IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Reta y’Uburundi yatanguje amashure atandatu y’akarorero

Reta y’Uburundi yatanguje amashure atandatu y’akarorero

vendredi 2 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Amashure atandatu y’akarorero agiye kwugururwa mu mihingo ine y’igihugu c’Uburundi kuva mu ntango z’uwu mwaka w’ishure wimirije w’2016 ushira uw’2017. Ubushikiranganji bw’indero, amakaminuza n’ubushakashatsi bwamenyesheje ko abanyeshure bazokwiga kuri ayo mashure ari ababaye aba mbere ku rwego rw’intara, mu myaka ya gatandatu, muy’icenda hamwe n muy’icumi. Abo mu mwaka wa gatandatu ariko bakazobanza gukora ikibazo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA ajejwe indero, amakaminuza n’ubushakashatsi yamenyesheje ko ayo mashure atandatu agiye kuba ay’akarorero ari Lycée Musenyi y’i Ngozi, Lycée Kiremba y’i Bururi, Lycée Notre Dame de la Sagesse yo mu ntara ya Gitega, Lycée Rusengo yo mu ntara ya Ruyigi, Lycée Saint Marc yo mu Ngagara hamwe na Lycée Ngagara yo mu Ngagara nyene, mu gisagara ca Bujumbura.

Amashure azokwakira yisunze intara ziyegereye

Umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA yamenyesheje ko mu buraruko bw’igihugu, abanyeshure bo mu ntara za Ngozi, Kayanza, Kirundo na Muyinga, bazokwiga kw’ishure rya Lycée Musenyi mu ntara ya Ngozi.

Abanyeshure bo hagati mu gihugu, mu ntara za Gitega, Karusi, Mwaro na Muramvya bazokwiga kw’ishure rya Lycée Notre Dame de la Sagesse riri mu ntara ya Gitega.

Abanyeshure bo mu bumanuko bw’igihugu mu ntara za Rumonge, Bururi na Makamba, bazokwiga kuri Lycée Kiremba iri mu ntara ya Bururi.

Abanyeshure bo mu burengero mu ntara za Bujumbura, igisagara ca Bujumbura, Bubanza, hamwe na Cibitoke bazokwiga mu mashure abiri : Lycée Saint Marc iri mu Ngagara, hamwe na Lycée Ngagara iri mu Ngagara nyene, mu gisagara ca Bujumbura. Umushikiranganji yasiguye aho ko amashure abo mu burengero bahawe amashure ari abiri ku mvo z’ibitigiri binini vy’amashure ari muri ako karere.

Abanyeshure bo mu buseruko mu ntara za Ruyigi, Cankuzo na Rutana, bazokwiga kw’ishure rya Lycée Rusengo riri mu ntara ya Ruyigi.

JPEG - 39.2 ko
Janviere NDIRAHISHA, umushikiranganji ajejwe indero, amakaminuza hamwe n’ubushakashatsi

Ibisabwa ku munyeshure

Umushikiranganji w’indero, amashure ya Kaminuza hamwe n’ubushakashatsi yamenyesheje ariko ko kugira umunyeshure ashobore kwinjira muri ayo mashure y’akarorero, azobanza gukora ikibazo kimuha ubwo burenganzira.

"Ku binjira mu mwaka w’indwi w’ishure shingiro, hazokorwa ibibazo mu vyigwa vy’igifaransa n’ibiharuro. Ku bana bahejeje umwaka w’icenda n’uw’icumi nabo, bazorungikwa muri ayo mashure bafatiye ku manota baronse mu kibazo ca Reta bakoze, gitanga uburenganzira bw’ukwinjira mu gice ca kabiri c’amashure shingiro."

Umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA avuga ko abanyeshure baja mu mwaka w’indwi w’ishure shingiro barekuriwe gukora ico kibazo kizotangwa ari ababaye aba mbere mu mwaka wa gatandatu wose, bakaba bavyipfuza, kandi bo mu mashure yose yo mu Burundi. Abo babwiwe ko ico kibazo kizotangwa kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga 2016, igihe c’isaha zibiri, ku mirwa mikuru yose y’intara z’igihugu c’Uburundi. Abo banyeshure bagasabwa gushika imbere y’umunsi umwe, bitwaje "Bulletin" y’amanota yabo, mbere baherekejwe n’abavyeyi babo.

Ubushikiranganji bw’indero, amashure ya Kaminuza n’ubushakashatsi bumenyesha abo banyeshure bazoja gukora ico kibazo ko bazosubizwa amafaranga yo kwiyunguruza bazoba bakoresheje.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.