IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PISC Burundi isaba UA guha agaciro ivyipfuzo vy’abarundi

PISC Burundi isaba UA guha agaciro ivyipfuzo vy’abarundi

dimanche 27 Kigarama 2015

Ihuriro ry’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike PISC Burundi rirashimira abashingamateka n’abakenguzamateka kuba barateguye ikiganiro aho bashikiriza aho bahagaze ku bijanye n’umuzo w’abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bo mu rwego rwa MAPROBU mu Burundi.

Mw’itangazo rya PISC Burundi ryo kuwa 23 Kigarama 2015,PISC Burundi imenyesha ko abashingamateka n’abakenguzamateka bakoze igikorwa cabo co guserukira abanyagihugu mu kweerekana aho bahagaze ku bijanye kandi n’ibihuha vy’ihonyabwoko mu Burundi.

Muri iryo tangazo PISC Burundi imenyesha ko Uburundi bwugarijwe n’ibihe vy’ububeshi kandi ko bifise ingaruka ku gihugu cose.

PISC Burundi isaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika guha agaciro ivyipfuzo vy’abarundi no guhagarika umugambi wo kurungika abasirikare mu Burundi kuko ata honyabwoko ririko rirategurwa.

Mu kurangiza PISC Burundi imenyesha ko igikenewe cane ku barundi ari ugufashwa mu bijanye n’uburyo n’ibikoresho kugira barwanye ubukene.

Van Naris Mugisha

Messages

  • Komera pisc burundi uvuga ukuri nkukurima

  • NTABODUSHAKA NTABODUSHAKA NIBAZAKUNGUVU RETA ITURONDERERE IBIKORESHO GUSA!TUBAKOREREKO NABABIRIGI TWARABIRUKANYE ABOBO NAKAYI HAGURUKA BARUNDI DUHARANIRE DEMUKARASI

  • MUBISANZWE ABO BAVUGA NGO BARI MU MASHIRAHAMWE ADAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIQUE,NI ABEMEZA IKIRINGO CA GATATU.KUKI BANKA IZO NTEKO KO ZIZA?BASHAKA AHO BASHISHIKARIRA KUTUNIGAGURA ATA GITABARA!MBEGA WOBA UFISE AMAHORO HO WOKWANKA UGUCUNGERA?YEMWE YEMWE,NDASEMEREYE NK’UMUNYAGIHUGU MUTOYA NTI:<<IZO NTEKO NI ZIRUNGIKWE VUBA>>

  • NTABODUSHAKA NTABODUSHAKA NIBAZAKUNGUVU RETA ITURONDERERE IBIKORESHO GUSA!TUBAKOREREKO NABABIRIGI TWARABIRUKANYE ABOBO NAKAYI HAGURUKA BARUNDI DUHARANIRE DEMUKARASI

  • NTABODUSHAKA NTABODUSHAKA NIBAZAKUNGUVU RETA ITURONDERERE IBIKORESHO GUSA!TUBAKOREREKO NABABIRIGI TWARABIRUKANYE ABOBO NAKAYI HAGURUKA BARUNDI DUHARANIRE DEMUKARASI

  • Mbe mubankir’iki abo basoda mva makungu? Har’ico mwiyagiriza? Biragaragara neza ko reta ya Nkurunziza,ifis ubwoba kubera amabi bakora. Banka ko vyogaragara!!Mais babinyegez barek,vyos bizogaragara kuri wamusi!!

  • Komere cane Mwene namwe mashirahamwe koko mudaharanira ivyicaro vya poritic. Abaobasoda tubiyamirize ntibakenewe iwacu iryohonya bwoko bipfuza barigize umutahe kuko barabonye ko Kagame ryamuhaye buryabuhanga yanitse harya suko bimubabaje abushira harya ngo abazungu bamusukire amahera nano aribo batumye vary a batutsi bapfa. Bo kuribo namahigwe uwapfuye yarijanye basigaye bitungiye ayavuye kuriburya buhanga birigwa babwanitse kugahainga. Birababaje nibabahambe bavekurusi.

  • Komere cane Mwebwe nimwe mashirahamwe koko mudaharanira ivyicaro vya poritic. Abaobasoda tubiyamirize ntibakenewe iwacu iryohonya bwoko bipfuza barigize umutahe kuko barabonye ko Kagame ryamuhaye buryabuhanga yanitse harya suko bimubabaje abushira harya ngo abazungu bamusukire amahera nano aribo batumye vary a batutsi bapfa. Bo kuribo namahigwe uwapfuye yarijanye basigaye bitungiye ayavuye kuriburya buhanga birigwa babwanitse kugahainga. Birababaje nibabahambe bavekurusi.

  • Murakoze banyakwubahwa maze muzoryebike ariko mwirinde gucurika igihugu canyu camacukiro murakaramba kandi tinda.

  • HIVI MMEKUAJE WARUNDI? KILA SIKU WATU WANAUAWA NA VIKOSI VYA SERIKALI HAMUONI IPO HAJA YAKUSAIDIWA NA VIKOSI VYA KIGENI?

  • Umusi Reta uhayagiza yishe mwene so canke umwe mubo mumuryango uzosubira kuvuga iki?Burya ntihica ubwoko hica intwaro mbi.Mbega abo basoda baje hokononekara iki nimba abarundi turi mu kuri?Nashaka nsabe umurundi wese ahari areke gukwirikira abadukwegera mu ngorane kubera amaronko.Reka kuba nsumire inda, vuga ukuri nimba wemera Imana.Ayo baguha kugira ugurishe ukuri kwawe uzoyarirahe? Sadam, Khadafi, Mubutu, n’abandi ntavuze hamwe n’abajenerari bamwebamwe ntibaribatunze cane none ubu barihe? y’amahera ari he?Reka kwihambirira kuvy’isi ariko turondere ivy’ijuru.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.