IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa arasubira kwumvirizwa mu butungane

Petero Karaveri Mbonimpa arasubira kwumvirizwa mu butungane

lundi 12 Rusama 2014

Umukuru w’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe yasubiriye gutumwako mu butungane. N’aho ku mutahe batanditseko ico bamuronderera, Petero Karaveri Mbonimpa arongoye APRODH avuga ko yiyumvira ko ari ibijanye n’ivyo yashikirije ko hari urwaruka rutwarwa i Kiliba muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu myimenyerezo ya gisirikare.

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues) arasubira kwumvirizwa n’inyamiramabi kw’i Jabe. Ku mutahe yarungikiwe, ntibanditseko ico bamuronderera, ariko Mbonimpa Petero Karaveri akavuga ko vyoba bijanye n’ivyo yashikirije ko umukozi w’igendereza ry’Uburundi azwi kw’izina rya Kazungu yama mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu karere ka Kiliba Ondes ahavugwa ko hajanwe urwaruka mu myimenyerezo ya gisirikare. Abanyagihugu bo muri ako karere nibo batanguye kumenyesha ko bibonera Kazungu yinjiza urwo rwaruka, akongera akaruzanira imfungurwa aherekejwe n’abajejwe umutekano bambaye impuzu z’igisirikare c’Uburundi, ku butaka bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Mbonimpa Petero Karaveri avuga ko afise ivyemeza vyose ko amakuru yatanze ari ay’ukuri, akamenyesha kandi ko yiteguriye kubishira ahabona, aho akavuga nk’amasanamu y’abaheruka kuhasiga ubuzima, amazina n’amasanamu ya rumwe muri urwo rwaruka rufise ibirwanisho, hamwe n’amazina ya bamwe muri urwo rwaruka bapfunzwe inyuma y’ugukurwa aho i Kiliba.

Ariko rero, n’aho avuga ko afise ivyemeza vyose, Petero Karaveri Mbonimpa aratangazwa n’ukubona ubutungane bw’Uburundi budashaka kubikorerako, ahubwo bugasa n’ubushaka gutera ubwoba uwashikirije ayo makuru. Kw’isaha zitatu z’agatondo ko kuri uwu wa mbere akaba ariho Mbonimpa Petero Karaveri ahava yitaba inyamiramabi.


Egide Nduwimana

Messages

  • biratey’amakenga cane kandi harimwo ibibazo vyishi.mbega batweruka mbonimpa kumuter’ubwoba kubintu yashikirije kandi vy’ukuri nka axiome bazokangwa nyarucari nka democrate mu rugombo?

  • Jewe ndumva ariwe avyitera ko baguma bamuhamagara kuko nimba ivyo vyemezo abifise nabishire ahabona vyose areke kuguma abahishirira avyerekane hama bose babibone kuko leta iguma ibihakana nawe atabitomora atume ahora.

  • Mbegiterabwoba,gombubihoze mutama bagira babizi,wewenutubikire ayo ma Dossiers yabo,nibwaca bazobisigura neza icobagomba gushikako.ubwo butungane bwabo turabuzi.

  • Mutama wewe twogusaba ubike kure ayo ma dossiers yabo nibwaca tuzoyakenera.hama ubareke bibazishe ivyobazi nkamwarimu.Bahanze wewe ubona umunyagihugu mutoya..!!baca basafisha.ivyobakoranibimbe bigerako.

  • Vyobavyiza aberetse ukwafata ama photo yaphotoye umuntu yamushize mubicu kanduwomuntu atigeze ajamubicu nkukoyabivuze cagihe ca Bamvuginyumvira!

  • None aroreyiki ? Natware iyayandimaraporo ari canke aryakara un nasinduhije bavyikorere nibashaje

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.