IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Paul KAGAME arerekana ahari ikibazo c’Uburundi

Paul KAGAME arerekana ahari ikibazo c’Uburundi

lundi 9 Munyonyo 2015, par egide

Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yagiriza Petero NKURUNZIZA umukuru w’igihugu c’Uburundi ko ariwe ari inyuma y’ubwicanyi bumaze iminsi mu Burundi. Kubwa Paul Kagame, ubuyobozi bwirirwa bwica abantu nta poritike buba bushobora.

Mu birori vy’ugushimira abantu bagize uruhara mu bumwe n’ubwiyunge bw’abanyarwanda, Paul Kagame yaragarutse ku bibazo vy’umutekano n’ubwicanyii biri mu Burundi, akagiriza ubutegetsi bw’Uburundi ko aribwo buri inyuma y’ubwicanyi bubandanya guhitana abantu mu Burundi.
Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu Paul Kagame yamenyesheje ko bitumvikana ingene ubuyobozi bwoberaho kwirirwa bwica abantu kuva mu gatondo gushika ku mugoroba, uwutwara igihugu akiyugaranira ahantu hatazwi, abanyagihugu ntibamenye aho aba, ntihagire uwumuvugisha, akayobora atabaho, abantu bagapfa iminsi yose, imivyimba ikabandanya gutorwa mu mihingo yose y’igihugu.
Igitangaje kubwa Paul Kagame, ubutegetsi bugahindukira bukavuga ko ari poritike.

Paul KAGAME yemeza ko ata wundi muntu n’umwe yateye ibibazo abarundi atari ubutegetsi bubi. Yagize ati : «N’uwoba akwipfuriza inabi ahera ku mafuti yawe.»
Paul KAGAME agatangazwa n’ukubona ivyo vyose biba mu gihe abayobozi nka bose b’Uburundi biyita ko bemera Imana, mbere bamwe muribo akaba ari abapasitori. KAGAME ati : «Imana bemera ni iyihe? Abantu bagendana bibiriya... Ni hehe bibiriya ivuga ko abayobozi bica abantu babo?»

Kuri ivyo vyagirijwe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ubutegetsi bw’Uburundi bumenyesha ko bushimye kugira agacerere. Willy NYAMITWE umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru avuga ko Uburundi buzogira ico bubivuzeko mu minsi iri imbere.


IGIHE

Messages

  • Peter yisengera amashetani ninayo yamutegese kwica abo atwara.
    Burya yimirije gutanga ikimazi mubiwe mwiyiminsi .

  • ARIKO KAGOME yibonyemwo iki? ARAZI IBIRIKO BIRABA ngaha i burundi, mbe we yibaza ko abanyarwanda bose bamukunda? Nuko badafite aho bavugira, ino i burundi hoho democratie ni yose, uvuga ico ushatse ariko i rwanda wihenze ukavuga kagome nabi ntawumenya iyo waciye. puu genda reka kujijisha, abarundi barekere ibibazo byabo, niba ushakakubizamwo kandi TURAKWITEGUYE, ntituri CONGO ivyo mubimenye.

  • Bip up Mutama.! bwira ziriya nkozi zikibi! turarushe abarundi. uburundi ntaburongozi dufise ahubwo hari une group des bandits iyobowe na Nkurunziza atawe uzi iyo aba. yakuyeko na Telephone rwiwe;uretse kwirigwa atanga ordres kuri whatsapp . mudutabare

  • H.E Kagame, iki nico gituma yubahwa muri Africa ndetse no kw’isi hose, ntarya umunwa, avuga ukuri uko akubona kabone nubwo yaba azi neza ko hari abatari buvyakire neza. N’abandi bakuru b’ibihugu cane cane mu karere bakwiye guhagarara nk’abagabo bakiyamiriza ubwicanyi buri mu Burundi. Muzi kubona umuryango wose uraswa ugahona, umukuru w’igihugu ntagire ico abikorako, mwumva tudasigaye turi impehe kweli? BRAVO VOTRE EXCELLENCE KAGAME, UZOZE UBABWIRA ABASHAKA KWUMVA BUMVE!!!!!

  • Ntaco mugira mubivugako, maramare munume kuko Kagame ababwiye ukuri kwamye. Abarundi basemereye kera ko bariko barahona ku ntwaro yanyu ariko mukitwaza bibiriya pour vous faire bonne conscience. Nta kintu nakimwe Kagame avuze atari co

  • manadutabare kagame akavugagucyo nadusotore azotubona tukajabuka ntituzosubinyuma

  • manadutabare kagame akavugagucyo nadusotore azotubona tukajabuka ntituzosubinyuma

  • manadutabare kagame akavugagucyo nadusotore azotubona tukajabuka ntituzosubinyuma

  • Kagame ntarinda kwivanga mu bitamuraba kuko Ingorane iri Burundi
    izomenwa na Bene Burundi, Hanyuma Kagame siwe akunda Uburundi kusumba Abarundi.
    Ntiyihende rero agira yivange muvyi i Burundi kuko ashobora kuronka za surprise!!!
    Kagame ntakenewe mu bibazo vy’iburundi nawe yifitiye ibibazo bimurembeje vyinshi i Rwanda.
    Mu gifaransa bavuga bati: Occupe toi de tes onions!!!

  • Oya Kweri Ntabutegetsi Dufise Uretse Ko Hari Akagwi Kamwe Kadufukamye Munda.Muga Bibuke Ko Haraho Imana Izobabaza Ntaco Imana Iratubona

  • uyu muhimbiri kagame arabuze aho akinira!! ntaco azoshikako kuko uburundi si congo. natere none?? abanze yirabire ico abarundi bumutima tumukorera, sha ntiyovyubahuka. barayamaze ngo ishavu ryumusega riherera kumurizo....naze Hama turuhukire kigari ndani....yananiwe none asigaranye intambara yamatiku gusa nkabakecuru puuuu. nadutegereze azatubona...urwanda rugiyekuba amateka... napime yirabire..

  • Mbega icokigoryi nkurunziza yamayihishe,asigay aryimitima yabantu niko abikuzimu bamutegetse, nivyo ntafisicoyishure nyene!!!mutama kagame uravuzukuri nkukurima komera

  • urwanda hari one freedom of speech of one person.
    the only person who speak is kagame. too bad .
    he has killed all and even outside the country he killed them!
    and in burundi , kagame was in good position to calm killing with peacefully word but he make it worst
    nkurunziza has done all his best to be friendly with kagame and look how weak and deceitful rwanda president is! majority who dies are from part on power.COME AND SEE BEFORE YOU SPEAK!
    just lies lie... for power .Is it a generational curse!!No man can dominate another on this century.
    God who know the truth .We day and night cry to him .He will protect us.
    We love our fellow brothers tutsi forever.

