IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU yemeje ko Uburundi bufise ibimenyetso vy’ihonyabwoko ry’Abatutsi

ONU yemeje ko Uburundi bufise ibimenyetso vy’ihonyabwoko ry’Abatutsi

samedi 13 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe kurwanya gufata abantu bunyamaswa uragabisha kw’ubwicanyi, n’ugukokeza urwanko bikorerwa Abatutsi mu Burundi, bigashobora kuvamwo ihonyabwoko.

Mu nama yamaze indwi zitatu, umurwi wa ONU ujejwe kurwanya gufata abantu bunyamaswa wihweje ivyegerenyo bitatu vyashikirijwe n’ibihugu vya Koweit, Honduras na Mongoliya. Uwo murwi warihweje kandi icegeranyo kidasanzwe ku Burundi.

Umuyobozi w’uwo murwi, Jens Modvig, avuga ko uwo murwi wasavye Uburundi gushikiriza icegeranyo kidasanzwe kubera ibintu bitari bike biteye impungenge mu gihugu.

Jens Modvig yabwiye Ijwi ry’Amerika ko umurwi wa ONU, ujejwe kurwanya gufata abantu bunyamaswa, ko waronse amakuru ko ubwicanyi n’ugufata abantu bunyamaswa, bifatiye ku mpamvu za poritike n’ubwoko vyibonekeza mu Burundi.

Modvig amenyesha kandi kw’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU, ku vyerekeye kwirinda ihonyabwoko yerekanye impungenge mu kuvuga ko ibimenyetso vya mbere vyerekana ko uko ibintu vyifashe mu Burundi bishobora kuvamwo ihonyabwoko.

Jens Modvig amenyesha ko umuntu aravye gufata bunyamaswa ikivunga abantu bari mu migambwe imwe imwe canke ubwoko kanaka, bishobora kuba ari ikimenyetso ca mbere c’umugambi ushobora kuvamwo ihonyabwoko.

Reta y’Uburundi yararungitse abategetsi bakomeye bayiserukira gushikiriza icegeranyo ku kungene ibintu vyifashe mu gihugu, yamara umurwi ujejwe kurwanya gufata abantu bunyamaswa watangaje ko batitavye umunsi ugira kabiri kugira bishure ibibazo bitari bike bikomeye vy’uwo murwi.

Uwo murwi umenyesha ko mu mateka yawo, bwabaye ubwa mbere ibintu nk’ivyo biba, aho igihugu cikura mu nama catumiwemwo, mu gutinya kwishura ku bibazo bitari bike bikomeye vy’uwo murwi.


IGIHE

Messages

  • ubwo yemwe ONU irakomej iteze ibibazo Uburundi?Imana niyo cabona!!

  • Dawidi Yarumwana Muto Imbereya Goliati Imana Imuha Kunesha Natwe A Barundi Imbere Ya Oni Turabana Muga Fate Ingingozose Mushaka Yesu Arikungoma For You I Am Praying

  • None Habuziki? Kugira On Ikureho Uwomugabo Non Tuzoguma Mubukene Kubera Umugabumw? Nimunyishure Naveko Uburundi Buterimber Puuu

  • Hahahahhhhh aba Généraux ngo kirapanze. Ubu Bunyoni na Evariste ndayishimiye bashaka gusubira Nyabenda kuko atazi kuniga. Entré-temps les gens formés par le Colonel Vital Bangirinama sÄ“ment la termer en confondant les riviÄ“res et les cimetières. Aba dd biyemeje Kuba intumva motif ngo ba controla igisoda imbonerakure n"inyeshamba zaba polisi bataye umurongo wa discipline.Ikigaragara nuko dd itarota ija mubiganiro. Ubu ngo barikukiye kdi ngo bari capable de faire face àtoute la communauté internationale kubera ngo bafise igisoda bien entrainée hiiiiiiii. Uko bakora mwishamba nubu niko bari. Les Tutsi sont abattre kdi vyaragaragaye ko babirukako cane. Ico ciyumviro ca ONU nico génocide iramota naho Nyamitwe nabandi basavyi nkawe babihakana. ONU rero nikinge hakiri kare kk vyatanguriye muri ISCAM bihezagiwe na Prime. Bimwe vyo muri Décembre 2015 bashobora gusubira kk ababikora baca barungikwa muri Somalie na RCA twitungisha kk baba bagamburutse. Ark nibatabare bagabanye amagambo kk Pita aramara udututsi twari twanditse kwicumu

  • ntamins isigay umwami yesu ataje kuba presidant w’uburundi kuko nu mwami wa bami ategeka isi ni juru ivyo biriko biraba nivyigihe gito.amen

  • Imana ningabo.Ivyo birohera ukunyene.

