IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Karaveri Mbonimpa : Reta ishira imbere inyungu zayo mu (...)

Petero Karaveri Mbonimpa : Reta ishira imbere inyungu zayo mu biganiro

jeudi 28 Rusama 2015

Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH amenyesha ko biteguye kubandanya ibiganiro na Reta y’Uburundi bibera muri MENUB, ariko habanje kwumvikanwa ku cotangura kuganirirwako, n’icoherezwako.

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abanyamerika Voix d’Amerika, Petero Karaveri Mbonimpa yavuze ko Reta y’Uburundi ishira imbere gutangurira ku ganira ku ngaruka aho gutangurira ku catumye ibintu bishika aho bigeze.

Petero Karaveri Mbonimpa avuga ko bahereye ku kibazo c’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ari naco nyamukuru catumye haba imyiyerekano vyofasha kuko arico kigoye, bagahereza ku bibazo vyoroshe ari navyo vyoroshe gutorera inyishu.

Yemeza ko biteguye gusubira mu biganiro ariko habanje kuba umwumvikano na Reta kuko Reta ishira imbere inyungu zayo,igashira inyuma inyungu z’abandi.

Mwomenya ko ivyo biganiro vyari vyatanguye kw’igenekerezo rya 5 Rusama mu bigo vy’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi MENUB, ariko inyuma y’urupfu rwa Zedi Feruzi yari arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga, abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike n’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi baciye babihagarika.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Iciyumviro canje, nuko nyakubahwa umukura w’igihugu cacu c’uburundi yoreka ikiringi ca gatatu kugira amahoro n’umutekano bibineke mu BURUNDI

  • Ego cane nanje niko mbona nareke gusesa amaraso twabihaze.

  • emma
    mutama mbonimpa wahereye kera ugwanya reta ngo zakiriba nibiringo ngwi mbonerakure kumbe mwashaka gutembagaza reta , mbonimpa barira arya makomine nayo mashirahamwe murikumwe mukure abobantu mwibarabara kuko nimwe mwabatumyeyo ataruko nintambara m

  • emma
    mutama mbonimpa wahereye kera ugwanya reta ngo zakiriba nibiringo ngwi mbonerakure kumbe mwashaka gutembagaza reta , mbonimpa barira arya makomine nayo mashirahamwe murikumwe mukure abobantu mwibarabara kuko nimwe mwabatumyeyo ataruko nintambara m

  • IcAombona,abanyeporitike.Bose,bokwicarahamwe,atakwinubana,bagatorerahamwe,inyishu,yuburundi,abonabo.Bahayintambara.Mbega.Baziko,nabobadafise.Inyamanamaraso?.Barundi,ntimwibagire.Agahitiye,kuk.Muburundi,sikwa.RAMBO.Ibisigaye,ntimumbaze.

  • Ariko nibintu bitwengeje abarundi, ese none Petero Karaveri Mbonimpa ko avuga ngo ntibaharanira ivyicaro vya politike ubu yambaye ikaravati ari muriyo nama yabanyepolitike arondera iki? nagume hanze abanye politike biyumvikanire, ntimubone twinumiye basha, abarundi twarabahinyuye muragendere ahandi.

  • Nkurunziza Pierre Komezawica Abarundi Ariko Urarye Urimenge!La Haye Iragutegereje.Doreko Arimwe Rwashiriweho!Ndavuga Africans Presidents

  • Mutama kwega umurego!abo bose ntibagutre ubwoba ,ejo bazoba bakwita "MANDELA"

  • Jewe Ivyo Mbona Claver Urumunyapolitike Akwijibisabwa Ja Kudepoza Muri Ceni Wiyamamaze Kuko Uranyegera Ugakora Poritike Mwibanga. Ese Ayo Majambo Uvuga Nayabadaharanira Politike Canke Nayabanyepolitike?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.