  • Hahaaa ngo muzojabuka karibu turabategereje kabisa yooo wowe wanditse ibyo urasekeje kweri none se ibyo Kagame vuga ntibirimo kuba ? Icecekere wita umutwe

  • uyu muhimbiri kagame arabuze aho akinira!! ntaco azoshikako kuko uburundi si congo. natere none?? abanze yirabire ico abarundi bumutima tumukorera, sha ntiyovyubahuka. barayamaze ngo ishavu ryumusega riherera kumurizo....naze Hama turuhukire kigari ndani....yananiwe none asigaranye intambara yamatiku gusa nkabakecuru puuuu. nadutegereze azatubona...urwanda rugiyekuba amateka... napime yirabire..

  • Bwiruwumwicanyi Nkurumbi Temba Abrundituronkamahoro Wamuyobewe Gwarasenga Aragapfa Adasenze Uyumwicanyi Ntazadedembagwimana Sindumuja Oyyyeee

  • Ndakenguruse ukutaryumunwa kwawe nyakubahwa presidant wigihugu c urwanda twubaha kwisi 1.Ntuvugura umuvumyikumuvumba Ico watinye kuvuga nuko Imana yaduhemukiye twebwe abarundi iduha igikoko cambaye isura yumuntu ariwe Nkurumbi akaba afise nutundi Dukoko dutoduto nka Nyamitwe bose Kumacakubiri baruta hitleri ntakundi Kagame ndagukengurukiye kukuri kwuzuye nabicanyi ubwabo barabyemera ko barambiwe nokwirirwabatumwa kwica Tukagusaba kubandanya utubahafi kuko ninterahamwe zaraje ngaha iwacu nizi zisigayezirinda umutekano wuyumwicanyi nkurumbi kandi iyo utahaba vyarikuba bibi kugwiza ijana Nkurumbi yarikubayica Akirorera murako Abarundi tweseturemerako Iyireta Ari iyabicanyi ntanakimwe wabeshe

  • Uyomunyagihu,nadusotore azatubona,nimba yibagiye muri congo ivyo ingaboziwe zahaboney,nasotor neza wallah azatubona.

  • Kagame aravuze ukuri nta kinyoma kirimwo kuko NKURUNZIZA yibajije ko akundwa cane n,abarundi yibagirako abarundi bagona babona,ikindi yibajije ko atawoshobora kwanka ingendo y,ubutegetsi bwiwe kuko abahanuzi biwe bamuhenda ngo turahabona mutama,ikindi yagaye impanuro,arenga ku ndahiro n,ijambo ivyo ntivyatunezereye abarundi tubona uko isi imeze,ikindi CNDDFDD ntiyiyumviriye rimwe canke kabiri ingorane zokwaduka mugihe NKURUNZIZA yoba umu candidat.ivyo vyose vyatumye UBURUNDI buba uko ubu bumeze sur le plan social.politique et economique!Kagame siwe yabikweze ahubwo n.ubutegetsi bw.igitugu bw.i Bujumbura Imana idufashe.Murakoze

  • harya mwirwa mumuririmba muziko atarurimi agira iyo avuze ntarya umunwa

  • Hari Umugani mukirundi baca ngo. "Igiti kirakurira mu babaji" Uwo mukuru w’Irwanda ntabwo yarabiye hasi umukuru w’Igihugu cacu gusa yasuzuguye zina murundi wese; ivya Politike vyovyo ntaco twobivuga ko inkuru nyamukuru iva mu muntu uyumviriza wa banje kuraba uwuyikuvugako ingene yafashe intumbero yico ashaka kuvuga. Ahasigaye ntavyishi kuko ivyishi twavyiyumviye namatwi yacu kubisubiramwo ntakamaro. Uti itwarire urwanda imyaka idashira uti ariko ihora ihoze.

  • None aho mutuka Kagame mumuhora iki. Avuze ukuri. Peter ntawuzi ahaba ntagitwara i buja ni Caos. Unve namwe peter ahagurutse avuye i ngozi ibarabara rirugagwa kuva i myringa gushika i Buja,b nka masaha 5 atanyoni ica mwibarabara atanumwe ahita. Naho woba uguye kubitaro ugira uphe ntuhita. Ivyo kwisi nzima nabibonye i buja. Kagame arivugiye ati, ubu peter ntiyobura umwansi aho amuca none arabeshe, en fait muvuga ivyo mutazi nta muntu numwe kwisi agowe nka peter ubu. Ararushe . uwo mukura yoba amutabaye. Ntibabahende ntabantu100 bi Bujumbura bamushigikiye, Mana yaragowe, aha lero ntagushikuza birimwo. ndababariye.

  • urakine nabomunga ntiwibazengo uburundi nikongo ubuwumvise nikeri umeze amababa cira birarura nokundubura warananiwe uribuka 2002/4 cungamayisha nimba urikuraraga gendabukebuke

  • Ndasavye.umukuruw.igihugu.yikebure. A hagarik.ubwicanyi.ahandiho.bigiye.kukugora.imis.irimbere.

  • mbe kagome aho aziko ivyakora tutabizi koyigira igihangange murakakarere yiyumvira ko tutamubona ko ariwe yateje umutekano muke muburundi 1abagize kudeta bari murwanda 2abateye cibitoke bavuye murwanda 3 abateje umutekano muke mumakartiye yibujumbura nabanyarwanda bigumije muburundi aho botashe iwabo none ubonye ivyo wateguye kugerako biriko bikunanira utanguye kuvuga ibitakureba baca umugani mukirundi uti ukunda umwana kuruta nyenawo ukaba ushaka kumuniga urwo surukundo ukunda barundi mukubarungikira abatera nubu tubishire ahabona abanyarwanda tumaze gufata tubereke amakungu canke abatera uburundi bavuye iwawe ziba ufunge kinwa twarabaye ureke kutwitamba kumuvyimba nkuko wabivuze pita nyaguhora kungoma arasenga kuko yataba asenga tuba tumaze kukwereka ko ariwe uduteje ingorane mbe kagome aho uwokubaza amaraso yabanyarwanda wishe woyazana abo wiciye murwanda muri kongo nahandi heshi ntavuze abo wahejeje hanze sabo mutavuga rwumwe ntawuyobewe kwiwawe atawujogora ubu ntabiringo wihaye mubanyarwa niwe uzigutwarb

  • ndabineguye ivyo paul kagame yavuze muri 1993 yabwiye buyoya kumara abahutu kuri za kaminuza ariko ntiyabamaze!!?muragaba urwo surukundo akunda abarundi ariko ashaka kwongera guhnya abahutu ariko Imana iriho

  • Ntawutera amabuye ku giti kitamye ivyamwa. Nkurunziza muvuga yarasizwe amavuta n’Imana yo mw’ijuru. Abasenga shetani murahava mukibaza ko n’abandi ariyo basenga. Reka rero ko mwinjiye mu bibazo vyo guhangana n’Imana turabe aho muzogeza. Nta gihangange nari bwumve nka Goriyati muri Blible, ariko uko yahejeje mwese murabizi. Let’s wait and see.