  • Ni ukuri,DD ifise programme yo kwihorera,nimurabe namwe ukungene ubwicanyi bukorwa mu Burundi?bica abatutsi cane surtout abariho muri 1972

  • Nigeze kuvugako onu vyayinaniye noneho ubuho bigiyahabona!!! Ko turabarundi mubisanzwe turazinanyi.muvyukuri ninde yotegura ihonyabwoko kotuzi munzego zose ubwoko burimwo!!??? Abonabagomba gusamaza abantu nayubundi nikinyoma cambayubusa niturufu idashobora kurya kuko iyonkuru irashaje murikino gihe.Naho onu yobariwo mugambifise abarundi ivyobarabirenze,mbegabazumututsi asagute??umuhutu we asagute???umutwa we asagute??uwozana onu yomenya ikingirande ikarekande??Burundi ati bizoherukunyene!!avuzukuri ndamushigikiye nanje.abarundi ntidusamazwe nayomagambo atameshe acafuza imigambi myiza yabarundi-Imana iri muruhande rwacu ntamwasi twotinya ! Twizer Imana tuyitunganire gusa ibindi nubusa.

  • imburakimazi zose ziyumvira nkivyo rega ONI igizwe nabo nicogituma atabindi barota atari ihonya bwoko ubu nivyo basubiye gucuruza babonye kwibindi vyase ms barihenda ntaco bazoshikako ntamurundi baremye

  • none ubu niho bakibona ivyinyegeje inyuma nukuri numwana amaze kumenya ubwenge arabona ibiba muburundi none ntibavyivugiye ko bazokwiyishura ivyabaye muri 1972 ntagitangaje mbabazwa na baja inyuma kunda zabo ngo baronke amaronko ico nzi nikimwe kurya amaraso yabane wanyu ntaco bazohakura atari umuvumo.

  • Uburundi burabaye agahinyuza gahinyuza amakungu n’abakungu bayo. turiko turabona neza ico arico ONU: pire instrument de certaines puissances. none ivyo vy’abatutsi navyo babikuye he? murahinyutse koko.

  • Uburundi burabaye agahinyuza gahinyuza amakungu n’abakungu bayo. turiko turabona neza ico arico ONU: pire instrument de certaines puissances. none ivyo vy’abatutsi navyo babikuye he? murahinyutse koko.

  • Genocide ntamuntu ayitegura,kuko muvyo aba nye POLITIQUE bategura kuzokorera igihugu(Projet de Societe)ntamugambi nkuyo Ndabona wateguwe!!ONU,nuburundi buried Muri UN,ntamuntu numwe ashobora guha amahoro mugenziwe kuko abantu bari naturellement affament abarundi canke abanyafrica bakwiye kugaba,batinye abazungu!!Kuko nibo bakokeza,hanyuma abantu dukundane,twoye kugururira Satan!!!Abakora ubwicanyi canke abakokeza mumenye ko twese tuzopfa.Tubane amahoro.Muburundi nka twese ntawutazi ko kwica ari bibi.Kandi tuzohanwa...Kumusi Yehova azohagara imbere yihanga ryiwe.

  • uwugomba kurwana n Imana ntavyo azoshobora

  • Uwicishinkota ninkota uyumunsi sejo ingarukambi kubatumva irashitse

  • Ihonyabwoko? Haaaa!! Nimwe Mugomba Kuritera Mubarundi Kumwe Ko Murwanda Muburundi Bizobaruhisha Ndabarahiye Pee!

  • Jewe Ivyo Ndabihakanye.Ubu Twebwe Aho Tubaye,ntabahutu N’abatutsi Bahari?Ko Atawuryana Urwara N’uwundi?Ahubwo Bapfa Inda Apana Ubwoko Canke Imigambwe.

  • Jewe Ivyo Ndabihakanye.Ubu Twebwe Aho Tubaye,ntabahutu N’abatutsi Bahari?Ko Atawuryana Urwara N’uwundi?Ahubwo Bapfa Inda Apana Ubwoko Canke Imigambwe.

