Accueil > Amakuru > Mu makungu > R.D Kongo : Umuhari mushasha wasubiriye FDLR
 R.D Kongo : Umuhari mushasha wasubiriye FDLR
 R.D Kongo : Umuhari mushasha wasubiriye FDLR
				
				mardi 13 Rusama 2014
Mu Buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, havutse umuhari mushasha, uwo nawo ukaba ugiye gusubirira umuhari usanzwe urwanya Reta y’Urwanda FDLR.
Amashami abiri yamuka kuri FDLR ariyo FDLR-FOCA na FDLR-RUD hamwe na Mai Mai, akaba ariyo yaroye hamwe mu Buseruko bwa Kongo, maze ashiraho umuhari witwa PPH (Protection du Peuple Hutu) uyo nawo, ukaba ari umuhari ugiye gusubirira FDLR wari usanzwe urwanya Reta ya Kigali. Abasirikare ba MONUSCO bakavuga ko ayo makuru bayafise kuva ku wa 6 Rusama uyu mwaka, ko uwo muhari wavukiye ahitwa Luofu mu maja Epfo ya Lubero, ku birometero 120 mu Buraruko bwa Goma.
Mukamenya ko uyo muhari, ufise abasirikare mu tundi duce twa Masisi na Rutshuru nk’uko bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE.com babivuga. Mu gisirikare ca Kongo iharanira intwaro rusangi, bakaba bavuga ko iperereza rigiye kubikurikiranira hagufi, kugira ibivugwa kuri uyo muhari mushasha bimenyekane.
Aristide Nizigire

Messages
13 Rusama 2014, 16:56, par Josua
Bon idée. ATI kuki ubu bwoko butagarukiwe ntankeka Kagame na Nkurunziza barabumara. Jewe ndabashigikiye ndetse no guterera nzobaterera. Reba ingene Nkurunziza atema agatongora I Burundi. Il faux ko Palipehutu-FNL yongera ikavuka mu Burundi kugira du protege nos peuple.
13 Rusama 2014, 22:48, par dodo
ewe josua uratwenza ubwenge bwawe ni ifuro ucifuza intambara ntaco urabona sha abahutu numubanze mwugarukire kwanza imbere yogusaba kugarukirwa
14 Rusama 2014, 04:49, par baza
Nikuki abahutu mudakomeye neza mumitwe,ejo hari fdlr uyumunsi haje PPh:mbega iyomigwi nibahura bazasuhuzanya cangwase n’amasasu azumvikana? Ngaho reba ivyo CNDD FDD bariko bakorera. CNDD,FRoDeBU na FNL. None mubona aba hutu bakomeye mumitwe?
14 Rusama 2014, 18:07, par gaga
ewe mumenyeshamakuru ahorero urahawe amahera nguvuge ivyo utazi uzi ko ataho utaniye numwe yavuga ngo yabonye imbonerakure zapfiriye muri congo urwanda ruya bayabahe ayo mafranga kuko mwarayakoreye
15 Rusama 2014, 00:01, par Sivyondimwo
Mwe Mwiyumvira Ivyintambara Mweho Mwarazimiy Nimukoresh Amategeko Nka Mose Yicishijw Amabuye!!Hasta!
15 Rusama 2014, 06:20, par Jean
Qui veut la paix prepare la guerre!!!
30 Mukakaro 2014, 14:51, par kizito
Umuntu wese usoda,umunyagihugu,umureberi,Reta ya Congo,Reta y’urwanda,Reta y’uburundi,tubasavyekwihumvira Amahoro numutekano kubera Amaraso amazeguseseka imbereyimana arateye agahinda