IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza ahejeje kubogozwa mu mabanga yo kurongora (...)

Petero Nkurunziza ahejeje kubogozwa mu mabanga yo kurongora Uburundi

mercredi 13 Rusama 2015

Bihweje ubuzima bugeramiwe mu mice yose y’igihugu no kwidadira ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza hahonyanzwe ibwirizwa shingiro n’amasezerano y’i Arusha, abarundi bene igihugu bamenyesha ko bagiye kwifatira ibintu mu minwe, nk’uko vyamenyeshejwe na General Major Godefroid Niyombare.

Inyuma y’iminsi itari mike hariko haba imyiyerekano mu gisagara ca Bujumbura, hagati mu gihugu ndetse no mu bihugu mpuzamakungu biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kuko kuri bo ari ihonyarwa ry’ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha. Bamwe mu bagize urwego z’umutekano ni za gisirikare hamwe na bandi bose banyotewe gusubizaz iteka Uburundi basohoye itangazo aho bamenyesha ko bahejeje gufata ingingo yo ku bogoza Petero Nkurunziza mu mabanga yo kurongora igihugu kandi bongera bahagarika Reta y’Uburundi.

Nk’uko vyasomwe na General Major Godefroid Niyombare, yahoze arongoye urwego rw’igendereza inyuma yukubogozwa muri ayo mabanga kuko yari yerekanye aho ahagaze mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, aramemenyesha ko bihweje ubuzima bugeramiwe mu mice yose yo mu gihugu, kwidadira ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kandi ari ikiringo gihonyanga ibwirizwa shingiro n’amasezerano y’i Arusha, gushaka kwiha ikiringo ca gatatu asuzuguye akamo k’abarundi, akarere eka n’amakungu yamusaba kuvavanura nico kiringo ariko akaguma acidadiriyeko. Aho avuga kandi ko hatotejwe ubumwe bwabiyamiriza ikiringo ca gatatu cari gushobora gucanishamwo inzego z’umutekano, bihweje ibikorwa vyakagwi nkorabara kari inyuma ya Petero Nkurunziza, ubusahuzi kw’itunga ry’igihugu.

Abarundi bene igihugu kandi banyotewe gusubiza igihugu cabo mu nzira nziza bahejeje gufata ingingo yo kwifatira mu minwe kazoza kabo banamenyesha ko bahakanye ikiringo ca gatatu kitari gikurikija amategeko,. Aho bakanamenyesha ko babogoje Petero Nkurunziza mumabanga yiwe yo kurongora igihugu ndetse banahagaritse na Reta yiwe.

Urwo rwego rurahamagarira inzego z’umutekano gucungera abanegihugu atawe bakumiriwe, abanyagihugu bubahirize umutungo w’abandi banyagihugu, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike kubandanya bafatanye mu nda.

General Major Godefroid Niyombare aranamenyesha ko hashizweho umurwi ugiye kuzokorana urukumwe n’abanyepolitike batandukanye, abaserukira amadini kugira ngo barabire hamwe igikwiye gukorwa Uburundi busubire bufate inzira nziza, hongere habe icuka ciza gishobora gufasha mu kwitegurira amatora. Baranahamagarira amakungu kubandanya bari impande y’Uburundi nkuko bamye muri bino bihe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.