  • Mbega ONU Yariho Igihe Haba Ihonyabwoko Mu Mwaka Wa 1972 Ryabahutu? Noneho Ibuye Riserutse Ntiryicisuka. Amen

  • None Nukuberiki Batemeye Kwishura Ivyobibazo?Cagihe Murwanda Abaribagiye Nabo Batashe Inama Idaheze Ngo NiKumvo Zumutekano,none Abo Nabonyene Baciye Banka Gusubira Kwinjira.Twovuga Nabo Kwarivyumutekano?Vyasaba Badusigurire Tumenye Ivyarivyo.Canke Ngira Hari Hagiyeyo Abahutu Gusa Bacababona Ntivyoborohera Gusigura Igituma Atamututsi Barikumwe!!!Nibatubwire Ukuri.

  • Turananigwa Gutahulaiyo,onu,tuhayetulaba,,onu Hariho Uluhande Yegamiye,kuko Abatutsi,nibobahaye,bapfa?Abahuntu,benentibapfa?Kwahiyo Wawachuge,sana,onu

  • Nanje nti:
    Mumateka bubaye ubwambere ahuyumurwi wa ONU udambikanya canke winjira muvyokurementanya bigezaho!!!
    Kandi mumateka uyumurwi wa ONU nibwobwambere utumijeko umurwi userukira igihugu utazi icobagomba kubaganiriza canke kubabaza bakagiraguti bakumva ngo nimwishure kuribi mugihe aribintu bibabikeneye kubanza kwegeranya ama documents atarimake.
    Ikinyenjana CA 21 kirabasiga kure ihinduka vyasebikuze riraba ndabarahiye.
    Ubuharaho reta yuburundi yigeze ibangamira ubwoko runaka koko!?
    Nahoranumva havurwako mwashaka kohaba ihonyabwoko nkagira nukubesha ubundavyemeye.
    Nahoranumva kwarimwebwe mwateje genucide Rwanda nkagira nukubesha ubundavyemeye.
    Impamvundavyemweye kwarimwebwe muturyanisha nuko bibonekana kwarimwebwe mwigeze kurungika abacangero baribateguriwe murwanda mukwigishwa ivyagisirikare noneho bakarungikwa kumakambi atandukanye yabasirikare buburundi kuyatera birya bihuraneza numugambi mwakoreye Kagame muri 94 atigenda utere yabasirikare burwanda ngomaze ntakibuza harikintu bazokora tuzocatucita genucide, none nezaneza ndababonye muri abakozi barushoferi mweruye mutinyegeje.
    Niharambe uburundi, niharambe Burundian Twa, niharambe Burundian Tutsi, niharambe Burundian Hutu, nakizigenza wabo Marishar Petero Nkurunziza.

  • Ewe On Urayadufashije Mana Garukir Uburundi.

  • AMAKUNGU ADAHAGURUKIYE AKARWI KABAGUMYABONDO KIGIZE AKAGARAMA RUGANDA,NTAKIBUZA IBINTU BIRAYANGARA,MUNYUMA BAZOKWIVUGISHA NGO BASAVYE IMBABAZI KUKO BATATABAYE,NTACO ABO BAGUMYABONDO BACIBANGA NTANICO BAGISONERA,BAGACA BARONDERA ABASHONJI BAHA UTWO BARYA NGO NIBAJE MWIBARABARA KWIYAMIRIZA INTEKO ZOZA GUTABARA,NIMBA ATACO BIYOTSA NIBAREKE IZONTEKO ZIZE,BURYA UWIKEKA AMABINGA ABAYARWAYE

  • Imana niyo izoca urubanza.

  • None ko babibonye bafashijiki kugira bihagarare?

  • Iyo lobby muri Onu yateguye umugambi wo kumara abantu nka kumwe kwo mu Rwanda ntibaruhuka itabaye kuko commerce yabo iba ihomvye.

    Mu Burundi rero ntibazoruhuka batamaze abantu; muzoba mumbwira. Abahutu muri ako karere mutaryama umukondorazosi ahandi murahona.

    Kagome ariko asya atambaye ashana n’abakuru b’ibihugu vya Tanzaniya, Congo...bizobagora kuronka aho muhungira ubwo buca avuza ifirimbi. Mugabe cane kuko ako barere karimwo ishetani mbi cane aho vyama vyibonekeza umurwi w’abantu umara abo basangiye ubwoko (kwikora mu nda) hanyuma bagaca basimbira kw’isunzu ry’inzu ngo barahonye. Vyarabaye i Rwanda, bishobora kuba no mu Burundi.