  • NKurunziza akwiye kuvaho kuko arajenjetse cyane. Siwe Watanze Mushayidi ngo arihonga kuri Kagame none araje amurimbure nibye byose.Uwiyishe ntaririrwa

  • TWESE ABARUNDI TWAKENGURUTSE IRIJAMBO RYA GENERAL MAJOR PAUL KAGAME NAKARE YAMYE ARI INTWARI NKUKO YAHAGARITSE IHONYABWOKO MU RWANDA MURI 94! AHUBWO AKWIYE GUHAGURUKA AGATABARA ABARUNDI NAWE ATARINJIRANWA KUKO INTERAHAMWE ZOSE NABA DFLR BINJIYE MUBURUNDI GUHERAHEZA IHONYABWOKO KUGIRA BAZOCE BATERA URWANDA KURANDURANA NIMIZI ABAROKOTSE IHONYABWOKO RYINTERAHAMWE MUZEHE KAGAME AKWIYE KUDUTABARIZA MUMAKUNGU NAKARE YAMWE ASERUKA AHO RUKAMVYE AGAHAGARIKA UBWICANYI JE VS RESPECTE MON GENERAL KAGAME .

  • hahahahahahahaha ndabatwenze canee!!!! uti mujabuka muja he? Kagame turakwemera cane ko utarya umunwa,mukine nuburundi na nkurumbi muri abana cane,usivye namwebwe abarundi niyo mwoshaka ubofasha Rwanda ifise igisirikare gikomeye muri aka karere so mujeho muramoka nkuko mwamye mugabo kugwana hoho twobanyara bikaze,ntanakimwe yahenze ubutegetsi nibwo buriko burica abanyagihugu,Kagame ntiyivanze kuko numuturanyi afite kuvuga ivyo ariko ararabo bikorwa na President mugenzi wiwe,nkiyo mihirimbiri iriko iramoka ishigikira ubwicanyi nuko aribo bariko barabukora,iyo ubutegetsi buriko burica abanyagihugu buba bwonaniwe,gufa kwanyu Nkurunziza ntakintu bivuze mushake mupfe azategeka 5 bazosigara,ikindi akavuyo mufise ntanuwutabarwanya ngo abanyare mwece inzirakarengane2,Kagame mumureke turamuzi bien,utujambo twanyu ntaco tumubariye yemera igikogwa so muzihende murabe.

  • Nyakubahwa kagame, uri umugabo kweli, uyonawe mugaye kabisa kuko aragayitse kubona yimarirako abiwe. aho wewe wari warutaye ntawuzokubaza ngo wewe wakoze iki! waravuzeko bibiliya atanahamwe yigisga kwica. ariko aho iyaba yagushobora yaca akwica. azirana n, umubwira ukuri. abo barundi bose ubona aho iwawe bazira kuvuga ukuri.

  • abarundi bamwemera ababahanura!ninde atabona kwingorane zatewe na peter mukwiyomekera kubutegets illegalement kandi aba dd ttutabuz intwari zorongora igihugu?uwiyita kamaro, hussein na claire gukunda peter nibisanzwe arimko bebe mugira analyse objective

  • Ariko muransetsa kabisa ivyo Kagame yavuze vyose n ibihe bitarivyo?mwarataye umutwe murahimvye amaraso y abarundi. Naho ibindi muvuga ururimi ntaho ruhuriye numunwa.Polotique irabananiye none murahimbira kuRwanda mwabipfamutimamwe mwa bikoko bisigaye birya imitima y abantu. Ubuze aho akinira akinira kuRwanda. Ubundi ntawubabujije kumoka .Ibisigaye kwirirwa mwigamba ngo mwagarukira i kigali numunwa gusa kuko ntaco namwe muyobewe kuko nibaza ko abo bavuga ibyo bashobora kuba ari abana bahoha bavutse ejo .

  • narabe nyabuna agire ico avuga hakire ubundi abarundi tugiye gushira ariko nitwaba twitwaza biblia kugiro twice abantu twihishije inyuma ya biblia twibuke natwe turiko turarwicira imana yo ibona vyo iturabire ibihano bidukwiriye kandi yongere itabare abayo

  • Umwana w’umuhutu (Peter) yumvise Ijambo rya General Kagame none yanyitse yabujije n’ababoyi biwe gusohoka. Ariko yibuke ko twakubise Habyalima France. ingufu zanesheje habyalimana ubu zabaye x10,....

  • mana tabara inzirakarengane.

  • Hahahahahahahahahah Abarundi muransetsa koko. ngo mwagera i kgl? Muba mudashinga mukabyina? kuki mwene adamu amateka ntacyo amwigisha koko? Abarundi mwari mukwiye kwigira kubyabaye ku rwanda 1994 mukabikuramo isomo.

  • Ewe kaganyesha wicabanyarwanda biberahanze.nivyo ushaka kuzana iwacu. twebwe tuzokwivunape.wewe icyudusumbya nibirobike.ufite ibiro nkibyinyoni wotera ubwobande?witone

  • Ivyo Kagame Avuze Nivyo

  • kagame ntaco tumusavye kudufasha, ibibazo amaze gutera uburundi biramaze, nageze aho. uburundi ntabwihendeko si nka RDC yateye agupfuhura ubutare atwara mu Rwanda,umunwa winkudavyose wariye igifyera kiwumena itama, kagame tunganya ivyawe uduhe amahoro kuko urazi ntivyera namba,ataruko nurukarishe ruzokumwa

  • Perezida Narabe Namba Abantu Bapfa Kubera We Abihebe Asubize Igihugu.

  • mutama babwire cank ubigishe politique.

  • biratangaje kunkuru porokagame yashikirije.nareke uburundi burafise indongozi.

  • Ngo abandi n’abicanyi ngo mugabo jw ngo ndintore.ibiziga vyomurweru bizanany kagera vyari ivyande,abica bakayumba nyamwasa ?abafunga abaririmvyi?amaradiyo avuga umuziki mugabo atawuryogora.banyagwanda mwebwe nimwinumire kuko murafunzw mu gihugu canyu.

  • Nyakwubahwa kagame, uremejenezako iyo igihugu kibanyi kigize abakirongoye babi kwarivyizako umu prezida wumubanyi nkawe acarerekera agateza abaja guhungabanya umutekano mwicogihugu kibanyi ngokuko gifise abakiyoboye babi? Ndagusavye wandike ahadata ayamajambo ubwiye mugenzawe wu Burundi kuko mugihe kidashika imyaka 2 tuzoyakwibutsa ntuzohave wivugisha ngosiwewe wabivuze.

  • Mana Dufashe Koko Tugez Ahatemba Ukureho Ububutegetsi!

