IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta iri mu nama n’abaserukira ibihugu vy’Afrika mu Burundi

Reta iri mu nama n’abaserukira ibihugu vy’Afrika mu Burundi

vendredi 8 Rusama 2015

Hari inama iriko ihuza Reta y’Uburundi n’abaserukira ibihugu vy’Afrika mu Burundi, aho Reta yipfuza ko ivyo bihugu vyoyishigihira ku kirangaminsi c’amatora.

Nk’uko tubikura ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Daniel Kabuto, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Reta y’Uburundi yipfuza ko abaserukira ivyo bihugu vy’Afrika mu Burundi, batosaba ko amatora yegezwa inyuma, mbere bakanatera ivyatsi ubwicanyi buriko buba. Reta y’Uburundi rero, igasaba abo baserukira ibihugu vyabo, ko horungikwa n’abaza kurorera amatora.

Reta y’Uburundi rero ikaba yatumyeko iyo nama y’abo baserukira ibihugu vy’Afrika, inyuma y’aho uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika Nkosazana Dlamini Zuma agiraniye ikiganiro n’umumenyeshamakuru Girum Chala. Dlamini Zuma avuga ko, aravye ingorane zatewe na Petero Nkurunziza aho ashaka kwitoza mu kiringo ca gatatu c’ukurongora Uburundi, bikanatuma haba imishamirano, abantu batari bake bagahunga, amatora adashobora kuba. Avuga kandi Petero Nkurunziza yakoze ibidakorwa.

Ubumwe bw’Afrika butera akamo Uburundi guhindura ikirangaminsi c’amatora, kubera ibihe Uburundi burimwo, biterekana ibihe vyiza vyotuma haba amatora.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.