    Ayo ma rapport bapfundikanya buri munsi ni ayo gutegura opinion hanyuma bazovuge ngo ntitwari twarabivuze. Iyo campagne yatanguye kera.

    Ariko kandi abatwara Uburundi mubwirizwa kuba ntamakemwa kugira umwansi ataronka urwitwazo.

    Imana izigame Uburundi n’Abarundi.

  • Iryohonyabwoko ritefurwa nande ritegurirwa hehe ivyo bimenyetqotso bavuga ko babona nibihe ???nibatimphwe mudufitiye nizabihehe mwebwe mushagushikirubutege tsi muciye muguteranyabarundi imanibahane.

  • AKO KOKAGWI KITWA MAMA NGO ONU MBEGA ABATUTSI BICWA MURWANDA KARIHE? ATI AHUBWO NAMBA ARIMWE MUSHAKA GUKORA IHONYABWOKO NKIRYO MWAKOZE IRWANDA NTIBIZOBASHOBOKERA IMANA NIYOCABONA AHUBWO TUZOBAMESA ABARUNDI NTI TWOGOPA KIRAZIRA ATI CIRA BIRATURIRANA KU KO BIRURA MWOHUMIRIZA NTAWURABA AHO NYINA ARYAMYE ABA YARENZE AKARIMBI AKO ONU NIKAREKE KWISUKA MUVY-UBURUNDI

  • Munzego zose abahutu nabatusti barimwo. Yemwe?noniryohonabwoko ryokorwanabande ?ritzgueirwa hehe ?nukuriyo onu yahengamye rarenzurugerro

  • Harikera Aho Mwaduhenda Ngo Irasira Hore Waba Umuzungu Wab Umwirabure Uriko Utegura Ibintu Vyihonyabwoko Tuzokumesa Mbe Bashaka Kugira Ivyo Bagize Mu Rwanda Ati Ntibishoboka Ahu Ako Numva Ngo Ni Onu Abarundi Mube Mwakumvise Ivyo Gasotera Mukanure Imana Irikumwe Natwe

  • Abarundi ntimugire ikibazo nahito ababavuga ibi nibobagiye kugira ikibazo hikomeye kizobanzirizwa nokumaramara hanyuma abarundi mwitwe ibihangange.
    Kubijanye nubumwe mumokoyose turababona muhagazeneza ariko harihakarwi gakorana niyomirwi ya ONU kagenda inyuma yibitugu vyumuhutu maze kagasimbira kuncutiyiwe yumututsi kakica kakacakiruka canke kakaza mubitugu vyumututsi kakica incutiyiwe yumuhutu yarimbere yiwe kakacakirika nokumutwa kakabigiragurtyo noneho intumbero ikabariyo guteranya abaribasangiye akabisinagahiye, iyo ONU nayo ikacifata ikagereka ingugo/ibara kuwutarikoze mwenutwo dudayimoni mukomeze muducungacunge kuko ntitubakure tuva mugihugu kibanyi cu Rwanda ndababwizukuri imizimu yaryamagufa yabapfuye bagiye kwanikira muma nkibidandazwa niri muributike iratubangamiye mubiyaga binini.
    Umutiwavyorero ntahanduri atarukuzorondera uko urwanda turonka reta hitatamwo gufubana iteka aryamagufa kukovyamye mumigenzo yakinyarwanda amahoro mubiyaga binini aho azoheza asasagare.

  • 1 . AHUBWO ONU NISHIRE AHABONA IVYOVYEMEZO , TWESETUBIBONE NIMBABIRIHO, 2 . KANDI IMENYE KO IGOMBA GUHENGAMIRA URUHANDERUMWE : NONEKWABAHUTU BAMABAPFA MUBURUNDI , RWANDA EKA NAHANDI " KOTUTARUMVA KWIGIHUGUKANAKA GIHAYE KIGIRA IHONYABWOKO RYABAHUTU" a . NONE ABATUTSI NIBOBAFISE AMARASOBONYENE ! b . NTA GENOCIDE IRIGERIBA CANGWE ABAHUTUKWICWA !? NONE KWATANAKIMWE TURUMVA KIVUZWE KUBATUTSI. RERO ONU YIRABE NTIZOZE ISHAKA KUVUGIRA UBWOKO BUMWE GUSA. MURAKOZE.