  • kamba arivyo IMANA izobimubaze

  • Bamwe mubanditse ivyiyumvirovyabo ngaha nabasekeye hamwe na Kagame. Eheraba Kagame namwe mumwemeye muzi ibivyunomusi yavuze ntimuzi ibizoba ejo kuriwe nokuri mwebwe ntimuzi ibizoba. Nongera kubibutsako nabandi ba prezida batubahuka kubwira abandi ba presidents amafuti bababafise sukubera babababuze amafuti bakora kandi abineka gusumba ibi Kagame acucikaho amaherameshi ngobikunde bikorwe mu Burundi ngohanyuma aronke ivyabaragogota avuga, ndabibabwiza ukuri ntamukuru wigihugu yiyubashe kandi yubahwa nabahanuzibiwe nawakubaha abahanuzibiwe yoshobona kuvuga ibintunkibi ibivuzwe nuyumunyacubahiro prezida Kagame biteyisoni kubandi ba presidents iyaba aba presidents bafise ishirahamwe ribahuza bamwicarira bakamubwira bati uratumaramaje/uradusebeje aturafise uburenganzira bwokugira icubwiye umu prezidankawe ariko uraheza imvugo ukoresha igatandukana nimvugo zabamwe badandarize ibintu muntoki bamwe babita ba kabarasi .

  • Mbe ko kagame k’arajw ishing nuburund? ubw mu rwand ntabibaz biriy yohangana navyo? cank nagasomborotso!
    mbe ko yifatir mugahang ubutegets bwi burund yibaz ko uburund ari ntara y’urwand aho amategeko ko ababajw nabapf muburund can ubwo murwanda ntabariko baricwa?
    canke muburundi hariko hapfa abo adashaka ko bapfa kumbure vyohinduka hagapfa abo ashako amajambo yogabanuka!
    "kagame"umukuru wigihugu mubi yuzuye amacakubiri y’ amoko"

  • Yaba wewe Kagametcanke abandi mwese Umuti wanyu urahari kandi nii vuba ( Soma Daniel 2:44)

  • Yaba wewe Kagametcanke abandi mwese Umuti wanyu urahari kandi nii vuba ( Soma Daniel 2:44)

  • Yaba wewe Kagametcanke abandi mwese Umuti wanyu urahari kandi nii vuba ( Soma Daniel 2:44)

  • Eeeeh! Ariko akarimi kaja kuwundi karagororoka kweri! Mbe ago majambo kagame avuga ayavuga nkande aho yigize izoga akibazo ko tutazi no ibivyose arise ariko ateza uruhagarara muburundi.peter nkurunzi ntabwo ari Jevenari Havyarimana yamanuye mundenge. Kandi Uburundi ntabwo ari Congo yagize irembo ryiwe ryogukinirako!!!!

  • Kagame mbe ivyo abindendemba nkande? Peter Nkurunziza ntabwo ari Jevenari Havyarimana yakoroye mundenge . uburundi ntabwo ari Congo yagize irembo rye ryogukinirako .

  • EWE KAGAMe uraciye ubwenge,niwe ntawundi kandi IMANA ISUMBA VY6SE IMUHARISE.

  • Kagame ivyo avuga yabitumwe nande abivuga nkande just remember peter ntabwo ari Havyarimana wamanuye munde . ibi biriko biba muburundi kagame nawe abirinyuma niyigire izoga

  • KWANZA YISHURE ABANTU YISHE BASHIKA MILIYONI 5,MUNYUMA AZE GUTANGA INAMA NGAHA MU BURUNDI,NTITUZIBAGIRA ABARUNDI YAGANDAGURYE I MBANDAKA.

  • arega BARUNDI mwese,mube maso.Ngo Paul KAGAME ashaka ko UMUTUTSI ariwe nyine uyobora UBURUNDI ngo maze abahutus bongere bicwe nkuko bishwe mu 1972(genocide hutu burundais).Ngo KAGAME ntasbwo ashaka ko BURUNDI iyoborwa n’UMUHUTU. Barundi mwese,MWITEGURE INTAMBARA YO KURWANA NA KAGAME kandi muzayitsinda

  • iyaba KAGAME wacu yicaga NKURUNZIZA maze prezida BUYOYA agasubira gutegeka BURUNDI. I yaba ibihutu byo mu BURUNDI byose byari bipfuye nkuko byapfuye mu 1972

  • NAW WIBAGIRA NANINGOGA JENOSIDE WAGIZE NTA PRESIDENT ATICA.

  • Bagenz Peter Nibamurek Kuk Yavzekera Ngo Basubiz Ibgwanisho Kubtabiftiye Uruhsha Barnka Rek Bimarnir Wew Aracungerewe Yarbabwiye Ut:<< Uterumupira Kuruhome Ukagugarukako Ukakumenamenyo>>namw Bandnya Mutera Uwomupira Ubndanye Kubamenamenyo.Ikibwgwa Nicumva Icerkwa Naco Nikibona.Nibmuveko Mutama Wacu.

  • emwe kagame ntiyabeshe twe aba dd twatanguye juryana abatutsi bara bi profita ikindi naco nibo twikundiriza cane gusumba abahutu .reka bitugarukeko.

  • Imana mwese ibagirire neza kwayo majambo mwanditse kagame nawe nguragahorukwo uvugabandi nkuko umenga ntawuzi ibibera mugwanda

  • Imana mwese ibagirire neza kwayo majambo mwanditse kagame nawe nguragahorukwo uvugabandi nkuko umenga ntawuzi ibibera mugwanda

  • Imana mwese ibagirire neza kwayo majambo mwanditse kagame nawe nguragahorukwo uvugabandi nkuko umenga ntawuzi ibibera mugwanda

  • Kagame ishinge urukarishe ruzokumwa, umaze imyaka irenga 20 uvuga rikijana kuribi uvuze kuri Nkurunziza nigihuguciwe camavukiro rekangezaho simpave ngera ahagutegereje. Ariko icontoreka kubwira abarundi nabanyarwanda ikigihe kigiyekuza kigiye kubabera kibicane hahiriwe abarundi bamye bagavye haragowe abanyarwanda bishimira Kagame.

  • Vangaho Wa Shenziwe Ushakagutgeka Peter?Ubwuramuz?Wewe Udakwiye N’umusogot Witabi?Ushakgupf.Nyamb Wisema!! Fyuramaso Ngushak Gutegka Mutma Tegka Iwawe Wa Mbessille We.

  • Vangaho Wa Shenziwe Ushakagutgeka Peter?Ubwuramuz?Wewe Udakwiye N’umusogot Witabi?Ushakgupf.Nyamb Wisema!! Fyuramaso Ngushak Gutegka Mutma Tegka Iwawe Wa Mbessille We.

