bene wacu hari aho mutumvishe koko.bazi neza ko naho icuka ca politique kitifashe neza ara ahanyu kwimenya bo baragiye da. ivo nimwo subiranamo muzimenya bo baragiye.mana fasha u burundi

  • nibab baragumy ngaha kuk ivyo twimirije mur 2015 bishobora kutoroha hatagiz abaza baramira

  • N,ukuri turagowe abarundi none ko ivyo bitumye babirukana ubona vyoba ari ibiki?

  • Ngira ngo abantu bafise ubwenge nkamwe mwatahuye. Abo bakozi ba ONU baza ino nk’impunzi zironse ubuhungiro aho bahembwa amafera ivyatsi, bakaba mu gihugu ubuzima bworoshe par rapport y’i wabo, ino inkoko izinvye ni 10 Dollars. Wibaze rero kugira agume mur’iyi paradizo ingene yobigenza! Bategerezwa kwandika ama rapport ko mu Burundi ibigwanisho biriko biratangwa kugira barabe ko ONU yofata ko bicika babe barimywera Heineken za 3 Dollars ahandi zigugwa 10 Dollars. Ikindi naco ntimuzi ko ubusambanyi bwa mbere aribo babukora hano mu gihugu cacu? Bironkera inkumi nziza nziza barangura kuri make bakazigira ukwo bashaka. Murabaze igituma bavuga ko akaguma aba MSD bagize babona ko hazobaho indyane z’amaoko. Barazi ko stratégies zabo ar’ukuryanisha amoko mu gihugu kugira baronke ubuzi iyo imiryano yadutse. Mwibuke ko amahoro yiganye abakozi ba ONU bose akazi koba gaheze. Muraba muribaza ubwoko MSD iserukira kugira habe iryo honya bwoko bama bariko bararirimba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.