  • Bazibeshye bayikore u Rwanda rwahita rumanuka rukayihagarika nta ruhushya rurinze gusaba ONU, tugashwanyaguza Peter na DD

  • Namba hariko hategugw ihonyabwoko rya batutsi, ba minani n’a banyangoma nabandi bahutu beshi bahunz iki? Nibatahe hasigarey abatutsi kuko onu nibivuga ko bafis ingorane, bagiye kurangaz ibizuru non abazungu batanguye kubihakana bishakir abatutsi bafis utuzuru tugororotse. Ngwihonyabwoko? Ihonyabwoko ritangurira munda zabantu rigahererayo , harabatutsi beshi bari mûri leta , uvuz Ihonyabwoko ntibagutahura , kuk Ihonyabwoko ryo muburundi n ururirimbo rwabashonje n ibishomeri

  • Kuvuga ko nyen’inzu yapfuye ntibivuze ko wamwishe.imbonerakure=interahamwe

  • ONU ishaka ko impunzi zabarundi ziguma hanze kandi muvyukuri atangorane ihari iryo honyabwoko riguma mukanwa kabo erega ijambo ryamira mukanwa rigacika inkonda, ubu ntimurabona ko Onu ivyo ivuga ari nok kuboga canke guhoha

  • ahubwo onu irasara ijakubaza umwami wisi go yisigure ahubwo azobakura kukazi nibabandanye gusa bazometswa

  • ahaaaaaaaaaaaa!!!!!!gigiye vyaja ahabona ico bagambira ga ngico ngo ihonyabwoko???????ribere mu mitima yabo babivuze nibateshwe bate tuzi iyo twavuye niyo turiko turaja turazi aho hambere ingene baduturira muma pineu twebwe twarabirengeye vyose bareke kutwibutsa amabi badukoreye peeeeee!!!!!!!nahora nibaza ngo nincabwenge za Diplomatie noneho bahindutse ingunguru zigaragar!!!!!!

  • Resistence Barundi. empire hima itamara les bantou muri ako karere kuko nico barondera.

  • Nama nkunda ONU ariko ahahoho murarengeje mwosubirinyuma mukareba mwosanga abamazegupfa arubwokobumwe?
    Nimwemere komwananiwe kudukurako Nkurumbi ariko mureke gusukira ikibi mukindi

  • kubwaje onu yoba yihuse ariko uko ndabibona mbona bitoroshe !imana niyo yaturemye,? niyo ibona abarundi.

  • Twihweje Neza ,nta Murundi Yosubira Kwiteza Ingorane Iryo Honya Bwoko Ritegura Imburakimazi Onu Nayo Itwarwa Nabantu, Ikindi Umurundi Wese Yokwiyumvira Aho Tuvuye Naho Dushitse, Ikiriko Kiratuma Uburundi Na Abarundi Biyumvirwa Nabi Nubutunzi Imana Yahaye Uburundi, Itera Bwobwa Down

  • Abarundi,ico nobabwira murabe iyo twavuye niyo turiko turaja.murarwikwegera muzorubona kuko,vyose naha nyene iwacu,ntazoba arihanze ngo azokumva insoro yi joro,menyako urumurundi.uri mu burundi.....!!!

  • Birababaje kubona ONU ikorera ku binyoma ihabwa n’inyankaburundi. Izo nyankaburundi nizo zisya zitambaye go haboneke genocide mu Burundi. Ariko ni baba bariko bararundanya ibigwanisho bahabwa na ONU ngo baze gutera genocide mu Burundi, ivyo ntibizoshika. Ahubwo ar’ivyo vyovyo ONU yoba yaravumwe, kuko coba ar’igikoresho c’amashetani. Burya ubiravye abo bantu bapfa mu Burundi, jewe ndakeka ko ar’inkuka bariko baraha izo mana zabo zikunda gusesa amaraso kugirango zinyarutse iyo genocide bipfuza. Ariko Imana y’Uburundi irusha amaboko iya ONU n’iya ba Pacifique. Basenge izabo natwe dusenge iyacu, tuzoraba iyizishura mu gutanga amahoro iyariyo. Kandi Imana yacu yarayatanze,abayatoba nibo bzohumirwa. www.ifuyimijira.com