  • Abarundi bavuga ayo magambo ntimurabona intambara irasenya ntiyubaka nkamwe muvuga nabi nyakubahwa kagame nkamwe mubona mufise ubwenge ntanisoni impanuro abaha niyo .mukwiye kureka kwica inzirakarengane ikindi mwebwe bayobozi mwica abantu impimba irabategereje .wakinda uhavaze cyangwa wicaye uzofungwa cyangwa mupfe.

  • ese ubundî kagame abona yogwanya twebwe abarundi twababaye kuntambara nazedukore nimba abishaka

  • ARIKO MWA BARUNDI MWE,MURUMVA PETER YARWANA NA KAGAME KOKO? AHO NUKWIHENDA CANE. PETER NI MAYIBOBO, ATOHANGARA KAGAME.IGISODA CANYU INZARA,NTA MPUZU,DIVISEE, PETER ASABE UBUHUNGIRO KIGALI,NAHO UBUNDI TUZO MWITORERA MURI PRESIDENCE YIWE IMEZE NKA CABARET!!

  • Erega muvuga menshi kuko muri injiji ntamateka (Histoire) muzi, umuhanuzi magayane na museveni babwiye habyarimana ko abasore barebare bamahane bazamutera arabihakana, CIA ibwira mobutu ko yashotoye agahu kabarwanyi ntiyabyemera atabaza zimbambwe, rep centrafrique na congo brazaville ubu hakurikiyeho uburundi umusaza natanga order mwese muriho mwandika ibipfuye muzahinduka mayibobo ninzererezi nkabana babtegetsi ba Congo nurwanda rwakera pour verifier andika muri Google intambara za Congo namateka yurwanda urabona ibikurindiriye uzamenya nimpamvu muri africa ministre wa defence wurwanda yabaye chef d’etat major mubihugu 2 en meme temps

  • Harya Uwuja Gusiga Uramurindira Kagame Narindire Agume Aduhiga Twe Abarundi Akoresha Abatutsi Buburundi Ngobamare Abahutu Tweho Ntituri Abahutu Burwanda Yifatiye.

  • kagayo wee erega amaraso yabarundi arahuma utanguye kugenda uradahwa ibikorwa vyamaraso ukorera mu burundi? sha ntuhaga amaraso ntaryamira urariye,ibihumbi muri congo,adolphe uramira none peter aje ahabone umwihereze? uragayana mwana wa shetani

  • eweshakagame ehekuntu gaturumburamaso umego kabonye inzahabu

  • Abarundi mu menye ko Isi nta mbabazi igira, ibibazo nibyanyu, na Kagame nta mwanya yabona yo kuza kurwana. Ese ubundi muzi Intambara icyari cyo. Ntabwo nibaza ko uburundi bwari bwabona Intambara. Ubwo ni mukomereze aho, vous avez encore besoins des lecons a prendre.

  • Abarundi ntabwo murabona intambara, mujye mukomeza mukine numuriro, uzabatwika.

  • Ahaaa... Kagame Yiyibagijeko Abakunzwegufatwabeshiharimwo Abanyarwanda? Mbe Ibirwanishobikunzwegufatwabijeguteramuburundi Ntibiturukamurwanda? Abamabazaguteramuburundi Ntibazabavuyemurwanda? Mbe Yibazako Tutamubona? Nagumamvyongingwemujisho Niyamukanurirako Azoyibona Nateshwate Kuko Igihuguc’uburundi Kucihagira Biragoye Sikimwecakera Ubu Nuburundi Bushasha.

  • Ariko twe abahutu ntidushoboka. Abantu ibihugu vyose biratanga impanuro zo kureka ubwicanye tukica amatwi. Mbega nkabo bahutu benewacu baguma bavuga bongera bavugishwa ivyo batazi muvyo Kagame yavuze atarivyo nibihe? Emama ngo abatutsi nukubasubiriza mundumane ngo niyo bayazana! Mbega Hussen Radjabu, Manassin Nzobonimpa, Nyangoma, Niyombare nabandi bahutu benshi benewacu bahavuye bahinduka abatutsi? Zede Feruz burya yapfuye yari umututsi? Rero ndibaza nkabura inyishu. Ngwemama Pacifique canke vitale! Ndasavye mwabo bahutu benewacu baharure barabe abahutu batavuga rumwe na Nkurunziza uko bangana bace baraba nabatutsi uko bangana imbere yokuzana amacakubiri muri benewacu babatutsi atakindi dusangiye atari ubukene gusa. Nayo abipfuza ko bazobaho abatutsi baheze ndumva bihenda. Dukeneye intwaro nziza itwarira bose idacagura. Ariko hakabaho uwuza anyemeza ko ba Radjabu bahindutse abatutsi ndumva hazoba hageze ko twitandukanya nubwo bwoko. Rero nohanura abahutu benewacu ko bokwitandukanya nagatima kubwicanyikuko twihaye akamenyo kwisi yose. Uzi abahutu Nkurunziza yanigaguye ugira nabatutsi babishe? Uwoharura abahutu bamaze gupfa kuva Nkurunziza afata ubutegetsi bangana iki? Niho abatutsi bayamaze bati abahutu iyo duhimvye duhimba nabi.

  • aliko ubundi nkurunziza usigaye ameze nki gisambo kiba ihene . afite ubwoba bwiki ? umuntu utinya kujya aho abandi bagabo bali. uwo ni president nyabacyi. kubona ataragiye gusezera mushuti we . hali icyibazo gikomeye.

  • Wewe wiyise kamanzi kuva wabaho ntawurapfa iwanyu?Mbega urupfu numukunzi wawe Abapfuye mu 72 numva umengo biraguhimbaye!!!Iyo uba uzi ibikuri imbere ntiwari kuba mumunezero wifuza ko abandi bopfa uri gipfu kandi utarapfa ahubwo nkugire inama rondera YESU bigishoboka kwabonwa Si no uzokwibuka ayo majambo ari mumutima wagezeyo .Singuciriye urubanza ariko muntambara zose zikunezera uzogume ukwo

  • Ariko uyu mwega arishima gabasha. Bavuge ibigoramye imihoro ikarakata kagame kagame pirato wiyemeje kumena amaraso kugeza arundutse ngo nio murage w,abega ubugome yarabuvukanye aranabwonka mumashereka. None nawe arafata ijombo nibirwanisho yohereza muburundi ninkotanyi ze ngo bice abantu yarangiza agasalba ngo fdlr dore ko iyo ashaka gukora ishyano aritanguranwa akabeshya nkibisanzwe baba ngombwa nabo benewabo akaba Marita ku icumu nkintambara yo kuruncunshu yewe wowe urazwi nugucecekesha abazungu na ba Obama ubafunga akashi yo mu fata nya kwica abanyekongo mu biba umutindi kamera none ubu mwadukiriye iburundi. Ariko ngirango wowe ntuzapfa utabishaka kandi izi uwo uzapfa? Umugore apfa uko na we yishe ntuzatura nkumusozi muri ayo makinamico muri mo mubendhya amahanga.

