Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU: Muri Afirika ni hamwe mu habangamiwe n’ubumara bwa Mercure
 ONU: Muri Afirika ni hamwe mu habangamiwe n’ubumara bwa Mercure
 ONU: Muri Afirika ni hamwe mu habangamiwe n’ubumara bwa Mercure
				
				jeudi 10 Nzero 2013
Umuryango mpuzamakungu ONU wagabishije ko ibice vya Afirika, Asiya hamwe na Amerika y’ubumanuko bibangamiwe cane n’ubumara bwa Mercure bwonana ikirere.
Icegeranyo ca ONU kivuga ko ukwiyongera kw’ibinogo bimbamwo ubutare hamwe n’ugukoresha cane ibitoro biva mu kuzimu mu bihugu nk’u Bushinwa, bituma harekurwa mu kirere ubwo bumara bwinshi.
Mu bice bibangamiwe cane kurusha ibindi kw’isi, ONU ivuga Amerika y’ubumanuko hamwe na Afirika yo hepfo y’ubugaragwa bwa Sahara.
Ngo muri ivyo bice ubumara bwa Mercure buva mu binogo bito bito bimbamwo ubutare ngo bwyongeyeko incuro kabiri mu myaka umunani iheze.
ONU isaba ko hoba amasezerano mpuzamakungu yo kugabanya iyononwa ry’ikirere n’ubumara bwa Mercure, bubangamira cane abana bakiri bato hamwe n’abagore bibungenze.
Paterne Nsengiyumva