  • Abo bategura ihonyabwoko n’ibisuma niterahamwe zamogoreye kwica nonkwiba bifatanije nabanyamafuti nabarongongozi bikigihe batagira indero nico bubaha biyita agakomeye bacibaza ngo ibigwanisho cnke intambara ngo nivyo bizana iteramber buzuye ibinyoma , ubu ntaco bubaha nabihevyi abo iminsi yabo iri mu kiganza ,buzuye ibinyoma basigaye bahunga ukuri Peter Nkurunziza ntaco yamariye uburundi ,agakunda gutwara atavyo ashoboye yahisemwo gusenya amasezerano ya Arusha ubu naho ariko arica urwaruka abahutu nabatutsi batamushigikiye azumirwa abahutu nabatutsi turi bamwe ivyo vyari ivyakera barahumba

  • Ndabarahiye Imbonerakure ni copy paste yinterahamwe... Iyo Leta yatangiye guhanga imitwe yurubyiruko ikayahimba amazina iba itegura ibintu bikomeye. Reba lnterahamwe, imbonerakure, Les jeunes patriotes zo muri Côte d’Ivoire uzasanga iyo mitwe yose arimwe. Signes za jenoside rero zirigaraza mu Burundi niyo mpamvu amahanga akwiye gufatira hafi.

  • ONU URANYISHI MUBURUNDI MURARIRIMBA IHONYABWOKO MBGA IBIRIKO BIBABA MURI CONGO KO MUTABIBONYKRA ONU MUGUMA MUKORA AMAKOSA MUKORSHJW NABA OPPOSTION

  • ONU URANYISHI MUBURUNDI MURARIRIMBA IHONYABWOKO MBGA IBIRIKO BIBABA MURI CONGO KO MUTABIBONYKRA ONU MUGUMA MUKORA AMAKOSA MUKORSHJW NABA OPPOSTION

  • KURI Y’INKURU ICIYUMVIRO NYAMUKURU NTITWOSHIRA IMBERE ITERAMBERE NO GUHANURA ABASHAKA KODUCANAMWE KUKW’IMANA YATUREMYE ARIMWE NATWE TUBUMWE IVYO NTIBIKABE MUGIHUGU CACU ARIKO DUSENGE IYO MW’IJURU IBIRORANYE KUKW’ARIYO IFISE UBASHA MURAKOZE.

  • KURI Y’INKURU ICIYUMVIRO NYAMUKURU TWOSHIRA IMBERE ITERAMBERE NO GUHANURA ABASHAKA KODUCANAMWE KUKW’IMANA YATUREMYE ARIMWE NATWE TUBUMWE IVYO NTIBIKABE MUGIHUGU CACU ARIKO DUSENGE IYO MW’IJURU IBIRORANYE KUKW’ARIYO IFISE UBASHA MURAKOZE.

  • ICIYUMVIRO NYAMUKURU NUKO BOMENYAKO TWESE TURA B’IMANA UMUNTU AKAREKA GUHAGARARA CUBAHIRO AKAREKA KUVUGA KO HARI UMUHUTU CANK ’UMUTUTSI IVYOSI SIVYO NIBABIREKE GUSHIRA IMBERE AMACAKUBIRI YAMOKO BAHANURANE BAREKE KUJA MURI BIRIYANA BIRIYA HABE KUVUGANA UKURI UMUZUNGU N’UMWIRABURE TUKAYAGA TURIHAMWE

  • hhhh ariko abantu muransetsa kuki iyo bikomeye mwiyambaza imana ese 1- mukeka ko imana izava aho yihishe ngo ize ibarwanirire?hhhh 2-mukeka ko imana izaza igahagarika UN ??hhhh 3-mukeka ko ahagiye haba intambara hose imana itari ihari ??? Hhhh 4-mukeka ko mwe abarundi nimuterwa muzatabarwa niyo mana murata ??? 5-mukeka ko imana izagaruka mwisi ije gutabara uburundi??? Hhhh 6-cg mwibeshya ko muri ubwoko bw’imana kuburyo muzatabarwa n’imana UN nibagabaho ibitero ??? Ka mbakurire inzira kumurima nimuterwa ntimuzatabarwa kuko ntanshuti musigaranye uko mwasekaga abanyarwanda bahunga Kuva 1959 mukabasahura mukabambura utwabo nibindi bibi mukorera anyarwanda ,,,, namwe nyagasani ndabona agiye kubibishyura akebo mwagereyemo abandi ’ namwe mugiye kukagererwamo ngaho un igiye kuza kubasura naho mukure mukanywa kanyu u Rwanda Kuko sirwo twatumye murindagira kuva kubwa sogokuruza wanyu Rwagasore kugera ubu kubwa Nkurundende ,,,,,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.