  • Ntawutaziko kagome yirukanye kayumba nyamwasa agomba kumwica kandi ariwe yamuhaye ubutegetsi rero twebwe abarundi umukuru wigihugu cacu ntabwo ameze nka nyamwasa na cou detemp warayibafashije iranka iguta kumazi icowomenya wewe kagome nkurunziza yaba politic amasasu amabombe hose azokwama akurya ese worungika izonkotanyi zawe tukazibagira ibisiga rungika ningoga ntakindi usigaje ariko uze wisigarize kuko abazohonyozikirenge kubutaka bw’uburundi nawe urabizi icotwama tubakorera

  • WEWE MUTAMA PAUL NDAKWEMERA KUKO BICIKA UVUGA IRAMBIRE ITEKA RYOSE ALLAH AKUJE IMBERE.

  • KAGAM abantuwishe 1994 urabibuka ukobanga wew turazi kurumwicanyi wambere ubabazw noko ivyo washats kugerako vyans? kuki uvugivyabandi ivyawe ukavyicarako urucira mukaso ugatwa nyoko

  • KAGAM abantuwishe 1994 urabibuka ukobanga wew turazi kurumwicanyi wambere ubabazw noko ivyo washats kugerako vyans? kuki uvugivyabandi ivyawe ukavyicarako urucira mukaso ugatwa nyoko

  • Imana vyose irabizi? Kandi izokwihesha icyubahiro.

  • ibyo mwese muvuga nabasetse cyane kuko uburundi intambara ihari niya Russie, Chine vs Amerique na Europe ibyo mubimenye nutarabizi abimenye namwe amazuru mwapanuye abandi mwayasongoye imipanga mwafashe inkoho murica bene wanyu aho mubera ibigugu aho kurwana ku butunzi bwanyu nickel barondera muri kwihekura abanyafurika turi ibigugu ibigugu ibigugu ibigugu tumaze bene wacu nabo bitorere nickel bibereho ibyo basigaje mwasame ngo nimfashanyo turi ibigugu ibigugu muri 2015 dufise abanyabwenge isinzi mudashobora kubona ukuri ku bazungu mwihekure afurika turi ibigugu gusa twice abavukanyi inshuti ngo umuzungu arye yitume tumujye mu kibuno duhehe koko mwagize ubwenge mugahagaruka mukumva ko turi bene mugabo umwe kwica bene wacu ubatuma yigaramiye mu mahoteli meza kw itanganyika imiduga myiza ngo ni ong mu mari y igihugu bibye barundi bavandimwe ayo maraso mumena naya bene burundi umuzungu yigaramiye

  • Kagame mbere yo gutokora ijisho rya mugenzi wawe banza utokore iryiwawe. Mu Rwanda abantu baburirwa irengero umunsi ku munsi, famille zabo ntizishobora kubaza. Muri Province ya Ouest police yarashe abantu izuba riva bariko barubaka, ubwo s’ubwicanyi? Kagame yashaje ntakimenya n’ibyo avuga kbr nta mu president yokwubahuka kuvuga nk’ibyo yavuze kuko biraboneka ko avuga n’ibyo atateguye. Ngo ntazi aho Nkurunziza yirirwa ck ngo aho arara!Kagame wewe yirirwa yirirwa he?Nkurunziza waramushatse ngo umwice nk’uko wirirwa wica abandi waramubuze urihandagaje ubivuze no ku ma radio ngo ntuzi aho yirirwa! Ibyo uri gutegura byose ku Burundi biri kuba Echecs niko kababaro ufite. Utaretse kwigira Homme fort uzicwa n’umutima kubera Uburundi, Umenye ko u burundi atari RDC. Nta muntu utawi ko ibiri kuba mu Burundi byose qri wowe uri kutera. Abo bana ba Barundi uri gutoreza ku Gikongoro ngo bateze umutekano muke mu Burundi uri kubabeshya kuko ntacyo bazageraho. Iyo genocide uvuga mu Burundi uyikurahe ko igisirikare n’igipolice by’u Burundi birimo abahuru n’Abatutsi atar’icyo cyawe cy’uzuyemo abatutse. Teshwa ute birarura

  • Aka gatype ngo Kagame (Mudahagamaraso) kishe amamiliyoni menshi y’abantu mbona ari ntampanuro kagombye guha abarundi. Ahubwo kagombye gushaka aba psychologues kabuhariwe kuko karasaze kubera kunywa amaraso.

  • Burundiiiiiiiiiiii!!!!! is really Burundi, amakungu nuko abakingira ikibaba iyoba bakaturetse tukaza twebwe abanyagwanda twabaha batayo evyiri zonka za bakomando bacu mukaraba umuriro mureke ivyo mwirigwa mukangisha abanyagihugu.

  • ibitekerzo byubujiji nokutamenya nibyo murimo gusa utagirwa inama nabandi bagabo abari igicucu naho uwogeza ubwicanyi nintambara aba atarayibona mufate iyo minwa yanyu mureke kuvunvura. iyo umupresident avuze asubizwa nundi naho kubwejagura kwanyu kumeze nkukwabakongomani.abarundi bumutima barihe kumengo hasigaye ibivunvuri gusa mwikebuke.

  • Abarundi mufite ibibazo kandi ni mwebwe mubyitera ntihakagire uwo mwitwaza mwarononekaye mu mutwe mwirirwa murata ubwoko maze abarussia n’aba chinois babamareho ubutunzi ngo ikibazo cyanyu ni u Rwanda murebe ahandi niba mukeneye aho gukinira muribate iwanyu hatazagira nurebesha amaso ahagana i Rwanda nuko dii HUman rights yabarwanyije se kuko iyobowe na President wacu cg babakuye muri AGOA kuko Kagame ayoboye Isi. Murarushye cyaneee kdi muzahora muri abagaragu b’abandi igihe cyose mutaricara ngo mutekereze ko amoko yafunze ubwonko bwanyu ubwo kdi namwe mwirirwa murwana nga muri ba ingenieurs, docteur n’ibindi nta na kimwe mufite wowe wirirwa wizunguza ubivuga warangiza ukandika nkibi nta kindi uri cyo uretse ikijuju jamais vuu ngaho se twara ubwo buhutu bwawe cg ubututsi muri UN maze uzibuke ujye ubishyira no muri CV wasanga hari Nokia cg Apple bwa crea ukabona ugakira.Nta soni ube umukene hanze ube n’umukene nako umutindi umuhanya mu mutwe ngo urarwanira ubwoko bwabe tekereza.

  • nivy kabis nibizokurir bizabazw we?

  • Ark S Kagma N Umujur Arabn K Peter Arw Atr Imbnd Akj Kwic Ab Arongy?Tw Tut Fung Kinywa

  • barundi narinzi ko musobanutse none ndabona mukiri muri mama wararaye.ntacyo nvyuze numwana wumunyarwanda.

