IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Portugal yatahukanye igikombe ca mbere mu mateka y’inkino za (...)

Portugal yatahukanye igikombe ca mbere mu mateka y’inkino za Euro

lundi 11 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu wa Portugal batahukanye igikombe c’ihiganwa rya Euro 2016, igikombe caciye mu myanya y’intoke abakinyi b’Ubufaransa bari bavyifashemwo neza, kandi bakaba bariko bakinira iwabo, imbere y’abarorerezi isinzi babo hamwe n’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

Igitsindo kimwe conyene co muri urwo rukino, cinjijwe n’umusatirizi wa Portugal, Eder yambara inomero icenda, akaba hari ku mu gice ca kabiri c’umwanya w’inyongera (Prolongation).

Umurwi wa Portugal watahukanye ico gikombe mu gihe wari utari kumwe n’umusatirizi wawo rurangiranwa, kizigenza Cristiano Ronaldo yasohotse ku munota wa 24, asubirizwa kubera ububabare yagize mw’ivi, bimwankira kubandanya urukino.

Iminota 90 y’urukino yaheze ari ubusa ku bundi, hongerwako iminota 30 ari nayo yatandukanije iyo mirwi yompi. Ku munota w’109, umusatirizi Eder yinjije igitsindo cahaye intsinzi Portugal.

Mu kibanza c’abasubirizi aho yari yicaye inyuma y’ugusohoka mu kibuga, Cristiano Ronaldo yaguma aha impanuro bagenzi we bari mu kibuga, abatera intege, mbere biboneka nk’aho ariwe yabaye umumenyereza.

Ico gikombe Portugal yatahukanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana kibaye ica mbere mu mateka y’ihiganwa rya Euro rihuza imirwi nserukirabihugu vyo ku mugabane wa Buraya (Euro).
Uwo murwi wa Portugal yaheruka gukina urukino rwa nyuma mu mwaka w’2004, aho watana mu mitwe n’Ubugiriki, ariko ico gihe akaba ata mahirwe Portugal yaronse w’ugutahukana intsinzi.

Amwe mu mafoto yaranze urwo rukino


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.