IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Pascal NYABENDA : « Ibiganiro bizobera mu Burundi »

Pascal NYABENDA : « Ibiganiro bizobera mu Burundi »

mardi 24 Munyonyo 2015, par egide

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, akaba n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD ashikiriza ko ibiganiro bizobera mu Burundi, ariko ko bibaye ngombwa, n’abarundi bari hanze bazoshobora kwumvirizwa.

Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yakiriye kuri uwu wa mbere abashingamateka bo mu nama nshingamateka nyafrika (Parlement panafricain). Abo bakiriwe bari mu murwi w’abashingamateka bakurikirana ahaba habaye ingorane kugira bafashe gutora inyishu.
Pascal NYABENDA amenyesha ko bavuganye ku bijanye n’ibiganiro hagati y’abarundi vyimirije, aho yabamenyesheje ko ivyo biganiro bizobera mu Burundi. « Ibiganiro ni ivy’abarundi, kandi bizobera mu Burundi, ariko bibaye ngombwa n’abarundi bari hanze bashobora kuzokwumvirizwa.»

JPEG - 65.2 ko
Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, akaba n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, Pascal NYABENDA yabwiye abo bashingamateka yakiriye ko hariho umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya ivyo biganiro, kandi ko muri uwo murwi abantu bose baraserukiwe, ubwoko bwose, hamwe n’inzego z’umutekano.

Mu rugendo rw’iminsi itandatu bazomara mu Burundi, abagize umurwi w’abashingamateka bo mu nama nshingamateka nyafrika bakurikirana ahaba habaye ingorane kugira bafashe gutora inyishu bazobonana n’abategetsi batandukanye.


IGIHE

Messages

  • uyu mukuru wa cndd fdd avuze ukuri kuko we aremeza mu Burundi hariho ingorane zikeneye gutorerwa umuti binyuze mu biganiro gusa amenye ko ntabiganiro vyigeze bibera i Burundi vyazaniye amahoro u Burundi.keretse niba avuga ibiganiro nkibya ALAIN MUGABARABONA, BOSCO NDAYIKENGURUKIYE nabandi.........

  • Ntawicirurubanza Ntaho Vyakabaye!! Umuhuza Yatanzwe N’amkungu Niwe Azoruca Mwanka Mwemera Mukinda Mugaramye Mwubama Uburuhiro Nubwo!!!

  • uyu mukuru wa cndd fdd avuze ukuri kuko we aremeza mu Burundi hariho ingorane zikeneye gutorerwa umuti binyuze mu biganiro gusa amenye ko ntabiganiro vyigeze bibera i Burundi vyazaniye amahoro u Burundi.keretse niba avuga ibiganiro nkibya ALAIN MUGABARABONA, BOSCO NDAYIKENGURUKIYE nabandi.........

  • Ntawicirurubanza Ntaho Vyakabaye!! Umuhuza Yatanzwe N’amkungu Niwe Azoruca Mwanka Mwemera Mukinda Mugaramye Mwubama Uburuhiro Nubwo!!!

  • Ntawicirurubanza Ntaho Vyakabaye!! Umuhuza Yatanzwe N’amkungu Niwe Azoruca Mwanka Mwemera Mukinda Mugaramye Mwubama Uburuhiro Nubwo!!!

  • Ni vyiza ni wijinyikire mugabo akananiye umugabo kananira n’uwundi. urabaza Pst Mj Pierre Buyoya.

  • Ico kigorye kirindiriy gufatirwa ibihano nka bunyoni,nta biganiro vyi burundi dukeney kuk kwoba ar’uguhendana,mbega ivya cndd fdd na reta vyatumy bava mw’ishamba vyaberey, i burundi ko vyarivyo abarundi?

  • Ico kigorye kirindiriy gufatirwa ibihano nka bunyoni,nta biganiro vyi burundi dukeney kuk kwoba ar’uguhendana,mbega ivya cndd fdd na reta vyatumy bava mw’ishamba vyaberey, i burundi ko vyarivyo abarundi?

  • Igisazi gisa nigipfizi

  • Emwe kumbura mwemere nyamubura ikimuhanura niwe nyamubura ikimuhamba

  • Komera mutama pascal,kugwanya inziraguhemuka zabarundi bashaka ubutegetsi batabukoreye abashaka ibiganiro nano nibaziwabo

  • Uwo ni #ikirogodya, aho bibera mu Burundi vyega leta yonyene ? We woribwa ni isato, ukitwara ku nzoka ?!!!