  • Kagame, turakwitesheje kandi turongeye turakwitesheje! Ntaco uja mubitakuraba. Mbega wewe urigiki kugirango wite imbere mubiraba uburundi bwacu? Turazi ko amacakubiri yakunyegeye, none ushaka kuyashira mu barundi vyanke bikunde! Reka kuduhungabiraniriza umutekano uhenda abarundi! Mwa barundi mwe, ndabasavye ko kagame atoturusha ubwenge ngo duhave tumushirira mucogeje!

  • Baca umugani mu Kirundi ngo "Icumwa ntigitwenga umwugariro".!

  • AHUBWO ARAHUMBA NAZE TUMUTEZE AMASO TUMWOPERE ARONKE INGENE AZOKWAMBARA UMUKABA

  • EWE.KAGAME BUDYA WEWE URIHENDACANE MBEGA WARUZIKO AMABAGA YAWE AZWI ? KUGIRUFATUGWANDA WAHABONYABASODABUYOYA NAYAHANDI UBAWARAHEZE INYUMAYACO NUBU URAGABA AKARINYUMAYAWE KARAHINDA ABASODABUBURUNDIURAGABA EJUTAZOSAGABAGUSHAYEMWO ICAYI BAZOKINYWERA KUKIYOVU WITEGEVUBA KUKU TANGUYE KUTUVYO GOROZA TUZOKWAHIRUMUTI

  • President paul kagame nshimye ibyo uvuze kabisa kandi ibyo uvuze nibyo ntacyo wigeze ubeshya mubyo wavuze, Abiyita ngo baratwaye abantu nibo barimo kubarangiza babica niyo mpamvu ntacyo uburundi buzageraho mugihe ubu butegetsi bukiriho

  • numvirije abantu mwese mu culticant kagame nsanga muribjuju kUko ntimwze hamwe wewe arabbona mwe nimtreke kwivanga kuko conza uwacuriye

  • ALIKO INJIJI ZIRAGWIRA SINDABONA IZIMEZE NKABA CNDD. BILIRWA BIKOMA IBIHUGU NGAHO URWANDA UBUBILIGI UBUFRANSA AMERICA . NDABONA KO MUNANIWE . BIGARAGARA KO IBIBAZO BIMAZE KUBARENGA.

  • ark abarundi muri ibigoryi peeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeee
    ubu mubona mwarwana n u rwanda ??????
    uzabaze abakongomani n abagande bash
    uburundi kubufata byatwara ibyumweru bitatu

  • @moba. Uwo muperezida w’intagondwa ngo ni Kagame ni Perezida w’agatsiko k’abasaja. Usibye abahutu n’abatutsi bamwe bajijutse ntibamwiyumvamo. None Inkoramaraso Kagame batazira Rukarabankaba yagira iyihe nama abarundi usibye kubica. Dore ko afite n’umudari nka Hitler wo kwisasira miliyoni z’abantu. Mumunyoherereze ngewe Psychologue muhe umuti (urushinge rwa mperezayo)

  • muransekeje kabisa, murahire tumanutse tukaza ndabarahiye isaha imwe gusa mworaba different yibyo muvuge , ariko ntamwanya dufite wo guta ahongaho kuko dufise ibyinshi bituraje inshinga then our president yababwiye abumvishije bumvishije kd abazababara bazaze turabategereje uzoza neza azakirwa naho uzoza nabi nkuko twama tubivuga azakabona kuko u Rwanda ruratera ntiruterwa Niko biri naho peter arekereho kwica abo ayoboye kuko iyo sintwaro, ufite ugutwi niyumve kd uwanse kumva azumvira ijeri, murakoze.

  • Peter fec pastor kakubayeho inkotanyi zirakuriye tu.warikwegeye gukorana n’interahamwe;urabaza mobutu aho vyamushikanye gushika naho bamuter’umuti mu mavya kugira atazosubira kurongora apfa aboze.Ugira umusange Adolphe.Aho winyegeza barahazi kandi kagame azogufatisha intoke rindira.we ntapfa kuvuga nkuko uporomoka ngo wateze amafuko utera n’amavoka

  • mwabarundi ESE MWe murwaye mumutwe cangwase mwarahahamutse arikose ayomajambo mubamuri kwiyahuza nayiki?mwatuje bagahanurira president wacu ESE ko mutemerakwariwe nyirabayazana mubonarinde nyirabayazana?uziko muribicucu we agizamahirwe aronsumuhanurira tegereza murebe ko byose bitazashoboka cakoze usenge dusenge nyagasani azabimufashemwo sawa murakoze. ncutizanjye mwese imana ibampere umugisha.>

  • GENOCIDE KAGAME ahora avuga yo mu RWANDA ko KAGAME yateje intambara RWANDA muri 1990 yaje kubyara GENOCIDE muri 1994 iyo GENOCIDE KAGAME yariharitse yari mu RWANDA cyangwa niwe wayiteje!!!!!!!!!!!!!!! Ahaa.........
    KAGAME ni prezida wacu ABAZUNGU bamukingira IKIBABA kubera kubibira UBUKUNGU bwa CONGO none arifuza NICKEL ya MUSONGATI YO mu BURUNDI ,ABANYARWANDA benshii twahindutse IBIRAGI NONE YIBWIRA UKO ASHAKA KUYOBORA U BURUNDI NKUKO YASHIZEHO JOSEPH KABILA MURI CONGO
    IMITWE Y’ITERABWOBA YIBERA I RWANDA M23, NA CENARED ya NYANGOMA...

  • Commentaire z’abarundi we?! sha murabokuyoborwa na nkurunziza kweri.

  • Mbona Kagame Atokwinjirira Uburundi Mukuvuga Amajambo Apfuye Mugucanishamwo Abarundi Narebe Ivyo Mugihuguce Irya Mirambo Yatemba Mu Rweru Iva Mugihuguce Niwe Yayica? Birashoboka Kwariwe

  • aburundi mugitekereza gutyo muzahora hasi nimwebwe gihugu cyambere kwisi gikennye ngo mwahangana nu Rwanda nimureba nabi muzakubitwa nkizakabwana kaneye murugo. namwe murabizi ko ntakabaraga mwigirira uretse umunwa wabarenze

  • iyo genocide muvuga ntimuyizi mwa barundi mwe kuko yatejwe nabaso wanyu ndadaye nase habyarimana uwayihagarikije muramuzi?
    1. ntamunyamahanga numwe yaje ngo ayihagaritse
    2. yewe na l’ONU ntiyahaserutse
    yahagarikijwe nabanyarwanda ubwabo bari bafite umutima wo gukunda igihugu barongowe I here nintore irusha izindi kugeza tugeze kuntsinzi , rero ibyo bigarashya byaba nyarwanda byahunze igihugu kubera inda zabo nini zabananiye bimaze imyaka 21 urenga bimokera hanze yigihugu ntibizababeshye kuko byananiwe kugera kuntego yabyo nimubitega amatwi muzaba nka RDC iteka ryose rero mute muteshwe gutekereza u Rwanda kuko ntacyo muzabutwara na France yarananiwe nkaswe mwebwe mumokera aho muri mumaze amezi 6 mumoka ariko our president ababwiye ijambo rimwe murayo mezi yose ariko mwasaze rero mwitonde kuko umujinya wimbwa ushirira mumurizo mutazahubuka umuriro ukabakira nkuko wakiye interahamwe muri 1994 gasopo nihagire nuwo twongera kumva akopfora mwa njinji mwe.

  • Mwishura murahise icomuvuga?akanwa kanyu kuzuyemwo amaraso yabana bimana.umuntu wese ariko aricabandi amenye kwazobibazwa.

  • Mwishura murahise icomuvuga?akanwa kanyu kuzuyemwo amaraso yabana bimana.umuntu wese ariko aricabandi amenye kwazobibazwa.

  • Ndatangazwa Nabo Banyarwanda Bariko Biyaka Amagambo Apfuye Gusa Nkashebuja Wabo. Nimureke Uburundi Igihugu Imana Yitoranirije Yanyene Irabubona Kandi Yishurira Kugihe Mwebwe Abanyarwanda Muriboto Nababirigi Twarabikuyeko Mweho Ninkakaraya Kokeje Nibindi Bihugu Bidutumako Nka Somari Nahandi Mwitonde Kugira Mubeho

  • ariko se icyo Perezida yabeshye ni iki ? ntimwirirwa mwica kuva mu gitondo kugeza ku mugoroba. ingabo n’abaporisi bamaze iki ? kuko batarinda abaturage. ahubwo bakaba ari bo babica. fdrl mwikururiye muzayibona, ntikina. ariko mwembi ntimuzibeshye ngo muze mu gihumbi cy’imisozi igihumbi mutazatikirirayo.

  • Kuki mu RWANDA KAGAME yanga umuntu wese uvuze yuko bakwiga UWATEJE GENOCIDE yo mu RWANDA.. MUFORE NI HABYALIMANA wayiteje cyangwa ni KAGAME??????????????????????????????????????????????????????????????????
    Mu RWANDA ubajije icyo kibazo bucya yapfuye, ikiziga kiwe ntihagire ukibona.
    Iyo babajije KAGAME umuhisi NTARYAMIRA na HABYALIMANA ararakara cyane... none ari kwivanga mu bibazo by’i BURUNDI ahishira amabi ya GENOCIDE yateje mu RWANDA...
    Mugabo impuwe afisiye ABARUNDI n’izi IMPYISI ni AMALIRA ya BIHEHE...
    Ejo n’ejo bundi AMATEKA azabimubaza
    L’HISTOIRE NE PASSE PAS MAIS ELLE EST TRANSFORMÉE

  • NYAKUBAHWA H,E PAUL KAGAME. YABAHAYE GASOPO . KO IBYO MULIMO MWICA ABANA ABAGORE ABAKECURU ABASAZA NIMUTABIHAGALIKA VUBA . MURAHURA NIBIBAZO. MUZEHE WACU NDAMWEMERA NTAJYA ALIPFANA. KUVA YABIVUGA NDABONA AGAHENGE KATANGIYE KUBONEKA MUKOMEREZAHO.

  • BarundI igihugu cacu ntabwo na rimwe tuzorindira abazungu guhagarika genocide nkumugambi wa nkurunziza .President kagame avugisha u kuri president wacu numwicanyi.Merci

  • Muzotinda muhinyuka, nta génocide Imana yosubira kwemera, ubunyamaswa bwabaye mu Rwanda ntawutabuzi kandi ntawutobutinya kiretse abo bwahaye turabazi arinabo bagomba kuguma babukamisha muri afruka yose. Ndavyemanze ntamututsi yosimbira k’umuhutu ngo atemagure atari abo banyarwanda batanezerwa n’ingene abarundi bari bibaniye mwino mwaka bobo rero bakaba batipfuzako icitwa umuhutu cogira aho kiramutswa, abo rero bariyemeje nkuko babigize 94 ko abatutsi ataburyo bafise bazokwemera bakabashora kw’icumu kubuhahamizi bw’ubutegezi bwabiyita abakire babatutsi kandi ngo bincabwenge bazi gutekinika politike yoguhonya abantu nacanecane abiyita abava uganda abo rero ngo nibobami babatutsi muri kano karere biteguriye kwiyegurira imitungo yaho. Sinzi rero yuko abo batutsi biteguriye gutangako ishikanwa kugira bandikishe génocide amarira y’imiryango yabo bafise ico bazoyahoresha. Ndibuka mumisi iheze kagame yivugira imbere y’abanyagihu biwe yuko ngo yumva tanzania, congo n’uburundi ngo hari ubutare akibaza igituma mu rwanda atabuhari akabura, araberekako agiye gukora uko ashoboye ubwo butare akaburonderera laisser-passer yokwinjira mu rwanda ngiyo rero laisser passer arahaye ayirondera mugutera akavuyo mwaka karere ngo bikunde ahe inzira yokwinjira ubwo butare.

  • Nakure Amajambo Twe Abarundi Twikorere ! Niba Urwanda Rwamunaniye Gutwara Ashaka Uburundi ? Haaa Agiye Kubasazira Nabi Kweli.

  • Nakure Amajambo Twe Abarundi Twikorere ! Niba Urwanda Rwamunaniye Gutwara Ashaka Uburundi ? Haaa Agiye Kubasazira Nabi Kweli.

  • Ariko urwanda na perezida warwo bafise ikibazo!ese paul kagame arashaka iki kuburundi!arabaza amateka yingabo zigihugu cuburundi;nareke urusaku arumuntu wumugabo,aje munguvu abarundi bamwereke ko uhereye kera no kubami ko atarwanda rwigeze gutsinda uburundi!nasubire kubaza amateka yabarundi uherey kera,canke yibome abone ayo inkoko yaboneye kumugezi!

  • umukuruwigihugucugwanda ivyo arikakorvyosebizamugaruka ahonkurunzizayabukarangayarimusiyurujo abrundituramazekumwanga cane cane cane namaso amunanira

  • kagame arikoyoba akomeye ashakako uburundihaza amacakubirinkurunzizasumwana aziporitike kandiyumveko ibibazo atarikarambe abanyagwandamuranarindamwemera umununkuho bizoherasikeranivuba nambayankatwebwedukunda abasenga twebwe abarundituramwangacane kagame ibimutera umunezerobigiyeguhera ashagwe amaramare arishenkihene

  • Abi Burundi No Murwanda Twari Dukwiye Gusangira Akabisi Nagahiye Kuko Muraziko Turyana Turibamwe Ninyamaswa Zirasangira Ishamba None Tuzashirana He???

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.