  • murabesha sha muvyanka mubikunda muzotegerezwa kwicara hamwe hiiiiiii

  • Birababaje Aho abantu biga bigasumbwa nokuba bataciye no mw ’ishure. Nk’umuntu azi aho uburundi bwagiye buraca, ibibazo bwagiye buronka akaba akirondera kudadaza kandi azi Ko nokugira ibibazo vyatumye haba agahengwe k’inyuma ry’igandagurwa rya SE incungu ya democratie Ko abantu baganiririye hanze y’ihihugu kugira buri muntu wese yisanzure mukuvuga ata binyoma, ni ibara. hakenewe ibiganiro ata terabwoba rya CNDD Fdd ririmwo. Ico ni iciyumviro ciwe abo baganira nabo bafise igitandukanye naco ubu hasigaye aho umuhuza yicara agatunganya ingene bigiye kugenda kuko mubiganiro nta tegeko ribamwo kiretse inyuma yavyo bamaze kwiyemeza.Mutahure ariko Ko atawupfu burya adasamvye

  • Jamboless uyu mugabo, ibiganiro si Pascal NYABENDA ashinga aho bizobera, ni umuhuza ahatora. Atari ivyo ni ukubafatira ibihano kuko iyo bavuga ko bibera mu Burundi, nta mahoro bifuza kwaza

  • Ibiganirobirakeneweimpandezose, Kandinibibiberehanze Vyizanibiberemuritanzaniya Ibiganirovyosevyabereyehe?Kuvakera

  • Ja hiyo witware agatwe,ivyambere ko vyabereye hanze y’uburundi kandi vyari ivyabarundi?

  • hanyumase wowe umwita ikigorye wowe umurushije iki? mwese muri kimwe
    kuko nawe ubwo uba wigaragaje ibiri mu mutwe wawe.

  • mbe mwebwe igihe mwaganirira i arusha, ntagihugu carihe. bôrerwa neza sha.

  • Nyabenda we shira ubwenge kugihe urenge inyungu zabanyagihugu wirinde guharanira inyungu zanyu(les puissants politiens)nimba koko akajagari kari muburundi gahagaze kukutumvikana kwa leta nabayirwanya nimuganirira muburundi abari mumahanga bo komubita nyirabayazana bazoganira nabande?mwumva koko muzocemura ikibazo kiri muburundi?nimwiyumvire nkabazima mwibuke ko aho muri hari abandi.

  • none ko hari abashaka ko ibiganiro bibera aha canke hariya nyuma yibiganiro avyo bazoba bapfunditse bizashyirirwa mungiro he? abo batinya kuza mubundi se bazaguma mumakungu? nibaza se bazacungerwa umutekano nande? bazatembera mugisagara ca bujumbura bafite umwidegembyo? icibazo ciracakomeye!!!,aho baja hose vyose bizaherera iburundi kuko niho ibibazo biri.

  • Reka sha yivugire iry ’ashaka, har’uwiwe yagizwe impfuvyi canke ngo apfakazwe!! Ako karabera ku bandi gashitse kuri we naho kobiha.Aho gutegwa ikigongwe c’ibibondo bagizwe impfuvyi na manda ya gatatu, ubona ’abakenyezi bapfakajwe, tugiye kubura na: ( BURUNDI bw’ejo) ubona imisore n’inkumi babamariye ku migeto, mugabo bavuga ibiganiro bo ngo ntirikabe. Ahubwo n’umuhuza nyene niwe ahatuririye iyo afata ingingo y’ivyo biganiro tworavye uwugirango apana ngo nuko bitabereye mu BURUNDI.

  • abategetsi buburundi je barantangaza,ko bagomba kudadaza bakenewe kuzumvisha n’amabombe?uko baha akanya umwansi ko kutamwumviriza bamenyeko nawe atabayicaye.umurwi Ujejwe ibiganiro CNDI ntanumwe atazi ivyawo ntanubushobozi ufisi bwo guhuza abarundi.cndd-fdd ikirwana na leta babanje kwumvikana kubategerezwa kwicarana.(les vrais bergerants)ubunaho ninde?si Leta na cnared?ejo muzicuza nimwasanga leta na cnared mwinjiranywe nabandi bagomba ibiganiro mutari mubiteze kandi sikera.nimwibuke ko igihe G7 na G10 baribahejeje kuganirira ARUSHA bahavuye basanga hari iyindi mirwi 2 yitwaje ibirwanisho bategerezwa kuganira kandi kwinosaha niyo iriko itwara igihugu yirengagije amasezerano itaganiriye ya .ARUSHA.Ivya CNDI je nibazako vyaheze hariya i gitega(ibigiye inama bigirimana)kandi irya dialogue yigitega yatwaye uburyo bwinshi.CNDI ni iyo gusamaza abarundi m’amakungu kandi sikera muzobibona.

  • NIBAREKE KUDUHENDA UKO NUGUHUMA AMASO AMAKUNGU.MBEGA BAGANIRA NABANDE?NIBAGANIRE NABARI MURI CENARD

  • nge ndashima pascal kuko ibibazo nibya barundi n’ibisubizo bizatuvama.imana idufashe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.